IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Crispus Kiyonga: ’’ Ibiganiro ntivyabaye kugira higwe abobitumirwamwo’’

Crispus Kiyonga: ’’ Ibiganiro ntivyabaye kugira higwe abobitumirwamwo’’

samedi 9 Nzero 2016

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu gihugu c’Ubuganda Crispus Kiyonga amenyesha ko icatumye ibiganiro bihuza abarundi bitaba kw’igenekerezo rya 6 Nzero 2016 i Arusha,umuhuza yabanje kwitonda kugira yige neza abotumirwa muri ivyo biganiro.

Mu kiganiro yahaye iradiyo y ‘abongereza BBC kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 8 Nzero 2016, Crispus Kiyonga yavuze ko mu gihe ku ruhande rwa Reta bamenyesheje ko hari amakenga ku batumiwe mu biganiro i Entebbe vyabaye ngombwa ko babanza kwiga abotumirwa mu biganiro i Arusha.

Crispus Kiyonga yavuze ariko ko,ibiganiro atawe bikumira,bihuza abegwa n’ikibazo ca politike bose mu Burundi, arivyo vyonyene bizotuma igihugu c’Uburundi gisubira mu mahoro n’umutekano vyabonetse bibanje kugorana.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu gihugu c’Ubuganda yavuze ko ibiganiro bitegerezwa guhuza baba Reta,abamaze gufata ibirwanisho hamwe n’abagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi kuko aribo ikibazo c’Uburundi aribo kiraba imbere y’abandi bose.


IGIHE

Messages

  • URUMUGABO WIJUNJA NI JAMBO PEEE!BABWIREE.

  • Komera Nyakubahwa, abonabo batagomba koboja mubiganiro sabarundi ?ndibaza barafise ico batinya ,kuko abobagabo babonye uzakubavugira amabi yabo, amaraso acabahagararana. vyanka vyakunda abobanka kobatoja mubiganiro bazobijamwo kuko bose na bana Buburundi. ukwo nukudatahura kwabo.

  • WAVUGA MUTAMA NUKO UBWIRA INTUNVA BACA UMUGAN MU KIRUNDI UWUTOSORA IFUKU YAMIZA AKATSI MUMASO

  • Uvuze Ukuri Kuko Ntanumwe Atemererwa Kugira Ico Ashikir4je Mugihe Ibiriko Birab Bimubabaza

  • Mwararozwe ubugugu Ingabire iruta izindi n’urukundo igihe cose muciyunvira gushihana mukaba mwiteze yuko ari Museveni canke uwundi uwariwe wese azobafasha gutorera umuti w’urwo rwanko mufitaniye ntiragakira akimuhana kaza Invura ihise

  • Komera mutama,abo ba DD nabo bacagura abo bavugana mubiganiro bamenye ko igihugu c’uburundi umurundi wese agifiseko uruhara,banse ibiganiro ubu burundi bwacu tuzobutabagura kuko iri sitongo rya base naba nyina.

  • Ivyo Biganiro Barabe Ntibiducanishemwo Barabe Bamurek Amare Ikiringo Ciwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.