IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Denise Nkurunziza yarakejwe n’abanyacubahiro batari bake bo kw’isi

Denise Nkurunziza yarakejwe n’abanyacubahiro batari bake bo kw’isi

dimanche 16 Ruheshi 2013

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 Ruheshi 2013 ku muhingamo muri Leta zunzubumwe z’Amerika, niho umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi nyakubahwa Denise Nkurunziza, yaronswa agashimwe mu nyubakwa z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ako gashimwe kakaba kitwa “The Millenium DevelopmentGoals: 2013 Womens’ Progress Award” mu bikorwa vyiwe biboneka muri kimpumbi mw’iterambere.

Umupfasoni Nkurunziza akaba yashimiwe n’amashirahamwe atatu atandukanye, n’ayo akaba ari :Voices of African Mothers, Reed for Foundation, na Betheseda Counsel. Ayo mashirahamwe akaba yamugomwe nk’umupfasoni w’umunyacubahiro yitaho abari mungorane zidasanzwe. Nk’uko umwe mu baserukiye ayo mashirahamwe atatu yabivuze mw’ijambo ryiwe, yavuze ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’Uburundi aronse agashimwe akwiriye baravye ukwo yitanga mu bikorwa vyiwe vyo gufasha abagowe.

Ku bwa Denise Nkurunziza umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, yavuze ko anezerewe cane bimwe bivuye ku mutima, ndetse akaba yarashimye cane kubona hari amashirahamwe akomeye yo kw’isi akurikirana ibikorwa arangura, akaba yavuze ko inguvu zikoreshwa n’abakurikirana ibikorwa birangurwa mu gihugu zitazigera zibagirwa.

Muri ivyo birori vyariko bibera ku civaro gikuru c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, hari abanyacubahiro batandukanye bari baje kumushigikira, ndetse n’ukumukeza kuri ako gashimwe gakomeye yagire aronke. Aha tukaba twovuga nka bamwe mu bakenguzamateka bo muri Leta zunzubumwe za Amerika, abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu bimwe bimwe, nk’umupfasoni w’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, uw’igihugu ca Niger, Congo Brazzavile, Guinée Equatoriale, Mali, hamwe na Monika Kande arongoye igisata c’ingana ry’ibitsina, gushigikira amahoro mu karere k’ibiyaga binini.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.