Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Diamond mu giteramo i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Diamond mu giteramo i Bujumbura

Diamond mu giteramo i Bujumbura

lundi 13 Rusama 2013

Kuri uyu w’Imana w’igenekerezo rya 12 Rusama 2013 kuri COCKTAIL BEACH mu gisagara ca Bujumbura habereye igiteramo c’umuririmvyi rurangiranwa wo mu gihugu ca Tanzaniya, akundwa cane, haba mu gihugu ciwe no mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Diamond yaje mu giteramo mu Burundi avuye mu gihugu kibanyi ca Congo, aho naho nyene akaba yari yitavye ibiteramo nk’ibi.

Ico giteramo kikaba cari citabwe n’abantu benshi bavuye mu mihingo itandukanye, haba ngaha mu Burundi canke mu gihugu kibanyi ca Congo, aho nyene yaje ava.
Muvy’ukuri vyarabonetse ko uyu muririmvyi akundwa n’abantu benshi kuko haba muri Congo, ndetse no ngaha i Bujumbura, ibiteramo vyiwe vyaritabiriwe n’abantu benshi.

Muri co giteramo, vyarabonetse kandi ko abakunzi b’umuziki w`i Bujumbura bakunda ivy’iwabo kuko bagumye babaza umuririmvyi Big Fizzo, uwo nawe akaba yari mu gihugu ca Afrika y’epfo, aho yari yitavye ibiteramo muri ico gihugu, mugabo akaba yari yashizwe ku rutonde rw’abaza kuririmba.

Mu baririmvyi bo ngaha i Burundi baririmvye muri ico giteramo hari : Lolilo yaririmbanye n’umukunzi wiwe mushasha, Loliane, haza na MKOMBOZI, ELLYS BOY, umurwi wa The Cousins, Gaga Blue, Miss Arlaine asigaye yiyita “Inarunyonga”

N’aho ico gitaramo citabwe n’abantu benshi, abaririmvyi b’abarundi ntiberekanye isanamu nziza kuko baracerewe cane, bituma igiteramo categerezwa gutangura isaha icumi gitangura isaha cumi na zibiri, ikindi abakunzi b’umuziki bidogeye cane ubuhinga bw’ivyuma vy’umuziki kuko ku kanya ku kanya vyarahagarara.

Abari ngaho batashe bidoga kandi kubera bashize Fizzo ku vyapa vyo kumenyekanisha ico giteramo kandi bazi ko atazoba ahari. Abo bakunzi ba Fizzo bavuga ko ari agasuzuguro kuko bitabaye ubwa mbere ibintu nk’ivyo bikorwa.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.