Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Consiriya Nibigira yariye akara uwumugamburukira muri UPRONA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Consiriya Nibigira yariye akara uwumugamburukira muri UPRONA

Consiriya Nibigira yariye akara uwumugamburukira muri UPRONA

jeudi 20 Ntwarante 2014

Consiriya Nibigira arongoye UPRONA yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, yasavye abashingamateka b’umugambwe UPRONA gusidukana n’iyonka mu gushigikira abandi mw’iyemezwa ry’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Consiriya Nibigira arongoye UPRONA yemewe na Edouard Nduwimana

Ivyo, uyo mupfasoni akaba yabisavye, mu gihe kuva mu gatondo ko kuri uyu wa 20 Ntwarante imitwe ishushe mu bashingamateka, aho abo mu mugambwe CNDD FDD bari baje mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe kuryemeza, ariko ntivyakunda, kuko abashingamateka bo mu mugambwe UPRONA, bari kumwe n’abo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri bari bamaze gushikiriza amakenga yabo, aho basaba ko ivyohinduka ari ivyo basanzwe bari barumvikanye mu nama yari yatumiwemwo amashirahamwe atandukanye, harimwo n’abanyeporitike ku wa 19 gushika ku wa 20 Kigarama umwaka w’2013.

Consiriya Nibigira arongoye rimwe mu mashami ya UPRONA, akaba asa n’uwumeneye inda ku rukumu, mu gusaba abashingamateka ba UPRONA gufasha abandi mu kwemeza iryo bwirizwa nshingiro, kandi bizwi ko asanzwe agamburukirwa n’umushingamateka umwe rudende, ku bashingamateka 17 bava mu mugambwe wa Rwagasore. Abakurikirana ibintu n’ibindi, bakabona ko ari nk’uguhamagara Bonaventure Niyoyankana basanzwe bacuditse, gufasha abari mu mugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD kwemeza iryo bwirizwa nshingiro atakinya.

Bonaventure Niyoyankana ari kuri Terefone (foto Africatime.com)

Abashingamateka bane umugambwe CNDD FDD wabura kugira iryo bwirizwa nshingiro ryemezwe, bakaba bashobora kuboneka umwanya n’umwanya, mu gihe uwa mbere we asa n’uwubonetse. Abari mu murwi w’abatwa nabo bakaba ataco barashima kubivugako. Mu kamenya ko urwandiko abashingamateka bo muri FRODEBU Nyakuri n’abari muri UPRONA bateyeko umukono, biyamiriza gukuramwo ivyumvikaniwe mu Kigobe, abari mu murwi w’abashingamateka babatwa bakaba atarwo bateyeko umukono, ivyo bikaba biteye amakenga abatari bake mu bakurikiranye ibiganiro vyo mu Kigobe, ku wa 19 na 20 Kigarama, umwaka uheze.


Aristide Nizigire

Messages

  • NTABUKURU BUTAVA KUMANA KANDI NINAY IBWAK UYO YABUHAYE. NTAWARUSHIJE DAWIDI GUFATWA NABI KUNGOMA YA SAWULI ARIKO NTIYIGEZ AMUGARARIZA AHUBWO YABABAJWE N URUPFU RWIWE. UWAMUZANIY INKURU Y URUPFU RWIWE NTIYASHIMYE. REK UMWAMI YIME IYAMUHAY IZOMWAKA.

  • Ndasavye abo baserukira abatwa munama nshingamateka na nkenguza mategeko,bifadikanye nabandi batore iryo tegeko,ntibasamazwe nabo muri iprona,kandi batwa benewacu muritore mwivuye inyuma,nikuneza yabatwe bose muri rusangi,murazi ko namwe mwahohotewe kuva kera,muga mugiye kwibukwa kwiyi L,Etat irongwe na CNDD-FDD.hacire ubwenge rero benewacu BATWA mwese muduserukira,ntihagire numwe abajuragiza yemwe,

  • Mbega ibihemu ,iryoshAno ryumukecuru,ni yombwa umego ntiyonkejwe atarose amaberebere yanyina ubu bagire bagurishe abarundi kubera inda zabo hari igihe bosaga bihemukiye bonyene ngenda muri imihimbiri

  • Bonaventure Niyoyankana: Ko uri muri mission hanze, ni occasion en or.
    Rungika procuration pour un NON, uce usaba ubuhungiro. Aba DDs ntibazogushikira. Si tu votes OUI, ndeke kukubesha, uraca uduga gusezera i Nyangwa. Kuko tugeze aho umwansi ashaka.

  • Ndasavye abo batwa ntibifadikany nabo ba dd na uprodd.babe abashingantahe bagararire ubutwa bwabo bareke niyoyankana atare ubukorotse nibwahera azobura iyaja!

  • Abo benegihugu ba batwa,nibaryemeza n’ubwo butongo tuzoca tububaka!Kuko umwana w’imbeba ahorwa ugwanko rwanyina!

  • UKO NUKURI UHORAHO NIWE ABIREMA AKABIKOMEZA KANDI NIWE YONGERA AKABISAMBURA MWIBUKE MORODEKAYI NA HAMANI UKO VYAGENZE URUCIRA MUKASO RUGATWARA NYOKO

  • Abo bashingamateka babatwa nibihorere gusa baze batore ikiri kumutima wabo hama twese tuzobimenyahgeze noyo kuja hejuru ngo mpagaze aha kubera ukoreshejwecnke uhahwe igiturire canke kugomba gusega kandi utavyiyunvamwo sivyo .

  • ewe concilie urapfuye nabi, urapfuye nka gahini yariye mwenewabo. ariko ubwo ntasoni. hamwe nosubirakukubona muri catedrale ngo uriko usoma igisomwa nzoca nkoma induru kandiwewe tugiye kukuvuga hosebakumenye,uri igitocane

  • Mupfasoni Concilie, tu viens de faire une sortie médiatique médiocre, tu viens de rater ta première sortie médiatique, càd que wokwiha ubuki kuko iyo upfuma unuma uko wahora. Urubahuka ugategeka abo mutavuga rumwe ? Mbe mwari mwabivuganye : Tanga!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Consiliya yaraye agize neza kwerekana kumugaragaro koyinjiye muki dd naho tutari tubiyobewe,nibaze rero kwatamudasigana yosubira guhendwa nabo ba dd ngonabaporona bampema zuzuye,bampemuke ndamuke,ba ntayisomyeko ishake imeneke bataye ibanga,uwomukecuru ubwo ariyumvira kwarimugihugu kirimwo abandi bantu aca mubantu aba mubantu abobantu nyene akaba ariko aragurisha? ubwo arafise umutima nkabandi bantu cank yaramaz kuwucira? jewe nibaza koyarozwe ariko ndaguye ndagarutse ntigahera,azopfa urwo se yapfuye mureke

  • reka abo basangwa butaka bihende batore iryo bwirizwa ça sera leur fin.

  • Nibamurekure nakare yazirubusa,nta muntu numwe barekura burundu bavugako arivyagateganyo.ahobamurekuye nakare yarengana,naho nukubera amakunguyahagurutse,ahubwo nibarekure nabandi barenganijwe nka hussen radjabu,emwe radjabu we sinziko bomurekura urya naho yorwara gute yopfuma apfirayo kuko baramutinya gose.appareil judiciaire nigikoresho CA DD.

  • conso:nzobura ico nguha nkuvuge neza .uwukwanka nawe akwandureko

  • Madame bavuze ko wahora uja kuri Altari gusoma ibisomwa nkaraba ivyo urimwo numvise agahinda.Turi mu karema wibaze uti:Hamwe nopfa ubu noja mw’ijuru canke...urabe ntubure impembo mu magodoka ibikorwa wakorey’Imana ubifishe ubusa.Umwanya wafata ugiye gutegura ijambo ry’Imana ntuwufishe ubusa.umbabarire sinkwubahutse wibuke ko uvukana na Kristu.Yezu ati:Ico cose mwagiriye umwe umwe mur’abo bato bato tuvukana nije mwakigiriye.

  • Concilie NIBIGIRA asubiye gusoma igisomwa imbere yanje nzoca nja muyindi Dini ncanke nigire muri Alshabab kugira

  • EWE CONSILIA UMUGABO WAWE ARAGOREWE MU GITANDA.

  • Ewe conciliya wamaramaye!!none utwara UPRONA itagira umu député!! mupfaso igarure uje muki DD ureke guhenda abarundi erega ntubarush’ubwenge bose!!

  • Abatwa bari bateye imbere bareka kwitwa abayanda ,none basubiye inyuma, ko bari babaye coopté, bagiye kuba abande? nibagire umugambwe wabo,.
    ukize isemu yibagira ica mwirukana ?Baribagiye aka kanya les accords d’ARUHA?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.