Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isoko ya Cotebu : Abadandaza basaba kwongerezwa ikiringo co (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Isoko ya Cotebu : Abadandaza basaba kwongerezwa ikiringo co (...)

Isoko ya Cotebu : Abadandaza basaba kwongerezwa ikiringo co kwubaka

mardi 6 Nzero 2015

Abadandaza baronse ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya Cotebu bamaze kwubaka mu bibanza bahawe, basaba umurwi ujejwe gutanga ibibanza kwongerereza ikiringo bagenzi babo batarashobora kwubaka kuko babitumwe n’ubukene.

Ushitse mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU, wakirwa n’urwamo rw’amamashini. Bamwe baza barahejeje kwubaka, abandi nabo bariko baramarira ibikorwa. Ariko rero hari uwundi murwi w’abataratangura kwubaka ndetse n’abandi bubatse ariko babicira hagati, kubera ingorane y’uburyo. Abamaze kwubakwa mu makaritiye atandukanye hagati bubakisha ubuyungiro impera naho bakubakisha amabati bagaca basiga irangi ritukura.

Mu gihe rero umurwi wari ujejwe gutanga ibibanza muri iyo soko watangaje ko ibikorwa bitegerezwa kuba vyarangiye kuwa 15 Nzero 2015, abadandaza twasanze aho kw’isoko mfatakibanza ya Cotebu babona ko abatarubaka bobandanya bubaka bakabaha nk’umunsi wa gatandatu canke umunsi w’Imana akaba ariho babandanya ibikorwa, ariko ntibibuze ko abamaze guheza kwubaka batangura gukora kugira bashobore kuriha imyenda bafashe bubaka ivyo bibanza, nk’uko umwe muri abo badandaza Benjamin N. yabidushikirije.

Uwundi mupfasoni yari aho, nawe asaba umurwi watanze ibibanza muri iyo soko kutihutira guha abandi ivyo bibanza, kuko banyenevyo kutabaye ukuba ibigaba, ahubwo n’uko bariko barondera uburyo na cane cane ko ibiciro vy’ibikoresho vyaciye biduga ibindi navyo bikabura. Abo badandaza babona kandi ko gutanga ivyo bibanza babiha abandi vyohava bituma abaguzi (Clients) bari bafise mw’isoko ya Bujumbura batahahurumbira, bigatuma barinda kumenyereza gushasha.

Umukuru w’umurwi ujejwe gutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU, Melchior Simbaruhije yemeye ko baziga ico kibazo, nibabona bibaye nkenerwa ko bongereza ikiringo bakaba bazobikora.

Tubibutse ko iyo soko ifise ibibanza 2379, ikibanza kimwe kikaba cubakwa ku mafaranga angana n’umuriyoni n’inusu, amafaranga abo badandaza bavuga ko abagora kuronka narirya abatari bake bahishirije ibintu vyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.