IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abegwa n’ikibazo c’Uburundi basabwe kubandanya ibiganiro

Abegwa n’ikibazo c’Uburundi basabwe kubandanya ibiganiro

lundi 25 Rusama 2015

Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu karere k’ibiyaga binini, akarere ka Afrika y’Ubuseruko, akarere kagize COMESA, ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa wa CIRGL, bamenyesha ko babazwa n’ibiriko biraba mu Burundi, vyatumye abantu bapfa, abandi barakomereka n’ibihumbi vyinshi vyahunze.

Muri iryo tangazo, izo ntumwa ziriyamiriza ubwicanyi bwahitanye abantu 8 abandi barakomereka batewe Grenade hafi y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura,hamwe n’urupfu rwahitanye Zedi Feruzi umukuru w’umugambwe UPD-Zigamibanga.

Basaba abategetsi b’Uburundi gutanguza amatohoza yihuta kuvyabaye,hanyuma abagirizwa ubwo bwicanyi bw’abanyagihugu n’indongozi muvya politike bashirwe imbere y’ubutungane.

Muri iryo tangazo izo ntumwa zimenyesha ko,indongozi muvya politike zitegerezwa gufata ibiriko biraba nk’ikimenyetso co kubagabisha,hanyuma bagakora mu maguru masha mu kurondera inyishu ziciye mu mahoro,mu gutorera inyishu ibibazo biciye mu biganiro.Bibutsa kandi ko amahoro n’umutekano ari nkenerwa ku barundi bose kandi ko ubukozi bw’ikibi atari yo nzira yo gutora inyishu ku bibazo.

Izo ntumwa zihamagarira Reta gucungera umutekano w’abanyagihugu bose,kwubaha agateka ka zinamuntu,hamwe no kwigumya umwanya wose muri iki gihe c’imyiyerekano.Bahamagarira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike,imigambwe hamwe n’abari mu myiyerekano gukora bisunze amategeko y’Uburundi.

Bibutsa ko ibiganiro vyatanguye kw’igenekerezo rya 5 rusama bihuza Reta,imigambwe,amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’abaserukira amadini bibandanya,mu ntumbero yo kugabanya agashavu,kugarukana ukwizerana hamwe no gutuma haba amatora yitabwe na bose,yigenga kandi abaye mu mahoro.

Batera intege abegwa n’ibibazo bose kugira bagume mu biganiro,no gukora bashizemwo ubwenge n’ubwitonzi mu gushigikira akigoro k’abariko bakoresha ivyo biganiro.

Barangiza bemeza ko biyemeje kubandanya gukorana n’impande zose mu gutunganya amatora abaye mu mutekano kandi abaye ku mugaragaro,mu kwubahiriza amasezerano y’amahoro no gusubiza hamwe ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Komera batama, ndabona muriko muraza mwirinde amabwire y’abigira abahinga mu gukunda igihugu barushije abatowe n’abenegihugu

  • J’encourage les differentes ziri mubiganiro ndabibutsa ko INAMA ISUMBA INGIMBA.Amaraso amaze guseseka arenze .

  • NDASHIMYE KURIRIJAMBO BASHIKIRIJE.ARIKO IYONAMA BARAKWIYE KURABIRAHAMWE IGIHANZ’UBURUNDI.KUKO IGIHETUGEZEMWO,ABANTUBESHI BARIBAZAKO AMAKUNGU YOBA YARIHOJEJE UBURUNDI!KUKO HAHEZ’IGIHEKININI IMYIYEREKANO,IBA,ABANTUBAFA BICWA NINZEGO ZARETA,KANDI BARIKOBAREREREKANA,IKIRI KUMUTIMA,NDETSE NAKABABAROKABO. BAGAPFA ATAGITABARA.KANDI BAVUGAKO,AMAKUNGU ARIKW’ABIKWIRIKIRANIRAHAFI.UBU ABARUNDIBESHI BOMUNTARA ZITANDUKANYE,NAMAKOMINE ATANDUKANYE.BIBAZAYUK’AMAKUNGUNGU, YABAKUYEK’AMABOKO.BIVUYE KUMVO ZOKUBURA AMAKURU.KUV’AHAMARADIYO ATURIRIWE,IMITIMA YABESH’ITEKEWE NUBWOBA.JEWE NKUMURUNDI KANDI NDIMUBURUNDI.MVUGAKO AMAKUNGU YOFATA ICOBAKWIYE,GUFASHA UBURUNDI,VUBA HATARARW’BARA.MURAKOZE.NDIHOKUBWAYO CALLIXTE BUJUMBURA RIRARE.

  • Nibakoranye abegwa na politique hanyuma bagondoze nkurunziza ahagarike kwitoza,aya maraso aseseka ijoro numurango bihagarare.

  • Yemwe Igihugu C,uburundi Kirageramiwe None Amaraso Nkayo Imana Ntizoyababaza Ikebuke Amaraso Ntabo Yereye,mana Garukira Igihugu CUBURUNDI NYAMWIGENDAKO NTARIMIRA IMPESHI

  • Bamenye ko amaraso yabarundi ariko araseseka azobazwa bo kandi bameny ko kayini amaz kwica mwenewabo aberi kandamahoro yigez aronka......

  • Ndabemeye, ndabanshimiye kuko imvugoyanyu irihagatinahagati yabatariko barahuza muri politike yu Burundi. kukondagombakubabwizukuri kukondumurundi nsanzwenzi ukoduteye, imvugozagiye ziravurwa nibihugu bitandukanye nazo zaragize uruhare mubantu bamazegupfa kuvahabayeho abajamuma barabara. Mutigute: Twebwe abarundi twumvise amakungu canecane ivyobihugu bikomakomeye bivuzengo: abarikobarapha bazoharurwa kuribanaka, kandibikacabihurirana nuko abobanaka hariho ababanka, abobasanzwe banka numuryangowabo bowica kukobunzise bizoharurwa kuwobatiyumvamwo ekambere bamwe nokwikomeretsa bokwikomeretsa kugira bashiture amakungu arandure abobita abasibabo. Mbere jewe ndabona murikazoza tukwiye kuzosigurira amakungu ukwabarundi duteye kugira mugufatikanya nabarundi mugukenyura ibibazo bazozebaramenya imvugo bakoresha konazo zishobora gukuraho nakariho.

  • Abagumuka Ndabakebure Niba Mwasomye Neza Amakungu Muja Guhenda Ngo Muri Kugumuka Mumahoro Ntakibashigikiye Mwavumwe Nayo Kwiyumvira Ko Nkurunziza Atazitoza Kura Mu Mutwe Bisa Numwe Yaja Kwisonzesha Asab,imana Ngo Shetani Yihane Abatemera Kuva Mw,ibarabara Sabuhungiro Imfuku

  • Kananira abagabo ntiyimye!!! Ndarurinze bamutsinze mu murinzi!!!

    Imana ntihaniraho!!!

    Umugabo wese agira umusi mubi wiwe!!! Isuguru yatwenze iyindi bariko barayiniga ,iyiri ku mpfiro iti"Urantwenze ariko nawe rurakurindiriye"

    Bivanye n’ivyo urikourakorera abandi niwige kuri iyi mwyibutsa!!

  • Ahubwo nibumve izo mpanuro kuko umukuru w igihugu cacu arabirekurirwa na constitution mu ngingo ya 96 kandi mu ngingo ya 48 iratomoye.abo bari mu migumuko bararisoma.PETER GUMA KW IVORA NATWE ABARUNDI ISINZI TURI INYUMA YAWE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.