Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Domitien Ndayizeye:Ikiringo ca gatatu gishobora gucanishamwo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Domitien Ndayizeye:Ikiringo ca gatatu gishobora gucanishamwo (...)

Domitien Ndayizeye:Ikiringo ca gatatu gishobora gucanishamwo abarundi

mardi 9 Ruheshi 2015

Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi amenyesha ko mu Burundi hashobora gusubira kwaduka intambara hagati y’abanyagihugu.

Mu kiganiro yahaye imboneshakure Al Jazeera,Domisiyano Ndayizeye yavuze ko afise ivyizigiro ko amakungu,hamwe n’abarundi ubwabo bazohatira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kureka kwitoreza kurongora ikiringo ca gatatu.

Kubwa Domisiyano Ndayizeye,mu gihe umukuru w’igihugu atokwemera kureka ikiringo ca gatatu,afise ubwoba ko igihugu gishobora gusubira mu ndyane zotuma abanyagihugu bacanamwo.

Mwomenya ko Domisiyano Ndayizeye ari mu bashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu,ku rwego rw’Urunani Ranac Dushayure Uburundi.


Van Naris

Messages

  • Ariko igihugu nkico kikagira abahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu barenga 20? Nakamaramaza nicogituma uburundi ntamahoro azigera abubonekamwo. Uwaojako wese bazomugwanya iyaba hari imigabwe 3 igihugu cotunganye none umwe se aravyuka akiyumvira kuhira umugambwe canke yabona afise kugafaranga ngo nzitoza kugiti canje yemweee reka tubihe amaso mugabo ntibizoroha muburundi.

  • uwo numukurambere!kandi kenshi avugisha ukuri gusesuye!2005 yahaye nkurunziza naw yigoragoreze!ibitsure biri hagati mu gihugu birarenze naho amakungu umengo abirabira kure!biragaragara ko amakenga nukwinubana hagati yabarundi ari ikirenga!niyumve impanuro zabagenzi!ahandi ho ugutwi kwimpne kwama kwumva kubabuye!

  • Domitien Ntutangaje Ko Wewe Ugomba Gusubira Kwitoza Wanka Kwagukubita Impaga Nka 2005 Wasigaye Uramaramara Inkona Yagusize Mbe Wewe Ko Wateguye Amatora Rwasa Yasaze Ngo Amatora Ntabe. Ko Yabaye? Tekana Bazogucungerera Umutekano Va Ibuzimu Uje Ibuntu

  • domisiye washaje mumute (mubwonko)

  • nne mutinya umuntu abo banyagihugu nabahe ahubwo muraduhenda mukwiye kuza myivuga kuko mubanyagihugu atanumye arimwo azoba president twebwe president turamufise ahubwo nakomere kwibanga ahubwo abarundi ntidukundana.

  • NIYOMPAMVU ABANYAPORITIKE BAGUMA BAKOMA INDURU BANSHAKA KWONGERA GUSAHURA ITUNGARYARETA BANYAGIHUGU MUHAGABIRE UMUKURU WIGIHUGU YARI BWAZANE UMUGAMBI WO KUVYARIRA KUBUNTU ABANA BAKAVURIGWA UBUNTU NIBINDIVYI NSHI NAMWE MUZINTAVUZE NINDE? CANKE MWIBAGIYE ABOBOSE KOBARONGOYE UBURUNDI BABAMARIYE IKI? NIMWIBUKE AHOTWAVUYE HANYUMU MUBONE GUTEGURA EJOHEZA PETERO NKURUNZIZA BIRABONEKA KOYASIZWEKO N IMANA NIYOMPAMVU ABANYAPORITIKE BAGUMA BAKOMA INDURU BANSHAKA KWONGERA GUSAHURA ITUNGARYARETA BANYAGIHUGU MUHAGABIRE UMUKURU WIGIHUGU YARI BWAZANE UMUGAMBI WO KUVYARIRA KUBUNTU ABANA BAKAVURIGWA UBUNTU NIBINDIVYI NSHI NAMWE MUZINTAVUZE NINDE? CANKE MWIBAGIYE ABOBOSE KOBARONGOYE UBURUNDI BABAMARIYE IKI? NIMWIBUKE AHOTWAVUYE HANYUMU MUBONE GUTEGURA EJOHEZA PETERO NKURUNZIZA BIRABONEKA KOYASIZWEKO N IMANA KOKO

  • Je nibazako atarikibazo cikiringo cotuma amatora atagendaneza umutware udashaka umwankira mugasandugu kitora nkuko mwabikoze 1993 na 2005

  • Njanye n’uwo birumvikana ko afise igituma aharambarara, nawe ni umukiyi, ashaka petero amuhebere arabe nawe ko hari icovamwo. Ariko ivyo gusubira guturirira urwaruka mumapine wapi kabisa ntituri kumwe. Mbega none ko muri mirongo 72 yahungiye murwanda, ubu akaba avuga ivyo gucanamwo, nkaba mbona hari abahungiyeyo tutaranamenya ibibazo dufise (bamwebamwe) azosubira guhungirayo?
    Hanyuma abo barundi biteguriye gucanamwo Kubera ibiringo, uretse nk’abo bitoza, ntabumwe bari bafise, rwari uruhendo. Muntunge vyaba ivy’ibiringo ivy’ibiki, ... ntaco ndabizeyemwo. Uwuzoba atwara wese akire guha amahoro abantu biyirukangire n’ubuzima ubona ko dusanzwe twifitiye na bugufi, ariko ntibabutwake Kubera umunyenga wo gutwara. Gusa benshi bama basigara baricuza bati naharuye nabi kuja gutamba ingoma numvise ivugira hakurya ntazi ico ivuga simenye n’uwayivugije.

  • Jewe nukuri ndadavy lmana mushobora vyose, igiriri mbabazi ububwoko bwayo nayahandiho turahona kuko harabo lmana yamaze gukomantaza umutima kugirayiheshi cubahiro rero benedata mumenye neza kwizingorane turimwo, abiyita bakozib, lmana. Kwaribo babitumye bamushiriyubu hanuzi yehova, atabatumye bituma komantazumutima kukwatazi gushishoza bitwarariki vyisi barek, lmana yabo none, igomba yibarize mrc

  • Vuga mutama komeza kugirutwigor imana ikujimbere wumvirwe.

  • Ivyo mugomba bimenyeshwe IMANA mugusenga no mu kwinginga bifatanije nogukenguruka, maze amahoro y-IMANA azoba mumitima yanyu.

  • DOMITIEN WEWE URUMUVUGIZI WACU URAHUMBA ARITOZA NYENE.IYONTAMBARA YIROTE UZOYIBONA .IZOHERA IWAWE IHERERE IWAWE.NIMVI KUMUTWE UKABA NIRYO URUMUNTU TWAHOZE TWEMER...PETER UBONA ATITOJE WOHAVA UGASHIKWA?MBEMWAPFUYE IKI NA LEONCE?NTITUGIKEYE BANIRYO!!!!

  • DOMICIE NIYIHANGANE TWESE NTITWARIRARIMWE KANDI AMENYE KONTAKUGANZAKUTAVA KUMANA

  • Ahaa!biragoye muburundi jewe mbona umuntu wese ninyungu ziwe erega uburundi nubwa twese siniyumvira impamvu mutwima ijambo .MBE hoho mudutwara mutujana hehe abantu birirwa barapfa umengo ninkoko?sha imana izoca utubanza final MWe murindire .Hama Domitien mumureke uriya numukurambere nazi vyinshi.kandi ukuri kuzotsinda imana ntiyokwemerako amaraso akomeza guseseka

  • Ariko CNDD- FDD Uko Tuyibona,yoba Yarabuze Uwundi Muntu Yohiganwa Kandi Agatsinda? Uworaba Neza Yosanga Hari Ikindi Ikintu Cinyegeje Inyuma W’uwo Mukino Wa Cndd_fdd Wo Kugarira Ku Muntu Umwe Ukamengo Ni Ikimana.Ariko, Nta Canyegejwe Kitazoja Ahabona,gusa Mumenye Ko Ata Cubahiro Bizobahesha Igihe Igihugu Cogwa Mu Kaga,mutwongerereze Amagorwa N’ayo Turimwo Y’ubukene,ubushomeri N’inzara Biturembeje. Bikaba Abarundi N’amakungu Badasiba Gusemerera.Burya#ubutabarirwa Burazirwa Kandi Kazoza Kazotubaza Ico Twamaze Muri Kahise#

  • Dodo Zamurahaannur Peter Iyi Mandat Ayiheb Ntiduhav Turw Muntambara.Kubijany Nintambar,Kahis Kuburund Katwibuts Vyish.Uraz Ivyac N’abacu Twaririye?Mutama Zuramuhanur.

  • Domitien hyper tension yamunyaye kubera peter....umugabo arinda akaje domitiyo....nkuru niwe agutera ubwoba...igetwengeje naho yobivamwo ntiwotsinda kandi wewe wapi nturi dynamique encore moins populaire.
    wewe uwoguha igihugu ngira ubu kiosques wokwegeranya....mwaratumariye amahera.
    Karya ga kiosque karimwo ibirasi bingahe!Wewe ahubwo iyo uvuga uko urantwenza ukamengo ntituzi ingene wasahuye ukavyibuha ugahakwa kumeneka nawe dutubitse umukanda.

    Reka mutama wacu nkurunziza yitwarire.Mbega waramaze kubona ko azotsinda rero?
    Koyizewe na benshi...jewe mbona atampari zirimwo.

  • MBEGA IYO NTAMBARA MUGUMA MURIRIMBA NI GUTE...IZOTANGURA NDE!muratangura murazi ko tubamenyereye.

  • Murarose ico muhayagiza domisiyano ivyiwe turabizi namba yiteze gutwara uburundi ntariye

  • EWE DOMISIYO WE URATWENGEJE HIHIIIII UGOMBA AKUBISIRE NGO URABE KO WOTORWA?WOGOMBA WOBA URIYEGEREZA KA GA SURUBETI NA KA GA TOURNE VICE WAHORA UHAYAGIZA UGITWARA!IYO NTAMBARA MUVUGA MURAKORA NIWEWE NYENE BAZOTANGURA GUFORA AMARA.AHO GUSENGA IMANA UTI MANA NDAKWINGINZE IYO MANDA UGAHERA WONGERE UNSHIRE HEJURU!MBEGA KO MUTINYA?NI MWEBWE MUDUTORERA UMUCANDIDAT CANKE?AHO NTIWOTEKEREZA?ABAHUTU NTA BWENGE MUZOPFA MWIGWANYA.WEWE IVYO UVUZE NTIWARI KUBIVUGA.MBERE WOTWENZA INKA WEWE N,INGURUBE.

  • Komera mutama domisiyano.turakwubaha ndets turanakwemera.ariko kuki mwipfriza igihugu canyu intambara?wibuke ko wabaye presida kubra cndd-fdd na fnl paripe hutu.vyiza woza ugahganwa hanyuma abarndi baktorre uwobashaka!mutama kahise katwigisha vyinshi!!

  • WEWE DOMISIYANO TEKEREZA KUKO VRAIMENT NTAVYAWE KUKO IGIHE WATWARA TWARABONYE IVYAWE. IYO RANAC RWASA MWACIYE MUYIMUTWARA BITUMA MUMUSHAVUZA, NONE NKUBU WEWE URAFISE ABANYWANYI NYENE ? NA LEONCE MWARAVANYE, N’ABANDI MUZOVANA UKO NYENE. SAWA OK.

  • emma

    humura mutama ndayizeye ntantambara izosubira kuba uwuzoyitangura izomuhererako nayo nkurunziza ategerezwa kwitoza vyanka vyakunda humura, ntugware umutima mand yanyu ntiragera.

  • imana ifashe uburundi mwikigihe

  • domitien narek kurogotw kuko muzehe iyo adashirah itegeko ryuk aba senateur ab ar kwikorer ama pneus mu kayanza

  • Ariko domisiano ivyo avuga ni ibiki?Abrundi indyane zatwamyemwo zatewe n’ikiringo ca gatatu?Ntawe muzopfa mukuye mu matora abamukunda ntituzobemerera.kanatsinda weho sinumva nivyo uvuga nta n’umunywanyi numwe ufise,aho usanga yirya akara ko yosubira gutwara transition,urahumba,mu minsi iheze wavuze ko ushigikiye imigumuko,iyo babanza bagaturira rwa ru étage niho wari kubashigikira neza,ushimire police muvuma.

  • naho yogumako nawenyene azopfa mbe kwahenda abantu ngo arasenga asenga iki umugore wiwe amuhanura iki mbe yokongera kuja imbere yabakizwa ngo arakijijwe domitien ihorere urindire 5ans hama tuzorabe

  • mbega wewe domitien kowatwaye mbere ya peter ntamakenga ugira ko yohava akugirira nabi mbe ugira ngo abapfa boho ntababona ndabasabite wewe na Rwasa MUZOHAVA MUHASIGA IMITWE

  • UMUNTU ADAHA,RIRAABANDI,NTAKWIYE GUHUZA ABANDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.