IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Edouard Nduwimana yagiriza amashirahamwe ko akora poritike ku bice 98 (...)

Edouard Nduwimana yagiriza amashirahamwe ko akora poritike ku bice 98 vy’ivyo avuga

mardi 5 Myandagaro 2014

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yagiriza amwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike ko akora poritike ku bice 98 kw’ijana vy’ivyo ayo mashirahamwe ashikiriza. Ayo mashirahamwe nayo yagirizanya hagati yayo amwe ko avugira Reta, ayandi nayo akayirwanya.

Mu nama yahuje umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe n’abatwara amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, haribonekeje ukutumvikana ku bikorwa ayo mashirahamwe aba yariyemeje. Amwe mu mashirahamwe yagirizwa ko akorera mu kwaha kw’umugambwe CNDD FDD, ayandi nayo akagirizwa ko avugira abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Kubw’ayo mashirahamwe yagirizwa gukorana na CNDD FDD, abatanga uburyo bwo gukora baravangura, hakaronka bamwe, n’iyo habaye imibonano ntibatumirwe. Bagiriza Pacifique Nininahazwe, umukuru wa FOCODE ko ariwe yasavye Paul SEGER, intumwa idasanzwe yo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu rugendo yahoramwo, ko yokwakira ayo mashirahamwe mu mice ibiri. Ayo mashirahamwe yakiriwe ubwa kabiri avuga ko pacifique Nininahazwe ariwe yanse kwakirwa hamwe n’amashirahamwe nka Pisc Burundi irongowe na Samuel Nkengurukiyimana, hamwe na ONELOP Burundi ya Njangwa Gilbert Becaud, ayo mashirahamwe yompi akaba yagirijwe ko akora nk’abavugizi ba Reta. Kubwa Njangwa Gilbert Becaud, nico gituma n’amashirahamwe barongoye atigera aronka imfashanyo, kuko haca haronswa abo bandi, ari nakwo guca asaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko yogerageza gutorera inyishu ico kibazo.

JPEG - 65.3 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yabaye nk’uwukarira amashirahamwe yagiriza ko akina poritike, akaba mbere yamenyesheje ko ivyo ayo mashirahamwe ashikiriza, aba ari poritike ku bice 98 kw’ijana. Kubwa Edouard Nduwimana, nico gituma n’iyo ayo mashirahamwe amusavye gukora ingendo z’amahoro canke imyiyerekano atayemerera, kuko avuga ko haba hari imvo za poritike zinyegeje inyuma. Tubamenyeshe ko kuva umwaka w’2014 utanguye, ku ncuro indwi amashirahamwe amaze gusaba gukora ingendo z’amahoro, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ata na rimwe buratanga uruhusha.

Muri iyo nama, Edouard Nduwimana yasavye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike guhitamwo gukora poritike, canke akore ivyo yiyemeje umunsi yemererwa gutangura gukora ku mugaragaro.


Egide Nduwimana

Messages

  • UMWANA W UMUGABO ARYA NGO IVYUMUGAYO!!!!HEWE WEHO BIZOKUGORA HAGARARA GATO GUSA ,,NGO ABATUTSI EWE WEHO URI UMUHIMA EXPOSANT N...WARAGOWE JE NDI ALICE NOGUHEBA UKIPFANA KUKO IVYO UKORA VYOSE NTAKIZOHEZAGIRWA,,AKAJAGARI KOOSE NIWE UZOBA UKAZANYE //

  • Oya namwe mumbwire igikorwa nakimwe citerambere ry igihugu canke umugambi woguteza imbere abanya gihugu uretse guteza imbere akarimi gusa Nyimba ari amashirahamwe nashire hamwe aba nyagihugu babahe ubuzi bubateza imbere baronke amahera nibindi.Uwo mugabo Pasifike nawe abantu biwe bamufata nki mana,ahaaa niyitonde cane imvugo yiwe iramugaragaza ariko ntaco.

  • jewe narizi ko nduwimana ari umututsi !!none kombona afise,amabiga akaba atamutututsi agira amabiga

  • Ewe Mukobwajana pfa wipfane. Kuko uwo mutima wawe wabojeje nirondakoko,nureke uhebe ibuzimu kuko ivyo vyamoko ntaho bizogushikana canke ugende kwibera murwanda mbona ariho vyokugirira akamaro,abarundi ivyamoko twarabirenganye naho ntamushingantahe wukuri nka Nduwimana kuko numuntu yunga abarundi atarevye amoko.wewe rero Mukobwajana pfa wipfane kandi wongere wihambe kuko urumurundi yaboze mubwoEwe Mukobwajana pfa wipfane. Kuko uwo mutima wawe wabojeje nirondakoko,nureke uhebe ibuzimu kuko ivyo vyamoko ntaho bizogushikana canke ugende kwibera murwanda mbona ariho vyokugirira akamaro,abarundi ivyamoko twarabirenganye naho ntamushingantahe wukuri nka Nduwimana kuko numuntu yunga abarundi atarevye amoko.wewe rero Mukobwajana pfa wipfane kandi wongere wihambe kuko urumurundi yaboze mubwoEwe Mukobwajana pfa wipfane. Kuko uwo mutima wawe wabojeje nirondakoko,nureke uhebe ibuzimu kuko ivyo vyamoko ntaho bizogushikana canke ugende kwibera murwanda mbona ariho vyokugirira akamaro,abarundi ivyamoko twarabirenganye naho ntamushingantahe wukuri nka Nduwimana kuko numuntu yunga abarundi atarevye amoko.wewe rero Mukobwajana pfa wipfane kandi wongere wihambe kuko urumurundi yaboze mubwoEwe Mukobwajana pfa wipfane. Kuko uwo mutima wawe wabojeje nirondakoko,nureke uhebe ibuzimu kuko ivyo vyamoko ntaho bizogushikana canke ugende kwibera murwanda mbona ariho vyokugirira akamaro,abarundi ivyamoko twarabirenganye naho ntamushingantahe wukuri nka Nduwimana kuko numuntu yunga abarundi atarevye amoko.wewe rero Mukobwajana pfa wipfane kandi wongere wihambe kuko urumurundi yaboze mubwonko

  • None Eduard yaza yerekana ko atakindi kimuraje ishinga atari "nyakuri " ziwe!Ayo mashirahamwe ariko ata ubwoko ngo ntafashwa,kubera iki bene kuyashinga batoyafasha!None wagira ntibizwi ko yabayeho kugira cndd-fdd yerekane ko hari amashirahmwe yo muri siciete civile ayishigikira munyangaikoresha mukurongora igihugu.Hama ngo amafashanyo!Erega abazungu ntabwo ari abarundi mucurika mugacuranura uko mwishakiye.Bobo barabona abavuga ukuri canke ikinyoma.Baca rero bafata mumugongo abo bavuga ukuri kw’ingeneigihugu gitwawe,kwigene ubutegetsi butariko bukora ivyo bwategerezwa gukora.Samuel Nkengurutse ahubwo nta n’isoni agira!Yabaye umu societe civile kuva ryari?Uretse amaronko yakurikiyemuri cndd-fdd hari ikindi!Ndamuzi neza ntabu societe civile bwiwe,yakurikiye amabwire y’umugambwe uri k’ubutegetsi.Cndd-fdd n’iyo yawushigishe izinduka iwunywa ivyanka canke ivyemera.

  • ewe nduwimana ayo ma binga arateye ubwoba urakwiye kw’ikebuka ayo mashirahamwe nayo ukunda urayafasha.

  • Ewe Nduwashetani none ga ugomba abantubose baje baragushigikira mumakosa niho wokwemera ko bigenga utumy,aba police kwic,abantu bace baheza bakomamashi rindira ushigaj,igihe gito ayo manyanga yawe ahere ubanzucikw,ugo waciriyabandi bakumanik,ubuguru upfe wenena wa kirofa we aba DD bagukoresha nkitingatinga!!!

  • Mwa ba DD ivyomwigira nimubigire muzi ko iminsi yanyu isigaje iminsi mike namwe mutangure guhunga nkuko muguma muhungisa abandi mugabo mwebwe muragowe kuko sinzi aho muzohungira. Kuko twebwe mwahungishije aho turihose turabarindiriye kumwe igwe irindira impongo

  • Yemwe ndabaramukije, jewenakomeje. Gukurikirana abandikangaha bamwebamwe, nasanze inyandiko bamwebandika zerekanako cndd fed itsinzwe mumatorahariho abocabaduka mubanywanyi bayo kubagiriranabi! Niyompamvu cndd fed abarindibatorota bareka kuyitora kukoguhigira kugiriranabi uyumushikiranganji bizoruma mutazigera mutsinda amatora.

  • Uyumushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu ndamikunda cane mumuvyeyi wamokoyose agize abarundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.