Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
COTEBU : Abadandaza ntibitavye isango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > COTEBU : Abadandaza ntibitavye isango

COTEBU : Abadandaza ntibitavye isango

lundi 9 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Abadandaza ntibitavye akamo batewe ko kwugurura ibikorwa kw’isoko mfatakibanza ya COTEBU kuri uno wa 9 Ruhuhuma.

JPEG - 48.8 ko
ku bwinjiriro bw’isoko mfatakibanza ya COTEBU

Mu gihe kuri uno wa mbere ariho hari hategekanijwe ibikorwa vyo gutangura kudandariza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU, nta mudandaza n’umwe yitavye akamo bari batewe na Melchior Simbaruhije, umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akongera akaba n’umukuru w’umurwi ujejwe gutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU, igihe yamenyesha ko yongereje ikiringo kubataraheza ibikorwa vyo kwubaka.

Abo badandaza bavuga ko batitavye ako kamo kuko ata na kimwe kibemeza ko umutekano w’ibidandazwa vyabo uzoba wubahirijwe, ndetse bati : "Haracariho umwanda." Ariko rero, n’ubwo abadandaza batitavye ako kamo, mu murwi ujejwe gutanga ibibanza muri iyo soko barafise icizere ko abo badandaza bazokwitaba ako kamo vuba.

Tubibutse ko imyaka ibiri iheze abadandaza baburiye ivyabo mw’ isoko nkuru ya Bujumbura, gushika ubu barindiririye gukorera muri iyo soko mfatakibanza yo kuri COTEBU, aho ni mu gihe kuva iyo soko igisha, bari bahawe icizere ko mu mezi abiri gusa bazoba batanguye gukorera muri iyo soko.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.