IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Dawn Liberi avuga ko atazokwibagira urukundo yabonanye Abarundi

Dawn Liberi avuga ko atazokwibagira urukundo yabonanye Abarundi

samedi 23 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Uwahora aserukira igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, Dawn Liberi, yasozereye ikiringo ciwe mu Burundi. Bitegekanijwe ko azotahuka mu gihugu ciwe kuri uwu wa mbere, uwuzomusubirira nawe akazoshika mu Burundi mu kwezi kw’umunani.

Mw’itangazo yasohoye, Ambassadeur Dawn Liberi yamenyesheje ko igihe yashika mu Burundi mu mwaka w’2013, igihugu c’Uburundi cari mu nzira y’amahoro n’iterambere. Yibutsa ko cari igihugu gikwiye gufatirwako akarorero ku bwiyunge mu bihugu bivuye mu ndyane n’intambara.

Avuga ko ico gihe hari ubwigenge, abantu bagashikiriza ivyiyumviro mu mwidegemvyo. Ikindi naco avuga, Uburundi bwarerekanye ishaka rwose mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu bindi bihugu.

Ariko umupfasoni Liberi yemeza ko hari vyinshi vyahindutse muri iki gihe, akagira ati : « Ikibabaje uyu musi Uburundi buriko buca mu ngorane nyinshi muvya politike, ubutunzi n’imibano, hatibagiwe no muvy’agateka ka zina muntu. Mugabo rero, twizeye ko abegwa n’ibibazo vy’Uburundi bazohitamwo inzira y’ibiganiro n’amahoro. Turizigiye inkomezi ziri mu bakiri bato z’ukwubaka igihugu cabo kubwa kazoza k’imiryango yabo. Haracari ivyizigiro ko Uburundi buzogumya imigenderanire n’ababufasha hamwe n’abagenzi babwo harimwo na Amerika, aho kubaha umugongo."

Dawn Liberi avuga ko naho agiye imigenderanire y’abarundi na Amerika izogumaho, akipfuriza Abarundi kurama hamwe n’amahirwe.

Naho Ambassadeur Liberi afise ivyizigiro ku bijanye n’imigenderanire, bamwe mu bategetsi ba Amerika baratunzwe agatoke na Reta y’Uburundi incuro nyinshi ko bashigikiye abayigwanya. Dawn Liberi avuga ko ivyo bitazobuza Amerika kubandanya ishigikira Uburundi.

Yagize ati : « Mu migenderanire y’ibihugu hama hariho ibihe vyiza na bibi. Muri iki gihe, turiko duca mu bihe bitoroshe nikwo. Ariko reka ndabivuge ntomoye, Amerika ntiyigeze kandi ntiriko irafata mu mugongo umuntu n’umwe agwanya Reta y’Uburundi. Twarabivuze kenshi, reka ndabisubiremwo. Ariko turazi ko hari ibibazo, nico gituma duhamagarira Reta n’abatavuga rumwe nayo kubitorera umuti. Imigenderanire hagati ya Amerika n’Uburundi yarabandanije. Turafise umugambi wo gufasha imfashanyo iki gihugu y’ama miliyoni 50 y’amadolari. Kuva nshika ngaha mu 2013, twarafashije mu vyerekeye amagara y’abantu, kugwanya inzara, Sida, twarafashije mu matora tubicishije muri IFS, n’ahandi. Rero twagumye dufasha kandi tuzobandanya."

Dawn Liberi avuga kandi ko hamwe Uburundi bwobisaba, Reta ya Amerika yotanga abahinga b’ugufasha amatohoza kugira ukuri kuje ahabona kuvyo Reta y’Uburundi yagiriza Urwanda ko rufasha abashaka kuyisenyura. Reta ya Amerika yaramenyesheje ko izofata mu mugongo intambuko zose z’ukuri.

Mu myaka itatu yari amaze mu Burundi, Ambassadeur Dawn Liberi avuga ko mu bintu atazokwibagira mu Burundi ari urukundo rw’abarundi n’umugenzo wo kwakira neza abantu. Avuga ko ivyo yabibonye mu bantu baciririkiye mu mitumba yo mu ntara no mu bakomeye n’abahambaye.

IGIHE

Messages

  • Natwe Abarundi Turagushimiye.Nawentu,ntihobura Ico Bodushimirako.Vyose Ntivyoba Bibi.

  • Irambire muvyeyi wew niw uje uvuga neza uburundi uruta 5 bamw babusabira ibihano

  • koko muvyeyi we urumunye politic akwiye.i gire amahoro uzotanga inkuru K uvyo wabonye iburundi.hanyuma ubabwire ati f asha iburundi burimwo abagabo

  • GENDA NAWE MUBARI BADUHANZE NAWEWE URIMWO ARIKO IMANISUMBINGABO MUZODUSIGA

  • Niko benewacyu bo kugiye mbibalize nkubaza abanyamakuru !!! ubu abanyu barenga 20.000 basomye iyi nkuru nta comments nibura nka 20 batanze ???
    Try to a bit professionals brother !!! and we like you

  • Hari Ibyo Ushima Iwacyu , Nibyo Ugaya ! Natwe Haribyo Dushima Kuri Amerca Na Uburundi , Ariko Hari Na Ibyo Tugaya : Turagaya Guhagarika Ifashanyo , Gufata Mumugongo Abahungabanya Uburundi

  • Kazima wabonye ko tuzi kwakira neza,niwigire amahoro ariko nuko utavuze inkoho zafatiwe mumiduga ya HCR ukibagira ko igihe habaye coup d’etat abazungu 2 barikumamoto bariko baratambana nababasazi,reka kutwiyezako sha!yaba amerika idukunda yodukuyeko umukoshi kagome!!

  • Abarundi tuzopfa turushe kubera inda ndende ya nkurumbi,ariko narindire na Amini dada vyaramurangiranye.

  • Abarundi tuzopfa turushe kubera inda ndende ya nkurumbi,ariko narindire na Amini dada vyaramurangiranye.

  • Abategetsi nkabo bahesha agateka igihugu ni bo bakenewe

  • NEZEREJWE N’UKO ASEZERANYE NA NKURUNZIZA NAHO BARI BASHATSE KUMWIMBIRA ICOBO NONE ARAMUSIZE,

  • YOU ARE RIGHT MADAM , HONESTLY SPEAKING BURUNDI LAND IS NOT IN A EVERY DANGEROUS SITUATION THAN IT WAS IN THE PAST WHEREBY SOME PEOPLE WERE TREATED LIKE ANIMALS AND DISCRIMINATED OF NOT TAKING ANY PART OF THEIR COUNTRY,S ORGANISATION

  • natwe ntutuzokwibagira kuvyo watumy dushikako ntuzigera uva mumitima y’abarund kand urwo rukundo ukuye ino uzorusangize n’abandi

  • kutamenya ubwenge ningwara.kiratemurura ngo uwomupfasoni avuzukuri canke ariko aragihema.niho bavuga kurya ntakwije kweli.uwutaha natahe uwundiwe ntagahuzagifise mumakungu.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.