Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CSLP2 : Uburyo bungana ibice 48 kw’ijana nibwo bumaze gutangwa kuyari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > CSLP2 : Uburyo bungana ibice 48 kw’ijana nibwo bumaze gutangwa kuyari (...)

CSLP2 : Uburyo bungana ibice 48 kw’ijana nibwo bumaze gutangwa kuyari yemewe

vendredi 5 Kigarama 2014

Uburyo bugera ku bice 48 kw’ijana nibwo bumaze kuboneka kuyari yemewe gutangwa mu nama yabereye i Génève mu kwezi kwa Gitugutu umwaka w’2012 yahuza abafasha Uburundi.

Ivyo bikaba bigaragarira mu cegeranyo gikwirikiranira hagufi ivyiyemejwe n’abasanzwe bafasha Uburundi (rapport sur le suivi des engagements des partenaires du Burundi) cashizwe ahabona ku muhingamo wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 4 Kigarama mu nama yahuje abafasha Uburundi (Réunion du forum des partenaires du Burundi).

Muri iyo nama bakaba berekanye ivyegeranyo bibiri kimwe kijanye naho ishirwa mu ngiro ry’umugambi CSLP2 rigeze, ikindi naco kikaba kijanye no kuraba aho ivyo abasanzwe bafasha Uburundi biyemeje bigeze.

Mu gihe rero hasigaye imyaka ibiri gusa kugira umugambi wa kabiri wo kurwanya ubukene urangire, haribonekeza intambwe mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi, ariko kandi n’intambamyi ntizibuze muvy’ubutunzi no muri poritike, nk’uko bishikirizwa n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri. Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iyo nama yabaye kuri uwu wa kane, Gerevasi Rufyikiri yagize ati : ’’Birakenewe ko twisuzuma tukaraba intambwe tugezeko mw’ishirwa mu ngiro ry’ivyo uruhande rumwe rumwe rwose rwari rwiyemeje, kugira dushobore kurabira hamwe intambamyi twahuye nazo hamwe n’icokorwa kugira tuzoshike kw’ihangiro twihaye. Ntawobihakana hari intambwe twashoboye gushikako mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi CSLP2, ariko rero ivyegeranyo bahejeje kudushikiriza birerekana neza ko hakiri ingorane zitandukanye zigikwiriye gutorera inyishu, na cane cane muvy’ubutunzi hamwe na poritike, hamwe no gushobora guhindura ubutunzi bw’igihugu biciye mu bitigiri vyongerekana vy’abashinga imitahe yabo hano mu Burundi.

Léon Nimbona, umunyamabanga ntayegayezwa mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ajejwe impinduka zijanye n’ivy’ubutunzi n’imibano, avuga ko hari izindi ngorane zijanye n’irwirarana ry’abantu, ikibazo c’umuyagankuba giteye ingorane abikorera utwabo, ikindi cihutirwa kandi n’uko amafaranga abafasha Uburundi bemeye aza, mugabo ataza neza ku rugero rukwiye, muri uno mwaka uheze ico cegeranyo cerekana ko Reta yari yiteze amafaranga agera ku miriyaridi 708 z’amarundi, ariko umwaka uheze hashoboye kuboneka imiriyaridi 694, vyumvikana ko hari imiriyaridi 14 zitashoboye kuboneka, nk’uko Léon Nimbona yabandanije abishikiriza.

Abari muri iyo nama bakaba bavuyeyo bemeje ivyo vyegeranyo. Ivyo navyo akaba arivyo bizokorerwako mu guhanahana ivyiyumviro mu nama izohuza abasanzwe bafasha Uburundi itegekanijwe mu ndwi iza. Muri iyo nama bakaba bazokwerekana aho umugambi wo kurwanya ubukene ugeze, uburyo bwashoboye kuboneka n’ubutabonetse, bongere bavugane na cane cane ku vyerekeye gutanga uburyo mu matora yimirije.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.