Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana asabwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana asabwa (...)

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana asabwa gutanga imihoho

vendredi 7 Ruhuhuma 2014

Inyuma yaho umushingamateka Niyoyankana Bonaventure arahiriye kurongora umugambwe yaheruka guhawa na Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati, uyo mushikiranganji asabwa gutanga imihoho canke abogozwe mu mabanga n’umukuru w’igihugu, kuko ariwe yama yatunzwe agatoke mu gusambura imigambwe, ndetse akaba n’intambamyi hagati y’abanyamigambwe bashaka kwiyunga.

Edouard Nduwimana umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu

Uyo mushikiranganji asanzwe ava mu mugambwe CNDD FDD yaragirijwe n’imigambwe itari mike ndetse n’amawe mu mashirahamwe ko ariwe aja kw’isonga mu kuyisambura, yitwaje igihagararo afise muri Reta. FNL, UPD, FRODEBU n’umugambwe UPRONA uhavuye umubera ifuro ry’igiti kuri uyu wa 7 Ruhuhuma, mu gusubira kwiyunga, ndetse bakanka ko ingingo yari yafashe zo kugemurira umugambwe wabo Niyoyankana Bonaventure zidahuye n’amategeko, baragirije Edouard Nduwimana ko ariwe ntambamyi mu migambi yabo yo kwiyunga, ndetse ko akoreshwa n’umugambwe avamwo mu kubasamburira imigambwe.

Mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA no mu bandi banyagihugu batandukanye, ukaba wari umunezero ku va mu gatondo ko kuri uyu wa 7 Ruhuhuma bimenyekanye ko Niyoyankana asubije umugambwe. Ubutumwa bugufi bugufi ku buhinga ngurukana bumenyi bwa FACEBOOK abantu batandukanye, bakaba baguma bandika amajambo agaragaza umunezero, amwe yo gukeza Niyoyankana n’ayandi yo gukebura umushikiranganji Edouard Nduwimana n’umugambwe avamwo CNDD FDD.

Umushingamateka Niyoyankana Bonaventure

Umushingamateka Niyoyankana akaba yakejwe rero na bamwe mu badasigana, bamwe mu bari mu yindi migambwe nka ADC Ikibiri, aho bavuga ko ivyo yakoze vyari bikwiriye guha icirwa uyo mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umugambwe avamwo CNDD FDD. Basaba ko uyo mushikiranganji yobogozwa canke agatanga imihoho kuko ivyo gutunganiriza imigambwe vyaramunaniye, eka mbere mu minsi ivyo akora vyo gusambura imigambwe bikaba bizogirira ingaruka mbi umugambwe avamwo ndetse n’igihugu cose, nk’uko vyigaragaza aho igihugu kimaze iminsi kitagira icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ndetse na Reta ikaba itanakwiriye.

Ku bwa Karori Nditije akaba avuga ko iyo Niyoyankana yemera kurongora umugambwe UPRONA, yari kuba ahawe uburozi, ari naco gituma yamukeje kuri iyo ngingo yafashe yo kwanka gusambura umugambwe, kubera inyungu z’umugambwe CNDD FDD. Avuga ko bagira bitunganye, bategure amatora, bashireho inzego zemewe na bose, abadasigana bose, atawusigaye inyuma. Uwo asanzwe arongoye umugambwe UPRONA utemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, akavuga ko akataretse kaba gasema, agasaba ko imigambwe yorekerwa uburenganzira bwayo, yidegemvye ukuri kwamye, yonyene yitunganirize inzego zayo, nayo Reta ireke gucanishamwo imigambwe n’abanyamigambwe, mu gucamwo amashami imigambwe.

umushingamateka Gasutwa Bonaventure

Umurwi w’abashingamateka bava muri UPRONA bakaba nabo nyene bakeje Niyoyankana Bonaventure kw’iteka bavuga ko yiteye, akaritera n’abadasigana bose. Gasutwa Bonaventure akaba yamenyesheje ko uyo mushingamateka ibihano yari yafatiwe vyo gukurwa mu mugambwe vyoca bihagarara ubu vuba bwango, maze afashanye n’abandi mu gusubiza iteka umugambwe, mu mugambi wo kwiyunga barimwo. Ikindi uyo murwi usaba, akaba ari uko umutekano wa Niyoyanka Bonaventure wocungerwa, kugira ntihagire ico aba bivanye n’ibihe vya poritike Uburundi burimwo.

Yaba Urwego rw’Abashingantahe, umurwi wishinze gusubiza umutamana UPRONA n’abandi bari mu migambwe n’amashirahamwe bakaba bakeje uyo mushingamateka, ahubwo bagasaba n’iyindi migambwe yacanishijwemwo ko yosubira kwiyunga mu gufatira akarorero kuri UPRONA, wafashe ingingo yo kwiyunga, maze ingingo yo guhekerezwa ubutegetsi butatowe n’abadasigana bakayanka.

Karori Nditije umukuru w'umugamwe Uprona

Aristide Nizigire

Messages

  • Eduard Nduwimana akwiye kubogozwa kandi agakurwa no mu burundi kuko ni ANTI-DEMOCRATIC VIRUS (according to my point of view). Nibasabe USA imufungire i GUANTANAMO kuko ni co kimwe na al qeid na tariban

  • RETAT NDUNDI YOBA IFISE ABAHANUZI BAGOYAGOYA KUVA KERA NAMWE MBONA KO IVYO EDUARD AKORA BISOSERA LETA MUGA VYICA.KANDI NAWE NYENE ASHOBORA KUBA ABIZI AKINUMIRA KUKO NUMUCANGERO UWUNDI AHA ISUKARI LETA KANDI IRWAYE DIABETE NI SENDAZIRASA UMUCANGERO.ABARIMU AZI NGO YARABAHANYE NABO BAZOWUKENYURA 2015.

  • Umuvyeyi yavyaye Nduwimana Edouard, yihangane kuko birababaza, kwumva ko uwo wibarutse, yafashe inzira yo Kuba karyanisha miryango, karyanisha migambwe. Umuntu yovuga ati IMBWA ZIRAVUKA.

  • ICO NOBWIRA ABARIKUMWE NA EDWARD BARIKORIKO BIRUKA INYUMA YOGUSANZAZA ABANWAYI BIYINDI MIGAMBWE BAKIBAGIRA KO BISANZAZA NUWABO EX:ABAKOZI BARETA DECUS!!!LES UNIVERSITAIRE DECUS!!! KIBAZO?NDOMBORO NARWEMBE SAMAJWI (2)ARIKO YIRUKANA AMAJWI (1000)

  • Yemwe mugihugu cacu karabaye Retat yabuze abakozi yosubirizaNduwimana Edouard umwansi w’imigambwe,je mbere nsaba umukuru w’igihugu atebe yikure akagaye avuge n’ijambo narimwe kuri bino biriko biba ntaboneke nkuwafashe urugendo kandi ari mugihugu!Edouard nafatwe abazwe uwumutuma ububisha yama akora ndasavye!

  • tugabe kuko edouard nduwimana ushobora gusanga ari kuri mission y’abatutsi kugira basubire kudutwara umugambwe. nyakubahwa president mukure ugarukane evariste ndayishimiye, edouard nduwimana upfume umuha akandi kazi nk’ako gukurikirana imirima yawe no gutegura amategeko azoyigenga iyo mirima

  • None ko Nyenicubahiro Peter NKURUNZIZA yaje ava hanze agashika afata ingingo yo gukura icegera ciwe cambere ubuhoho ntaco aereavuga kubiriko biraba?Nizereko uwudashimiwe ngo ahabwe agashimwe kuvyo yakoze aragayigwea ndetse akabogozwa reka turindire turabe ico Edward NDUWIMANA azociribwa na President na hamwe atacokogwa ngo President ewacu ngwagire ico akora abarundi duce duca ubwenge twongere tubone ivyo tutabona.Nayo abo bose biciyemwo ibice bikubite agashi biyambike umutamana aho kwirukira amaronko bashire imberE ineza y’abanyagihugu bo babatora.Imana ibashe kwiyerekana mu gihugu cacu imitima yakomantaye ibe soft abarundi turonke amahoro

  • N ukuri N’ukuri ndababwire, burya NDUWIMANA afise Mssion yo gusambura CNDD-FDD, nyen icubahiro mukuru wigihugu, raba ibintu aho bigeze, CNDD-FDD igira isamburwe n umuntu atigeze adufasha urugamba, abatutsi n inzoka, baraduhenda, mbega mana yanje vyagenze gute kugira poste nkirya muyihe umuntu ata révolution yagize, yakoreye reta mporona, namwe muramwongera muzi ko ariwe yafunga abahutu bafashe kurugamba akanabacira imanza, mukeneye imbonerakure tubiyamirize, turondere uwoduha mininter? abahutu turakwiye gukanura tukiyamiriza izo nzoka z abatutsi.

  • Ahubwo nakumizwa Cambu c’abasokuru.Nkurunziza narabe atange amahoro ntasubize uburundi muntambara,Kandi areke kwica inzehe,muburyo ubu canke buriya,nubu nabishaka ingorane zirahera yorohereze abarundi mubwoko bwose,imigambwe yose nibindi.yiteho iterambere ryabanyagihugu nkuko arigwo rugamba hafi kwisi yose.abarundi bahebe biruhutse vrment si no hamwe amaraso yomeneka ubugira Kandi,yose yoja kugahanga kiwe Kandi yigisha nijambo ryImana.

  • Ari jewe ntamugambwe numwe nosubira gukomakoma kuko baratanguye kwerekana ko ivyo Eduard NDUWIMANA ko harigihe kizogera bikamugarukako bidatevye. tura keje Bonaventure NIYOYANKANA we yashoboye kwerekana ko ivyo bakora vyose kari ubusa n’abandi nibarabireho babone kwiyunga n’ababo kk Eduard ntabashakwira ineza

  • Jewe nibaza ko gutanga imihoho kwa nduwimana bidakwiye, ahubwo akwiye kwimanika kumugozi (bariha ubuki abami). Mais agende arishe amahera yose igihugu camutayeko ngo kiriko kiramwigisha. Il n’a rien compris àla faculté de droit. Arutwa ba va dawe baca imanza batazi gusoma no kwandika. Mbe basha igihugu kizokwakira nikihe mwisi y’Imana?

  • endabasha nimugezaho ayomajambo,kuvugango asamburimigambwenaho,bicabibonekako beniyo migambwe bayihagarariye batiyemera ahubwo baba aribijuju.bavyemereriki?

  • Jewe nama nvuga ati ntanvura irwa idahita aho vyose bizohera::Abahutu nabo nibatore ubwenge babone ukungene abandi bakora mbega muzoca ubwenge ryari mwabahutu mwe??kanure....urabona ukungene abandi biyunze::muzosonza kugeza ryari??ndagushimiye nyanicubahiro NIYOYANKANA uri umushingantahe wijunja nijambo abandi siniriwe ndabavuga nibace ubwenga babone hanyuma bazotera imbere

  • ebana eduard nakutemwo inzara si no ariko akwegera umuryango wiwe bitum atawuzobaha namazi mumisi

  • NTAWOREKA GUKEZA UMUNTU YEMEYE GUSHIRA AHO UKURI KURI KUBWANJE NIYOYANKANA ABAYE RWAGASORE WA KABIRI KUKO AKUYE IGIHUGU HABI CAGIRA KIRWA MUMANGA. IMANA ISHIMWE.

  • Yemwe birabagoye ko mutanguye kwitana amazina y’Ibikoko nawe ngo umuntu n’inzoka mbega izo mbonerakure zibona arizo zifise inguvu gusumba igisirikare bija gucika mu rwanda nuko interahamwe zavuga.

  • Jewe numvabavuga ko nomumugambwe wuwo mushikiranganji Eduardo Nduwimana waravuyemwo nyakuri yitwa UPD noneniwe yamubwiye gwashinge UPD? Ndasavye abanyamigambwe mubwire abanywanyi banyu bareke kuja gusaba umushikiranganji gushinga zanyakuri.

  • Uyo mushikiranganji ninkozi yikibi pe

  • Hahahaha, jewe simbabajwe na Eduard NDUWINDA oya nukuri , mbabajwe n’umuryango aturukamwo kuko incuti ziwe ntibakigira ico bavuga mu bandi kuko bose ntibari muri CNDD-FDD habe na gato ! ubu rero ku mashure, ku kazi, aho baciye bagenda brabundabunda bikanga ko babaca imitwe hahahaha , murambabaje basi kandi bitabavuyeko bivuye ko mu muryango iwanyu hadutse ISIHA , ntakundi jewe ndasavye urya muvyeyi wo mu muryango wa NDUWINDA abandanye aja ku mavi asenge Imana izomukorera igitango kidasamzwe, azoca abona ko yariko akwirikira ubwije . Akarorero NIYOYANKANA !!!

  • Incuti zuburundi (abatutsi) Turabamenyerey,twebwe abarundi twuzuye,mubuz kuza tugaca akenge bazoduhenda edouard nakurwe aj kuragira inka,mission yahaw yamunaniy,hama nizer kwabarundi twuzuye(HUTU) ATAGITI KIZODUKORA MUJISHO KABIRI,Mwibuk uko Buyoya yahenze Minani!

  • NYABUNA SUKUMUKURA GUSA AKWIYE KUJA KUMUSAGA NIHO HAMUKWIYE.MUGABO NDAGUYE NDAGARUTSE UWAGUKOREYE IKIBI URAMUSUBIZA INEZA.MUGABO AHAKURE ICIRWA YUKO BITEBE BITEBUKE IVYARI IMAGERA ............

  • Nduwinda Edouard ntimumurenganye kuko afise shebuja akorera niwe amutuma kuko ntiyokora ivyo batamutumye ivyo vyose namamyanga ya president.arabesha azokivako hama akurikiranwe.

  • NDUWINDA Eduard, NDUWINDA Eduard, ibimaramare ntibirakudendura ? NDUWINDA uzoramaba agasanga ugitambuka ? Ariko ..... yariye igifyera kimumena inda !

  • Barundi barundikazi muramenyereye ivyuburundi imigambwe iriho kugingo iryanishe abarundi abowunvababipfa nababisangiye kera kunvako umututsi yagiye mugambwe wabahutubanzibabobavuko bahumanye so ikibabaje nuko pita yigiye araYora igimwenyivyabatutsiahindira mumugambwe ntamenyeko bari kwidiri ryogusambura umumbwepita akwiye gusubiza amaso inyuma akabona umucezo atutsi bariko bakina aturuko ntabona iyo yavuye abafise icobamazemaracanemwo kubera basesankuyoze wibagira abomwasangiye igishirira nturyame ngo usinzire umeko uryamanye ninzoka ndangije nkebura abarundi ko batocika inguvu kubara mwakize intekera kumutwe mukaba muzi ico CNDD yamaze nivyo yakoze nibaza ko na porona batwaye imyaka nkiyibisi ntacobamaze atarugushira amaronko imbere iyobariko bararyanira ibiyi bitwaza abanyagihu nubwoko kugirango abarundi bacanemwo koku babona atayindi nzira banyeporitike stop kuburagiza abana b’Imana plz change somethinghe can help our country.

  • Akataretse kabagasema bibere icirwa bansumirinda!!!!

  • Wewe Ngendawilly CNDD FDD NOKUVA IKIRIMWISHAMBA YAMANYE NABANTU BOMUBWOKO BWOSE ABAHUTU, ABATUTSI, NABATWA KANDI BABANYENEZA, WEWE RERO UGIFISE AGATIMA KOKWIGISHA AMACAKUBIRI MURI CNDD FDD WAZIMIYE GENDAHANDI IVYONTIBINTANGAZA KUKO NANYANGOMA YATANGUJE CNDD HARIHO ABABIMWANKIYE NGOKUKO AKORANA NABATUTSI NONE WEWE NCIYEMBONA KO URIMUBABIVUGA, ARIKO BIZOKUGORA NGAHA MU BURUNDI.

  • Nukuri abarundi barakwiye kuva basi bakarwanya abobose bafise imigambi mini barota gusubiza abarundi mundwane zahise bitwaje ivyobarivyo nogushira imbere inyunguzabo uburundi burafise abashingantahe bashoye amabanga yigihugu not guha abantu bimburakimazi comme nduwimana avec les auger bafise ivyiyumviro vyogusubiza abarundi inhuman bibuke akarigahitiye!!! umukuru wigihugu bibazwawe ntiyigire sindabibazwa kandi azobibazwa ubika ikara mugashambara bwaca rikaguturira Kenyatta Ari muri icc nabo irabarindiye ntamvura idahita imbwa yahiye kumurizo ngo buraca tuhereke abagabo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.