IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > COSYBU na CSB zihamagarira abarundi kutitabira umunsi mukuru w’ (...)

COSYBU na CSB zihamagarira abarundi kutitabira umunsi mukuru w’ abakozi

mercredi 29 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Inani mpuzamasendika CSB na COSYBU zirasaba Reta kwubahiriza ubwigenge bwo gushikiriza iciyumviro n’imyiyerekano, zisaba irekurwa ry’abafashwe bari mu myiyerekano ryo kwiyamiriza ukwitoza ubugira gatatu kwa Petero Nkurunziza.

Inyuma yaho ku munsi w’Imana hatanguye imyiyerekano mu gisagara ca Bujumbura co kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, iyo myiyerekano ibaye mu gihe Uburundi bwari bwimirije gufatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mukuru wahariwe abakozi n’akazi. Abarongoye izo nani z’amasendika y’abakozi hano mu Burundi CSB na COSYBU bahamagarira abarundi kutitaba ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi, utegekanywa kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 1 Rusama.

Izo nani zisaba kandi ababijejwe ko ibirori vyo guhimbaza uwo munsi, vyokungurizwa ku rindi sango bitumwe n’iyi myiyerekano iriko iraba yo kwiyamiriza ukwitoza ubugira gatatu kwa Petero Nkurunziza. Izo nani zisaba kandi ko abafatiwe mu myiyerekano borekurwa n’iradiyo RPA ikugururwa.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.