Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
COTEBU : SYGECO isaba ko ikiringo co kwubaka co kwongerezwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > COTEBU : SYGECO isaba ko ikiringo co kwubaka co kwongerezwa

COTEBU : SYGECO isaba ko ikiringo co kwubaka co kwongerezwa

mercredi 14 Nzero 2015

Ishirahamwe rihukiyemwo abadandaza SYGECO risaba umurwi ujejwe gutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU kwongereza ikiringo ku badandaza bakiriko barubaka, kuko abashika ku bice 15 kw ‘ijana bataraheza kwubaka mu bibanza bahawe muri iryo soko.

Umukuru w’ishirahamwe SYGECO (Syndicat Général des Commercants), Audace Bizabishaka yasavye ko ikiringo co kwongerezwa kuri abo badandaza kuko ku bwiwe naho boreka abadandaza bamwe bahejeje kwubaka bagakora, ibikorwa vy’abataraheza vyokoroga abahejeje.

Bamwe mu badandaza bahejeje kwubaka bobo siko babibona, bavuga ko abataraheza batobuza ko ibikorwa bitangura kuko bafashe imyenda mu kwubaka muri ivyo bibanza, bamaze kudandaza vyobafasha kuriha imyenda bafashe. Bo bakaba basaba umukuru w’umurwi ko yoraba bakugurura iryo soko bamwe bakaba baradandaza abandi nabo bakabaha nk’umunsi wa gatandatu canke w’Imana akaba ariho babandanya ibikorwa.

Umukuru w’ umurwi ujejwe gutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU, Melchior Simbaruhije akaba amenyesha ko inyuma y’inama izoba inyuma y’isango bari bahanye ryo kuba barangije ibikorwa ryo ku wa 15 Nzero ariho bazorabira hamwe ko bokwongereza n’uko batokwongereza.

Sendika y’abadandaza SYGECO iranegura kandi uko isoko mfatakibanza ya COTEBU yubatswe kuko iyo soko ari ngufi cane, ku bwabo ngo bari bakwiye kuraba uko baduza igisenge c’iyo soko. Tukabibutsa ko atari sendika y’abadandaza SYGECO ineguye uburyo iyo soko mfatakibanza yubatswe ,n’ishirahamwe OLUCOME ryaragize ico rishikiriza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.