IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Edem Kodjo yagenywe kuba umuhuza mu bibazo vya politike mu Burundi

Edem Kodjo yagenywe kuba umuhuza mu bibazo vya politike mu Burundi

lundi 25 Rusama 2015

Edem Kodjo yahoze ari umushikiranganji wa mbere mu gihugu ca Togo yagenwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kuba umuhuza mu bibazo vya politike biri mu Burundi.

Kuwa gatandatu igenekerezo rya 23 rusama,Edem Kodjo yavuze ko kuri uwo munsi ko hari hakiri ugushamirana,kandi ko ibintu bitari vyifashe neza.

Yavuze ko bategerezwa gukora ibishoboka vyose kugira haboneke icuka ciza cotuma haba ibiganiro.Yatanze akarorero ko nk’abantu bafashwe inyuam yo kugerageza gutembagaza ubutegetsi bofatwa nk’ibiremwamuntu,agateka ka zinamuntu kakubahirizwa kandi kagakingirwa.

Edem Kodjo asaba indongozi z’Uburundi kwumviriza abanyagihugu hamwe n’akamo gaterwa n’abategetsi bo mu bindi bihugu.

Edem Kodjo yagenywe muri ayo mabanga inyuma y’ikiringo cababa ukwezi giheze imyiyerekano yo kwiyamiriza ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asubira kwitoza.Gushika ubu abantu barenga 20 baramaze gupfa bahitanywe n’iyo myiyerekano.


IGIHE

Messages

  • Ntamuhuza yarakenewe, iyarucha bafunditseko umukuru wigihugu atwara ibiringo bitarenga bbiri. mbega vyarakwiye?

  • abarundi turateyisoni urubanza numwana yoruca aaaaa biraterishavu Gupta kwabantu tutazosubira kubona birabanezara nubwo suburoho nuburozi

  • Il faut que l’opposition, la societe civile et l,eglise catholique recusent ce monsieur. Il a deja pris position en faveur du 3eme mandat. C,est ecrit noir sur blanc dans un journal togolais en ligne: www.republicoftogo.com. Ce monsieur est tres dangereux, corrompu par le camp Nkurunziza.

  • Naze Muga Ukuntu Bahindutse Abiyahuzi Mukunwurumogi Ni Mpaka Bamanze Barase Amakungu Nabone Ko Atar,ukugumuka Nkuko Bahenz,abanyamerika N,ababirigi Bakabahamahera Yabo Ngo Buca Bakubita Kudeta Vyabaye Kuwa Mazi Subi Musemerere Ngamakungu Niyazobirasi Uhangara Nkurunziza Azapfa Asara Abandi Bate Ubwenge

  • Uwo we yananiwe ataranatangura! Umuntu yitwa ngo ni umuhuza hagati y’abantu babiri agaca yerekana uruhande ashigikiye? Ntaco niyaza, baraheza bamusigurire uko vyifashe ngirango ashobora kuba yaje hariho ababaye baramubwira ibintu uko bitari. Urya secretaire wa UA narondere uwundi muhuza kuko uwo arungitse ngo amuserukire aje afise ivyiyumviro bidasa n’ivya UA

  • jew nipfuza kubona Uburundi butekanye kandi bizokunda.Burya impande zose barondera inyungu.Turabe rero muvyo tuvuga canke dukora ko ari inyishu ku bibazo vyacu bwite.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.