Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Edouard Nduwimana atungwa agatoke nk’intandaro y’ugusambuka kw’imigambwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Edouard Nduwimana atungwa agatoke nk’intandaro y’ugusambuka kw’imigambwe

Edouard Nduwimana atungwa agatoke nk’intandaro y’ugusambuka kw’imigambwe

mercredi 21 Rusama 2014

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yasubiye gutungwa agatoke n’imigambwe ko ariwe atuma imigambwe icikamwo amashami, ariko uwo mushikiranganji akavyamirira kure.

Mu nama igira kabiri yo kurabira hamwe uko urupapuro rw’inzira abanyeporitike biyemeje mu ntara ya Kayanza mu mwaka uheze, uko ruriko ruraja mu ngiro, abanyamigambwe baratunze agatoke cane umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana ko ariwe ntandaro y’icikamwo kubiri ry’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi. Naho hari n’ibindi bibazo bitandukanye vyari biraje ishinga abo banyeporitike, ico gusamburwa ni nkoramutima kuri bo.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamirira kure abavuga ko ariwe ntandaro yo gutatana kw’imigambwe, akavuga ko abo bavuga ivyo bokwisuzuma bakarabira ingorane zabo iwabo nyene, kuko we atunganiriza abamwitura, kanatsinda avuga ko ata munsi n’umwe aja kuraba iyo migambwe, ahubwo ariyo nyene iza imwitura kurya umurwayi yitura muganga. Edouard Nduwimana agira ati : "Si ubwa mbere babivuga! Ni hamwe urupfu n’impfane bijana. Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu dukurikiza amategeko n’amabwirizwa gusa".

JPEG - 55.8 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana asaba iyo migambwe yonyene kwitunganya igasubiza hamwe, iyindi nayo yasambutse yiyunge kugira igire ubukomezi, kuko kwagiriza Reta n’ubushikiranganji ku bwiwe ni gufata inzira yoroshe."


Floxella Karire

Messages

  • IL FAUT AVOIR LE COURAGE NON SEULEMENT DE DECRIRE OU DE DENONCER DES SITUATIONS MAIS AUSSI D’APPELER LE MAL ET LE CONDAMNER ICI ON FAIT ALLUSSION AU MINISTRE DE L’INTERIEUR, EN PUNIR LES AUTEURS , ET VALORISER LES SYSTEMES JUDICIAIRES, ETAT DE DROIT A TOUT LES NIVEAUX DE POUVOIR
    - ON DOIT CONSENTIR A FAIRE LE DEUIL DES VIEILLES HABITUDES NUISIBLES A LA RES PUBLICA
    - DE LEUR GANGRENE, CES POLITICIENS BURUNDAIS ONT CONTAMINES DES GENERATIONS FUTURES, ILS SONT SANS SOUCIS DU LENDEMAIN

  • Zigamibanga konzi nayo yamanyutse kuri CNDD FDD iyo CNFF FDD ikaba arumugambwe uwo nyakubahwa umushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu avamwo mwocamuvuga ngoniwe yabigizemwo uruhara? Nashaka kubamenyesha ko ari aharwana karimubarundi mbese gakuze kuzanana mukwibaza ngonimuri democratie ngumuntu mudahujegatoya ngucuheza ukigirira icowishakakiye. Mberejewe mboneyeho nakaryo kokubwira abanye politique bazorondere akanya bicarire icokibazo murondere impamvu ahozimva,nayomukomeje kwihenda akokagene kokugumamuronderera ingorane ngwiterwa numushikiranganji ivyobibazo bizokomeza kwiyongera cane kuko muronderera umuti ahutari. Urazi kwikanga umusuma yakwinjiranye munzu ukiruka uterurwamo kumurabira hirya yagasozi kandi umusize munzu!? Kubera ugiyekumuronderera ahatari ntawubona kandinabogutabara baragerageza bikanka kubera wabagenekereje nabi, Uwomushikira nganji nimwaba munyemereye nobashaba kumuhagahengwe kukumuntabishize mukuri haraho mwosanga muriko muramutoteza, abandati ivyidashaka ko bakugirira ntubigiriruyundi, mbehoho ejowewe wogiraguti ukisanga mwicokibanza hanyuma ivyomwirirwa muragiriza uwomushikiranganji bikagushikira uraziko harihabantu bibukabocabatangura kukwibutsa ukowirirwa uratoteza uyu mushikiranganji Edwuardo?

  • Mureke kumubeshyera. None se ayicamo ibice niwe uyiyobora???? Iyo migambwe nta bantu igira none ubu mwambwirango Uprona ni umugambwe!!! Ni umugambwe fantôme kandi ukaba ufite amaraso mu biwuranga kuko mwese muribuka Genocide Hutu muri 72-73. Cyangwa ubwicanyi bwa Ntega Marangara ba Mbonimba na Sinduhije
    Bagizemo uruhare!!!

  • Ahubwo Murundi nibareke kumurenganya ninda zabo zabagoye kuko nibo bamwitura nawe akabatunganiriza gutubika uwavubi ntavyo bazi Batiyunze bonyene nibaze ko atamahoro bazigera baronka barajebajeba bareke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.