Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Edouard Nduwimana aramenyesha ingingo zafashwe kugira amatora abe mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Edouard Nduwimana aramenyesha ingingo zafashwe kugira amatora abe mu (...)

Edouard Nduwimana aramenyesha ingingo zafashwe kugira amatora abe mu mutekano

mardi 9 Ruheshi 2015

Umushikiranganji w’ intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana, aramenyesha ko ingingo zotuma hagaruka umwuka mwiza wa politike wotuma amatora aba mu mutekano kandi akizerwa,zamaze gufatwa.

Inyuma y ‘inama yahuza umurwi ujejwe gutegura amatora CENI hamwe n’abegwa n’ikibazo c’amatora mu Burundi kuri uno wa mbere igenekerezo rya 8 Ruheshi,Edouard Nduwimana yavuze ko Reta y’Uburundi yamaze gufata ingingo zotuma amatora aba mu mahoro.

Muri izo ngingo,Edouard Nduwimana yavuze ko harimwo izasabwe n’inama y’abakuru b’akarere ka Afrika y’ubuseruko yabereye i Dar-Es-Salaam kw’igenekerezo rya 31 Rusama, nko kwaka ibirwanisho imigwi y’urwaruka yegamiye ku migambwe,hamwe n’abo bose babitunze batabifitiye uruhusha.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yavuze ko Reta yamaze gushiraho umugwi ujejwe kwaka ivyo birwanisho, ukaba wahawe indwi zibiri ngo bibe vyashizwe mu bikorwa.

Edouard Nduwima yavuze ko iyindi ngingo ari uko imigambwe itavuga rumwe na Reta yotanga amazina abiri y’abazosubirira abakomiseri babiri bavuye mu mugwi CENI.
Ku kibazo c’umutekano w’abatavuga rumwe na Reta,Edouard Nduwimana yamenyesheje ko Reta igiye gukora ibishoboka vyose kugira umutekano wabo ukingirwe mbere no mu bihe vy’imyiyamamazo.

Umushikiranganji Edouard Nduwimana yavuze kandi ko biteguye gufuta imitahe yo gufata abateguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ariko nabo bagahagarika iyo myiyerekano.

Naho iyo nama vyavuzwe ko yari kwitabwa n’abegwa bose n’amatora mu Burundi,abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta ntibayitavye kuko babicishije kuri Karori Nditije umwe mu barongoye urunani rw’abigenga amizero y’Abarundi,yavuze ko batokwitaba inama igirishwa n’umurwi udakurikije amategeko.

Aho ni mu gihe, umurwi CENI wategerezwa kuba ugizwe n’abantu batanu,usigayemwo batatu,inyuma yaho babiri mu bawugize ,harimwo icegera c’uwuwurongoye bahunze igihugu.Amategeko akaba avuga ko umurwi CENI ufata ingingo mu gihe ufise n’imiburiburi bane kuri batanu bawugize.

Messages

  • Izongingo,nishigwe Mungiro,biboneka Abarundi,twarushe Vyukuri,tugeze,habi

  • Iyo Nkuru ni nzuri kuko I humura. Ariko ico Dusan abatavuga rumwe na let bokwikubita agashi bagakorana nabandi kuko abarundi bariko barabitegereza. Nibo bazobashimira canke ba bagayire mu major.

  • Ubu ntama tegeko m uburundi akibaho muraba mubona CDD FDD bafise ubwenge itwaro yabo ntimubona numusazi asara ko yobitwara ubona bataniyehe nabasazi kimwe bizobahinyukana abarundi fatana munda gusa twikureko abo basazi muhava muvuga ko ndababesheye rabe namwe amategeko barahonyana akanya kukanya abasazi nkabo bagashima bishe abantu bagafunga abirwariye mumitwe amasoko nikibiriti none mwebwe mukaja ngaho ngo mumitwe ngo barakomeye asha ndaha muzoyuvira bamwe bamwe niyo mutabuvira mubitaro abanyagihugu nitwe tuhagorewe ku masoko umugabwe wacu nagiye kubona ko utwarwa nabandakomeye mumitwe kare nibatuvire mumugabwe tuwiyubakire usubire kumuzi nkakera abo basazi nabo bavemwo asho muza muraraba ntibakomeye itwaro yabo numwana yoyitwara gutwara nkibuye ataco uvuga

  • erega Petero NKURUNZIZA IKIBAZO SI AMATORA IKIBAZO NI WEWE REKA KUBANDANYA MUSUBIZA IGIHUGU INYUMA ABARUNDI BARARUSHE BATAGUSHAKA VAKO AMATORA ABE MUMUTEKANO

  • NYAKUBAHWAUMUSHIKIRANGANJI EDUARD AFATA IBINTU MINENEGWE MBE KO TWE DUFIS IKIBAZO CUKUBAHIRIZA AMASEZERANO Y’ARUSHA N’IBWIRIZWASHINGIRO .GUFUTA UMITAH NUGUHAGARIKA IMYIYEREKANO BIZOTORA UMUTI WIKIRINGO KIGIRA ABARUNDI <<ABAJA>>?.MBE KO UMENGO WIZ AMATEGEKO UKABA WEMEZA IVYA CENI ITAGIFIS UBUBASHA BWOGUFATA INGINGO MUGIHE IDAKWIY KWOBA ARI KUTABIMENYA CANKE NIKUBERA INYUNGU ZAW?

  • J ivyo mukora vyos mbona aricokimw kuk muguma mwiga ikibazo camashami kand icimizi mukacibagira. Ariko uko bizogenda kose igisha abanyagihigu ko ubutandukane bwimigambw nivyiyumviro itoba intandaro yubwicanyi bwikika mumoko kuk muburund ivyamoko harahez imyaka cumi tubisezerey.

  • ew edwoir reka gukengera abarundi nturimana we na ndayicariye nimw mwahindutse intumwa yurupfu kubatavuga rumwe namwe kuva 2010 bose nibakinjure haze cni nsha

  • Uwiyise bety, arantunga sinz’amashure yiwe peut-être ah’agarukira,kuvuga ngo ntibashaka piter ?donc iyo yanswe na Musaga ,Nyakabiga, na bake bake muri Ngagara Cibitoki n’uduce tumwe tw’intagondwa z’imburakimazi za ruguru n’ibisanzwe ntibisigura kw’abarundi tutipfuza Piter kuko naho boba 30% sukuvuga kw’aribo baca baserukir’abanyagihugu isinzi bar’inyuma ya Nkurunziza na Jacque turacari benshi haba nugihugu no hanze tur’inyuma yiwe ntiducibw’inkokora n’imburakimazi burakeye tumuhund’amajwi murorera nka deux mille dix ,kimwe uwuzowucana azowota wenyene ,ingumba itaz’ikibi irigat’ishenyo i’yenzi y’isema nayo yurir’ukuguru kw’inkoko ,hagarik’ububisha musenge murindir’inyishu y’Imana gusa kukw’ayandi mayira yooooose ntashika.

  • ICIYUMVIRO NOTERERA NUKO ABATURONGOYE BOGIRA IBIGANIRO BIRAMA TUKARONKAMAHORO TWARARUHIJWE NINTAMBARA.

  • BANYAKUBAHWA MURONGOYE IKIKINYAMAKURU MURABE INKURUZUBAKA UBURUNDI NABARUNDI UMUNTU ASEVYA INZGO IZIGIHUGU AHOBUKERA AKAGA TURIMWO TUKAVUYEMWO NTIMUZOBURA AHOMUNYIKIRA? IMANA NIYITANGA UBUTEGETSI IKABUHA UWINSHAKA VYUKURI REKA IMANA IKORERE MUKAZU KATORA PEREZIDA 90%TURAMUNDA KUKOTUZI AHOYADUKUYE NAHO YATUGEJEJE PEREZIDA NTUTINYE ABARUNDI TUKURINYUMA IMANA IGUME BANYAKUBAHWA MURONGOYE IKIKINYAMAKURU MURABE INKURUZUBAKA UBURUNDI NABARUNDI UMUNTU ASEVYA INZGO IZIGIHUGU AHOBUKERA AKAGA TURIMWO TUKAVUYEMWO NTIMUZOBURA AHOMUNYIKIRA? IMANA NIYITANGA UBUTEGETSI IKABUHA UWINSHAKA VYUKURI REKA IMANA IKORERE MUKAZU KATORA PEREZIDA 90%TURAMUNDA KUKOTUZI AHOYADUKUYE NAHO YATUGEJEJE PEREZIDA NTUTINYE ABARUNDI TUKURINYUMA IMANA IGUME IKURINDE

  • AHUMBONIWEWE URUMUSAZI URASHOBORAKUMBIRA ABAYOBOZINGONABAZI URARABANIWEWE UDAKOMEYE MUMUTWE JAKWAMUGANGA WEWE UMUNTU UMWANKA REKAKUMUTO ABAMUKUNDABAMUTORE BOBAZICOYABAMARE NKAWE UVUGANGO ABAYOBOZIBACUTWITORENGONABASAZI GENDA UTORERWAWE NAKWETUZOMUTORA WIBAGIWE KITANU NUMUNANI 58 INDWINAKABIRI 72 NTEGA NAMARANGARA ICENDA NAGATATU NIBINDIVYISHIBADUKOREYE MUGABO BACAUMUGANI BATI AMAHORO ARABORERA URARYA UKARYAMA NGONTUMUKENEYE ABAMUKENEYE BARIHO WAKIJUJUWE

  • Petero Nkurunziza Nasokore Candidature Yiwe Ibibazo Vyose Turimwo Bizoca Biva munzira!Gusa Ndabona Biriko Biraza Edouard Yatanguy Guhinduka Mumvugo Nukuri"bravo" Ndabona Agiy Guhanura Sebuja Pé

  • Ntamatora dushaka nagato dushaka intwaro mvata kibanza mwumvise??

  • jewe je regrette fort kuba narigeze kugukora muntoke wakagabo we kagufi nkubwacumbwanye induru!!bama bagucako ivyo binyeshamba vyaba dd umengo baguhaye umuti ariko ukunda inda ngira ushaka ivyo uzoha babana bawe umenga nikambi!!urashobora kwama urementanya udedemba!!Peter nagende ntakindi dushaka nawewe nabandi boose bameze nkawe nibo tutagikeneye ntaco mwatumariye atarukwuzuza imyobo yanyu ngo ninda!!urarekuza uwarimabinga!!Imana irarema nukuri!!!imbones mwazatse vyabirwanisho mwabaha mbere yokudebagura ngo tugomba dukure ibirwanisho munyagihugu!!!Karofa gusa!!twarabarambiweee niyo muvuze umenga muradashwe

  • Petero Nkurunziza n’akore nk’uko yama yigisha abandi. Yama yigisha abandi. Umurongozi mwiza akinda abo ayobora. Namba abakunda b’areke kubica, kuko yoreka kwitoza igipolisi ntawe cosubira kwica! Ewe leta y’Uburundi, ndahanura abayigize bihane bagaruke ku Mana nayo nibatihana Imama igiye kubakurako amaboko: Yesaya1:18-20!

  • eka urumusenegari koko ntibesha! mbe iyomyaka udondaguye wewe wariho? niwaba wariho waterereye iki kugira ngo ibintu ntibigend nabi? urashobora kuvugako turya tukaryama kand uzinezako nigihe twarara mumyonga twahunga nkurunziza uguma uhayagize?sha urabesha nawenyene yaravyivugiyeko intambara izohera murugo iwe igaherera murugo nyene.narikukwita ikijuju none nobansa nawewe.

  • Erega uyu eduard ndamutahuha yishwe nokubesha nn we ntabona iyo CENI ko idakwije amategeko kandi itacizewe iyo ni nzira yo kwiba amato ra.turagowe twarihenze tukiragiza abataribo. Ariko Yesu aracariimuzima kandi azoturwanira

  • Ew Mana Yacu Fash,uburund Dusubir Kubana Mu Mahoro Leta N,abtavuga Rumw Nabo Bakwiy Kumenya Ko Aya Maraso Yabarund,ark,arameneka,harih,umus Tuzoj,imber Y,ubucamanza Bway.

  • EREGAVYOSE BIRIKOBITERWA NA NKURUNZIZA NASOKORE ARABEKO UMUTEKANO UDACUBONEKA.KOBARONDERERA UMUTI EREGAVYOSE BIRIKOBITERWA NA NKURUNZIZA NASOKORE ARABEKO UMUTEKANO UDACUBONEKA.KOBARONDERERA UMUTI AHUTARI?

  • PETER NKURUNZIZA NUWAMBERE NUWUMWAKA NYENE TURAMWONGERA.GUMAKO AHONYENE

  • None Ga Yemwe Ntitwoba Tuvuga Ivyubak Ah Kugum Dutukana!Har Abavug Aband Ng Bafis Amashur Mak Kubw,ivyiyumviro Vyab Bitarash Mug Wasom Ivyab Ukabura Aho Bataniye N,ab Bagaye!Hama Imber Ya Vyose Nibabanz Bashireh CENI Yemew Na Bose Narirya Iyi Irik Irakora Itagikwiye!Hama Bahez Big Ikibaz C,iyind Mandat Ya Pierre Nkurunziza Kuk Niy Iteye Ingoran!

  • Nyakwubahwa mushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu cacu cu Burundi, mudutihoreze abobanyamakuru bomu Rwanda icobababaje gukora nu Burundi mumpisho.

  • emma
    none gayemwe abobantu base kwitaba iyonama kugira batorere inyishu ibibazo bihanze uburundi none raba ngo ntibavyitavye, yemwe jewe ndabonako atakindi mukeneye atari intambara ariko ntabwoba muduteye naho mwica abo muri CNDD-FDD reka tuzoraba!!!!!

  • NIMWIBEKO MUBITUNGANYE MUMENYA KO UWO MWASHIZE IMBERE AFISE ICABONA ARIYO MANA .ARIKO NTITUZI KO IYO MANA ARIYO YAHAGARIKIY IGIPORISI NGO KIGANDAGURE ABO BANTU BAFISE ISHUSHO Y’IMANA .MURAMUBWIRA UTI IZOGUHARIRE KUK UTAZI ICO URIKO URAK0RA.

  • AMASENGESHO NIYAKENEWE GUSA

  • Ko ibirwanisho vyoba bimaze imyaka itari mike bitangwa ababihawe boba bavyatswe mumayinga 2? Mbe nta bucuti buri hagati yababitanze n’abashinzwe kuvyaka ababifise kuburyo twokwizera ko ico gikorwa kizokorwa neza? Mwitwararika umutekano w’abanyepolitike gusa twebwe abanyagihugu batobato aritwe duhura n’amabi y’ibirwanisho vyatanzwe ? mbe Zedi Feruzi ari hehe? Mbe imigambwe niyo ijejwe gusubiriza abatanze imihoho muri CENI ?

  • Nakomutagize mukugerageza gusaba abadafatika.Ndabibunse yuko ivyobasaba vyose nanakimwe bakeneye, aborero ndabashushanya nimbwa yu mujeri.

  • arikoharihoabantu bantangaza ngonasokore ngwamahoroacaboneka jewembonako boganira bakarabaikibereye nayahandi abagombakoyitoza turibeshi tuvyuye akagumasivyo vyibujumbura abobavitari twobatozaintoke

  • Ahubwo ndabemera!Ntibabahende ngo bemere mugihe ataravuga ko asokoye akarenge mukwitoza ubugira gatatu.

  • Yooh N’ Ibiterasoni Barundi!! Mbe Ko Twumva Ko Abarundi Bamwe Barara Ntibuca Abandi Benshi Bakaba Barahunze Igihugu C’ Uburundi; Hoho Uwotorwa Azotwara Bande? Amahoro N’ Umutekano Birakenew I Burundi ! Burya Ivyo Vyos Bivugwa Vyo KUDAKWIRIKIRANA Abagiy Mu Mwiyerekano Yo Kwanka Ikiringo Ca Gatatu C’ Umukuru W’ Igihugu, Siwo Muti Wo Gutunganya Amatora Meza!! Umuti Ni Kuraba Icatumye Baja Mu Myiyerekano. Ahandi Ho UBURUNDI BUGIYE KUBA UMUYONGA !! . Murantunga Ndabahanura Sindabatuka Kuko Nkunda Igihugu Canyibarutse

  • Ninukurikiz amategeko mwabantu mw. Edoual yafash umugabw uprona uhereza abawurekuriw mu mategeko non kazi gukurikiza amategeko ceni kweli irakwiy gukoranya inama ? Nimba ibikwiy nanditij arerekuriw kugira inama ku mugumya hama kosilia bakumvikana munyuma ariko kweli birasekej .ivyo ntivyumvikana nagato aba rundi baratwifatiy kweri ni murek kumva ko mufis ubweg gusumba bos .hakenew ibiganiro kugira hashigwe ceni hama ishireho ikirangamisi cemew na bos reka kwiruka usatira uruhom ari ampeherezo yinzira (sabikanya igihugu mwese muronk hama mubere akarorero abandi)

  • Ikibazo c’Uburundi aho kigeze s’ico guhandikiriza amatora y’amanyanga vyanke bikunde...sinibaza ko Mandela n’abandi bateye igikumu ku masezerano ya Arusha bakoze amanyanga kucerekeye ibiringo...nibareke gukoze isoni abashingantahe bakuye Uburundi mu kaga bakaburonsa amahoro.Ibi vyose biriko biraba n’ukubera uburyarya bw’abantu bamwe bamwe .Abarundi turazi ukuri,ibibi vyakozwe ni vyinshi...nibareke kudukina kuko twarambiwe n’ibikorwa vyabo.

  • Nkurunziza agomba kubanza gusokora candidature yiwe hanyuma hagashigwaho CENI nshasha nukuvuga iyahoraho imaze kuba dissout au complet kuko ihengamiye ku ruhande rumwe.

  • None abo ba Karori boja mu matora bashaka iki ko ata bantu bafise bobaha amajwi ntubona ko babitoye bakanka kuja no mu myiyamamazo kugira ntibonone uburyo hama abana babo bicwe n’inzara

  • Mushingantahe, nibaza ko mutaratahura gushika nubu. Umurundi wese aho ari afise droit yo kubaho mumutekano. Umurundi wese s’il vous plait. Yaba muto canke uwukuze, uwutwara canke uwirimira ou alors uwukora utwiwe. Ico kirabuze mu burundi. Humura nous sommes au 21ème siècle. Saba Imana ibahe le Saint Esprit izobaha l’amour de vous même, de l’autre, de notre pays, la lumière et l’intelligence pour mieux gouverner. Ibuka Salomon ingene yasenze asaba l’humilité et l’intelligence pour mieux diriger, conduire vers le haut et non vers le bas. Pensez aux autres pas seulement akazu. Ca ressemble beaucoup àl’histoire de la guerre de 1945. Hahiriye uwuhanurwa akumva...

  • Ikizwi nuko opposotion abantu nka ba Nditije niyo amatora bayajyamo batarenza 1/100. Njye nababwira nti pore sana bategereza 2050 nibaba bagihari wenda bazoronka 20/100. Ubu ntamurundi ufite umwanya wo guta ngo aratora abo bapfayongo birwa baraturira abantu

  • Niyivure ko agifite umwanya! Nayo uburundi bwo buhagaze kumanga nini!

  • @Iragiryagahuturemi, Wowe uwaguha ubushobozi uri President w’Uburundi wakora iki? Haba mu Burundi no hanze.

  • kuruhande rwa politiki nda
    bonako hari abanyagihugu
    bari kubeshwa ngo bigome
    ke kuri Reta kandi nabany
    eshuri bamwebamwe bara
    shutswe,ngo bareke kwig
    a,bahabwakazi kokwirirwa
    mumihanda mumyiyerekano,
    umutwe wabo nuwo mubak
    oze ubugome bagahunga i
    gihugu, abantu nkabo itek
    a bifuza intambara. bimwe
    mubyo bakoresha namahe
    ra,namagambo atyaye na
    gasuzuguro hamwe nubuji
    ji, ikikintu mugihe agaciro
    nacyo,Reta yemezako ifit
    e ububasha bwokwitoza,
    nkabarundi bose, ese mwe
    abakora imyiye rekano,
    murengerwa nirihe tegek
    o?? bantu mwee mwishuk
    wa nabanyeporitiki bindy
    adya namwe ndyadya tu
    maze kubahinyura twe ab
    azi kureba iherezo ryiby
    iyumviro byanyu kuva no
    ne shetani arababesha,

  • ewe nduwimana uranshekeje pe.nturatahura abarundi ko tuzi ubwenge,tutari impene bakwegesha ikiziriko igiye kwicwa igakurikira.Ese kuvuga gusa se bimaziki? Gabanya amagambo dushaka ingiro n’ibikorwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.