IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ekereziya Gaturika yagirijwe ubwicanyi bubera mu Burundi

Ekereziya Gaturika yagirijwe ubwicanyi bubera mu Burundi

lundi 21 Ntwarante 2016, par egide

Amashirahamwe abiri adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi ariyo PISC Burundi hamwe na CAPES + yagiriza Ekereziya Gaturika mu Burundi ko ifise uruhara ku bwicanyi bubera mu Burundi. Abungere ba Ekereziya Gaturika mu Burundi bagirizwa kandi ko bafise uruhara mu ngingo yafashwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya y’uguhagarika imfashanyo zahora zihabwa Uburundi.

Ayo mashirahamwe amenyesha ko Ekereziya Gaturika mu Burundi iifise uruhara mu bwicanyi bwabaye mu mwaka w’1972, hamwe n’igandagurwa ry’umuganwa Rudoviko RWAGASORE.

JPEG - 24.3 ko
Bamwe mu Bungere ba Ekereziya Gaturika mu Burundi

Mw’itangazo ryasohowe n’ayo mashirahamwe, bagize bati : « Mu mwaka w’1972, turavye imigenderanire ya hafi cane yari hagati ya Musenyeri Michel NTUYAHAGA hamwe n’umukuru w’igihugu Colonel Michel MICOMBERO, ihonyabwoko ry’Abahutu, na cane cane Abapatiri b’abahutu, ntivyoreka gutera iceyi ishengero rya Ekereziya Gaturika. »

Ayo mashirahamwe yamenyesheje kandi ko Ekereziya Gaturika mu Burundi izobazwa urupfu rw’umuganwa Rudoviko Rwagasore hamwe n’abana biwe b’abakobwa babiri, kuko kubw’ayo mashirahamwe, ibiziga vyabo nta n’umwe aramenya irengero ryavyo.

Musenyeri NTAMWANA yagirijwe ko yatanguje umuhari « SINDUMUJA »

Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni NTAMWANA yagirijwe ko yatangujwe umuhari « SINDUMUJA » w’abagumutsi, mu mashirahamwe PISC Burundi na CAPES + bakavuga ko uwo muhari yawutangurije i Gitega, muri komine ya Giheta, paruwasi ya Murayi, aho yararikira abakirisitu ba Ekereziya Katorika mu Burundi kutazokwemera ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yitoza, kandi ntibazomutore.

Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura nawe, Musenyeri Evariste NGOYAGOYE, yagirijwe ko yashigikiye kandi ko yanezerejwe n’igeregezwa ry’imigumuko mu Burundi.

Tubibutse ko iryo tangazo ry’amashirahamwe PISC Burundi na CAPES + risohotse inyuma y’iminsi mike gusa Reta y’Uburundi isavye amashengero amwe amwe guhagarika gusohora amatangazo aca ivutu abanyagihugu.
Mw’itangazo ryasohowe na Reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yamenyesheje ko amashengero amwe amwe yataye akarangamutima.

Muri Reta y’Uburundi bagize bati : « Turakebuye indongozi z’amashengero amwe amwe yemewe n’amategeko mu Burundi, ku nyifato mbi yerekanye muri ibi bihe turimwo. Bamwe muri izo ndongozi barataye intumbero y’ukubungabunga imitima y’abakristu, bakoresheje ijambo ry’Imana, mu gushikiriza amajambo aca ivutu abenegihugu, agasasira indava abagizi ba nabi n’abagira iterambwoba. », Pascal BARANDAGIYE umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu naho atadomye urutoke kuri ayo mashengero, akaba yavuze ko mbere n’ubu hari abakibandanya iyo nyifato mbi, akaba yababwiye ati : « GEZAHO ».

JPEG - 34.2 ko
Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Inama nkuru y’Abepisikopi ba Ekereziya Gaturika mu Burundi yaheruka kumenyesheje mw’itangazo yahoye ko Uburundi buri mu mayira abiri, Abungere ba Ekereziya Gaturika mu Burundi bakaba bamenyesheje ko inzira y’ibiganiro hagati y’abanyeporitike babona kure ariyo nyene izotorera umuti ibibazo biri mu Burundi.

JPEG - 22.9 ko
Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa arongoye inama nkuru y’abepisikopi ya Ekereziya Gaturika mu Burundi

IGIHE

Messages

  • Mu kirundi bavuga bati:uwuza gupfa arazanzama. noneho mbaye wa wundi intenderi irasheshe umuti. none ga Ntamwana yabaye umututsi kuva ryari? UKURI KWITWA UKURI.

  • Ivyo nivyukuri kuko iyo Abobasenyeri Babonye ko abakunzibabo nka barya bagize imigumuko bagwanijwe bikwiye baca basohora itangazo Ariko iyobaganguye Muguhungabanya umutekano Ucumenga sihobari.<<Ntawuramenya imana bakorera>>

  • jewe nibaza ko bobavura mumutwe mugira musare nimutaba mwaratanguye ivyo nibimenyetso vyibihe.

  • Ngabo abo bakozi b’Imana ni mubakoreko turabe,mbe ko muvuga ngo abo bungere ngo nibo batumye imfashanyo zihagarara,uwo Musazi NDABIRABE GELASE ntiyavuze ko uburundi bwikwije kandi ngo akimuhana kaza imvura ihise!!gume hamwe mudandaze AMAVOKA mwarimye arimwo amahera"UWUSHAKA URUPFU ASOMA INGWE"

  • MANA !yanje none mubona tujahe mugihe nabohanuye bivanga muvya politike ugiy gusenga kwantabona imisi yose yigisha politik cathedrale yoyo nibara jewe nukuriri sinkisenga kuko ntacontahana ibisomwa ntabwo bihura nivyo basama!

  • Aha Noneho Biratayivyatsi Imbwa Mugupfamunyana Musigaye Mumeze Nkimbwa Zasaze Ese Ivyagwasore Bimenyekanyubu Ko Ntaribwavyunve Mura Cishagace Bagaza Yakozimana Mujisho Ayoyabonye Namwekomeza Mbekobasabiramahoro Haruwo murunvabishe Oyakweri Cabananiye

  • bella mbe uri umurundi ukuri rero kubara uwukwuzi mbe urazi muntambara ivya abapatiri nabasenyeri rekareka urabaze so canke nyoko wawe azakubwira nimba utaribwakure uzabaze sokuru

  • Abantu benshi ntibaryoherwa no kwumva ko abasenyeri b’Ekleziya Gatorika bafise uruhare mu rupfu rwa Rwagasore. Mbe mwari muzi ko Ekleziya Gatorika ariyo yamamaza umugambwe wa P. D. C. (Parti Democrate Chretien), ari nawo war’uhanganye na Uprona ya Rwagasore. Kuko Rwagasore yashaka gutembagaza ba kavamahanga, kandi ibirindiro vyabo vyari bishinzwe muri Gatorika. Gatorika ntishaka umuntu adashikiye ibitekerezo vyayo, no mu Bulayi iyo yakomotse, yagwanye intambara nyinshi yica, ikombora abami, kugira ngo bose bayitinye. Ni naco catumye yigisha ivya purgatori n’umuriro udahera muri 1439, ngo abatayemera bagire ubwoba bw’uko bazosha iteka ryose ni bamara gupfa. Umukuru w’igihugu rero arahakomerera burya ahangaye n’inyamaswa y’amahembe cumi n’imitw’indwi.

  • Jew Nama Nabivuze. Ahubwo Nibatangure Kubasaka Maze Murabe Ko Mutabasangana Ibigwanisho. Iyo Batsinzwe Baca Bakoresha Akarimi Mu Guturira. Bahe Gasopo Badahindutse Mubugarire Amashengero Mwongere Mubufunge.

  • Jew Nama Nabivuze. Ahubwo Nibatangure Kubasaka Maze Murabe Ko Mutabasangana Ibigwanisho. Iyo Batsinzwe Baca Bakoresha Akarimi Mu Guturira. Bahe Gasopo Badahindutse Mubugarire Amashengero Mwongere Mubufunge.

  • Jewesindi Umukirsitu Arikonagombandemeshe Benedata Nimwihangane Kuko Iyo Imbwazasaze Zirya Uwo Zibonye Wese

  • Jewesindi Umukirsitu Arikonagombandemeshe Benedata Nimwihangane Kuko Iyo Imbwazasaze Zirya Uwo Zibonye Wese Kimwegusa Nobabwira Nuko Akokarere Zisariyemwo Abantu Aribobazahira ( Umuti ?? )

  • Mbe ko mugire mufatigwe ibindi bihano none ubu muzota ishavu kuri bande GA yemwe mura kumbura muje kwivuza kuko mura gwaye mumitwe

  • Birakaze! Erega nimureke guta umutwe! UE, USA, Katorika, CNARED, Rwanda,... none ukuri kuri hehe! Ikibazo ni mandat ya gatatu ya petero Nkuru, hamwe n’imbonerakure n’abanywanyi biwe. Erega nibagira urukundo bakareka kwihorahora, bakihana, abafashe ibirwanisho nabo bakabisubiza hasi hakaba kwumvikana uko igihugu gitwarwa kandi bakihana bibaye ngombwa batihanye bagahanywa n’ubutungane, amahoro yoca aza vuba. Umukuru w’igihugu niwe bihagazeko vyose. N’afate ingingo mu mwanya muto bica bihera!

  • Mbega ko mwahora mwitwaza ivyamoko none na Ntamwana n’umututsi? Abiwabo bishwe n’atutsi na muramuwe Kabushemeye yishwe n’atutsi ubu basigaye ari 2. none ko bitwaza amoko ubwo barakunda abahutu bokabaye bavuga rumwe na Ntamwana. Yemwe Barundi ntiduhendwe n’inda bavugira s’amoko s’amadini ahubwo n’inda ndende.

  • nimwugar pe,nn k mwizitiy knd mws ariy musenga.kirazira kwifatany na politiqu namba musenga vyukuri,mw ngah kabananiy@mws nimukizw

  • BATANGUYE GUKINA POLITIKE KERA IYIMANDA YA NKURUNZIZA IRABEREKANYE KO BATAYE IBANGA! NI BAJE KURI TERRAIN RERO TUBAHE AMAJWI!

  • Wa wundi ati uwahenye ntiyambara, Abanyengozi murerekanye ko ugutwara igihugu atari ivyanyu. Gende mutege ifuku mwongere mwimbe inanka. Ubu rero ko bibaniye bose ni abansi.Abatari bake muri mwebwe barezwe kandi bageze aho bageze kubera Ekleziya gatolika. Muri intashima iyo muva. Ariko ico sico kibabaje cane ikibabaje, n’uko muriko murata mu manga igihugu. Ariko mutihenda imisi yanyu iraharuye kuko ibintu ntibishobora kubandanya gutyo.

    Ikibabaje kandi n’uko Abarundi isinzi bazohashirira kubera ubwenge buke bwanyu.

    Mbega mu ba DD nta numwe aciye ubwenge arimwo?

  • bwabundi uku nikogatorika yakoze amahano muriki gihugu? kandi bakibanda....!!! sizosubira guhonyoza ukuguru murusengero rwagatorika bayi...ahoguhanura abirirwa baratera zagerenade kugirango babihebe ahubwo baca babakezango babonakure kandi baba bariko bagandagura abakirisu babo.....!. rete ntiryame umukondozoso kuko ihanganye nabari hanze nindani, ibibintu mubifatane uburemere kuko kirazira gusuzungura uwo muhanganye mwabonyeko ari nindani......

  • Ndashaka gukebura abantu bagakomeje kuvuga ngwivyamoko nkuwitwa Musaga, umvandakumbire nabandi bameze nkawe rabangaka ivyavuzwe nayamashirahamwe ntanahamwe bavuze ivyamoko kandi umenyeko irishengero ryacu rya Catholic siryubwoko bumwe icobavuze nimwifatire yindongozi zishengero ryacu imvungozabo zidaheza ngozubake imitima yatwebwe abakristu jewe ubwanje nukubwirako ivyobanyigishije mugihe nariniteguye guhabwa isakramento ryogukomezwa ndavye ivyobanyigishije nkareba ivyobariko barikoza novugako hariho ikintu nibagiwe kumbwira naco kikaba aruko barikumbarira bati: UZOZE URITAHO KWUMVA IVYOTUVUGA NTUZOZE URITAHO IVYOTWIKOZA.

  • HUMURA BEPISKOPI UHORAHO ARABABONA NUKO ABADEDE BAMYE BAKORESHA IGIKENYE.ARIKO UHORAHO AZOTANGA INYISHU%BOS BATAZOTAHURA.

  • Ewe umuhutu asaze arusha umututsi mu guhama uwo basangiye ubwoko. Abo basenyeri gaturika nabo bafise abagore n’abana kurusha ayandi madini. Mwene ruhuna bene bududira , muka ntamwana,abapadiri bo bagenda bakikijwe n’utudemusi ntawe bakanga rero n’igisabisho cabo Imana ntikicumva nibabanze bihane

  • Igihugu cabaniye gutwara nkenda mama
    Musigaye mupapira gusa.Murahuzagurika.
    Muragaraye uwomuronderako amakosa wese mumwagiriza 1972.Puuuuuuuu

  • Yemwe yemwe, ubwo bunyeshamba ngo nubushirahamwe ataco bwi banga bwatayi ndero,barabaraba neza, abobaburongoye ko bakwije. jewe sonye ivyo bashikirije nibajije ntinone kuva hapfuye Nyakubahwa UMUGANWA ATARUMUGANI RWAGASORE, nu bwicanyi bwa baye 1972 unomusi niho bagoboroye acarimi ? mbe bari barapfuye unomusi bazutse batanguye kuvuga ibitagirumutwe namaguru ? jewe irindwi nakabiri nariho nta mu patri canke umusenyeri nabonye yagiye gutori gi panga ngo yice abenigihugu. ubwo bushirahamwe bwinyegeje kera buzabumenyekanye, aho buhagaze kwabwo bufatanije na Nkurunziza Peter guhonya abanyagihugu. mbega bibaza kwabo bariko barahangara mumutwe, bibaza kobangana? kandi ntanaho bazigera bangana nabo, kury,i nka isumbi mpene niko babasumba. ngomba mbabwizukuri, inkozi yi kibi iyo yu mvise bayivuganye ukuri ntahizigera inezererwa ukuri igerageza kurwanya ukuriri. namwe mwibaze mubantu bangajwe na bagerageje kwerekana ukurikwabo, dufatiye kubihangange bikomeye vyari vyereye Nkurunziza, mbere banabanye mwishamba barerekanye ahukuri kuri, unomusi barihehe?UNOSI BARI MUBUHUNGIRO! kubarero bariko bararwanya imvugakuri sigitangaza, ibihugu vyagerageje kwerekana aho bihagaze kubibazo vyahano mu Burundi, ubu bavyanka urunuka. None muzoze mundabira iherezo ryabo bagaboooooo rizo ribiiiiii karabaye.

  • Mubita abakozi b’Imana ariko bo biyita abungere. Jewe nibaza ko nmabo nyene batazi aho igihe kigeze. Umwungere aragira intama kuko itazi ubwenge. Burya iyo biyita abungere b’imitima, baba bashaka kuducamwo ngo twumve ko tudashobora kuronka ubwatsi bwiza ataribo batuyoboye. Ico n’ikinyoma. Uburundi ntayo butagowe abo bari ngaho. Uwo yavuze ngo Bagaza yakoze mu jisho ry’Imana, har’ico atazi. Vyose vyaterwa no kwivanga mu bitabaraba. Kandi Uburundi bwo mugihe ca Bagaza si bwo bwo mu gihe ca Nkurunziza. Bibaye ngombwa n’isengero yabo twoyibarekera. None mugirango bafise iyindi Bibliya uretse irya yindi tuzi ivuga ko Abategetsi bagomba kwubahwa kuko ata kuganza kuganza kutava ku Mana? Mbe mugomba ngo nemere ko Nyen’icubahiro Umukuru w’igihugu arushwa imigambi na Bansimiyubusa canke Ntamwana? Uko vyoba kose niba abo bagabo ar’abakozi b’Imana, hariho ikintu bakibura. Kandi kukironka ntibizoboroheras kuko biyemera ku "watoranijwe n’Imana" ariwe Petero w’i Burundi.

  • Biragaragaye ko nkurumbi nakarwi barikumwe bamaze guta umutwe ico nikimenyetso cuko akokarwi gasigaye kumihembezo igisigaye Ari ukukarendura musigaye mumeze nkumwana ahiye mukwaha ayomashirahamwe abarundi namakungu basemereye kuva kera ko Ari ayashinzwe nankurumbi mugahakana none arigaragaje ahubwo amakungu nanyarutse abafatire ibindi bihano mumaguru masha

  • Ntibitangaje.Abantumurenga.Muribukako.Nigihe Yezu.Yariko.Arigisha.Intagondwazagumazimugwanya.Arikonticabujijeko.Arangura.Ubutumwa.Arikoyemwe.Peter.Yahindutse.Herodi Napirato?Mbegayemwe.Mumbabarigatombabaze.None.Ninde.Azoraga.Ukuri.Igihugu?Duheruke Gwagasoregusa??Burundi Burundi.Garukigwa!!

  • Iyo catholic jew sinumva nabata umwanya ati ngiye gusenga Ugo surusengero abobose bigira abungere bakerezia abobose nibo bazana iryane mu gihugu. Ese abana b’Imana barivanga nivyiyi is?

  • Nkurunziza azobaze JB Bagaza ingene vyamugendekeye igihe yiha gutoteza gatorika mu Burundi.none Nkurunziza azohangana naba gatorika bose mu Burundi no kwisi yose abashobore?!!!nagerageze turabe ico nzi co ni uko atazomenya ikimukubise aho kivuye

  • ABANYISIRAYERI BASHITS MUGIHUGU C ISEZERANO BIBAGIRA IYO BAVUYE NN ABAHUTU TUGOMBA TUMERE NKABO!

  • Ewe Maria nta kirutimana urazi ko ata kirutimana aho bukera vyose bizo hinduka nda bona ko uzo rwara agahinda ko ata bubasha muzoba mufise go kunigagura inzira karengane Hama uwu vugishije ukuri mukaca muvuzinduru aho bukera muzumigwa nu ru vyaro rwanyu

  • Iyo mfashe akanya nkiyumvira ku biba mu Burundi ngira isoni zo kwitwa umuntu.Kugeza ryari tuzoguma mu kaga nk’aka?Usanga abakozi bimana bihaye kuba aba nya politike si vyiza.Dukeneye Amahoro ntakindi.Ugukumirana n’indyane vyaranze abarundi ndabona ataco bizodushikana.Bikaba arivyo ko Eklezia yitwara nk’abakinyi ba politike ni babihagarike.None kuki twese dusa n’intumva?ntacari gikwiy kudutandukanya.

  • emwe,ha,ivyuburundi,nibobavyiyizinanyeko,twebwe,batwugira,ibigugu

  • Abobagabo Bataye Umutwe Kubona Bifatira Mugahanga Ecclesia Y’imana Nabungere Bayo .Batayumutwe Kandi Imisi Yabo Irabazwe .Buriyigiti Kiturigwa Vyerekana Kwiyintwaro Igiye Guhera ,baracishagace Bagaza .Imana Ntityozwa Izisubizumutamana .Abakirisu Musenge Imana Idufashe .

  • Emwe Jewe Bigeze Aho Binzazanira Emwe Haravuzwe Vyishi Hamwe Nokumenyamwo Ukuri Vyorinda Umuhinga!

  • Umurimyi Ntiyigire Umushoferi; Kandi Umumenyesha Mana Ntakigire Umunyeporitike!

  • Ni batekerejee gute ibimaramare kuri ekleziya mvyeyi. Yoba ariyo yabatumye kugandagura abo naje je????!!!!!

  • ni bareke kubata kw’impfane iyo bemera ivyo babahanura hakiri kare ntibiba birinze kugera aha. Kandi muri bibiliya haranditse ko hazogera igihe abantu batacemera ukwigisha kuzima bakazoca bironderera abigisha bahuje n’ivyipfuzo vyabo berekwa ivyo ababatumye bashaka. ab’Episkopi ba catolica si ba niryo kandi ntibagenzwa n’inda. reka abamenja bamenje amaherezo ukuri kwabo kuzotsinda n’impamo y’Imana.

  • Abokorera imana nibayikorer. abakorera sezari nabo bamukorer abokora politique nibayikor ariko tumenyeko imana irihejuru yatwes!

  • mbendababaze ubisomawese ace anyishure kayafa na bagenziwe barabaki?baciriye uruki yesu?isaha icenda zubuca zokuwagatanu none kayafa banshimiyubusa na evalist na nta mwana bataniyehe?kubabogwanyareta sigitangaza nabantu mberebuntu!ega episcopal nigarade rumubiri uzobora atakindusha atrivyubahiro namaronko gusa hebeguhendwa

  • Abagira politike baturengeye akarimbi baza marimari muma shengero badutwara amabanga none nibo badutanze kurakara? Ahubwo nibagezaho ntibasubire kandi babigire indahiro itarengwa

  • Ko mbona I vy’uburundi bigenda bihindura isura!ibihugu bibanyi vyabaye abansi,amakungu yabaye abansi,kiliziya ibaye umwansi,abanyagihugu n’abansi,abasirikare n’abansi abapolisi n’abansi hasigaye gusa kuvuga ko na perezida ari umwansi!inkende uko igenda izamuka mu giti ni ko igenda igaragaza ubwambure bwayo.....umusirikare yakicirwa mu kambi inzira zijya muri quartier zigafungwa ? abasenyeri batanga igiitekerezo uko uburundi bwagarukana amahoro ngo Rwagasore n’ubwicanyi bwo 1972? ese abategetsi mumariye iki u Burundi ntabwo mubona ko ivyo mukora bizabagarukira? ni musubize umutima impembero amaraso arasema !!!!!Nkurunziza niyemere ibiganiro nabo batavuga rumwe nkuko nawe byamugendekeye ari mw’ishyamba cyanka aratinya rwa rubanza rwe rutararangiye rw’igihano cy’urupfu.Abarundi ni mutekereze murabe aho igihugu kigeze mugire muti TURANSE (Ubwicanyi bwa hato na hato,ubukene n’ubundi bubisha bugirirwa abanyagihugu)

  • Nkurumbi Baca umugani ngo" Wii binaniye avuga ngo imirago kiranyerera. Nog kandi, urufu ninfane hirajana.uti ntwaro yumwicanyi mujeri nkurumbi, ntakintu imarira abantagihugu bayo Atari ukubica kuburyo bwose.uni rero Hageze muyabira, babuze ico bafata nico Zamora barikobagiriza aglesiya gaturi ko ariyo iriko iricana. None ga yamwe, iyumuntu avuze ngo ntayindinzira ihari Atari ukuganira, uwmuntu abariko abariko atuma haba ubwicanyi? Noneko igipolisi nimbonerakure. Za mujeri nkurumbi arizo zinjira mumazu yabantu gufata nukwica abo bagirizako biyamirije manda ya3 ya muheri, mwumve ari abayobozi batuma abantu kwica? Mujeri nkurumbi, u wavuze yuko adakomeye mumutwe, nivyo ntiyabeshe.turashobora kumva umuntu akomeye ashobora kubahukwko umuvyeyi wewe yishwe nabatutsi muri 1972 Kandi geo muvyeyi wiwe akiriho? None uwo si umuvumo? Buy rero abahutu nkuko bamye aribijuju Kandi wabonakobaciye mwishure, kubera indigo yanacakubiri ibuzuye mumutima yabo, bisigura nugutikiza zina mututsi. Ubujuju bwabobantu ntimwobasengera ku IMANA ngo ibahe mpwemu year ngo bakire agakiza bakihana? Mujeri ngo asenga IMANA? IMANA asenga simwe yaturemye mwishusho ryari yuzuye urukundo twebwe dusenga. IMANA yiwe niwamwansi satani yamwuzutemwo, knew atakindi imusaba Atari amaraso yabantu.geo muvumo rero, mujeri yarawikwegeye mureke kwagiriza abahanura Urumva yumvirize ivyo bamuhanura like mubiganiro amahoro asage mubarundi. Abarundi dushaka amahoro abarundidushaja iterambere.

  • We,bamwubaha,kand,mwisonera,aho,mugeze,ntimwubaha,imana?Kweri?Ivyomwiyisi,birarenze.Ubuna,imana,yokora,ibitangaza?Mwa,tabara,abarundi.Naleta?Ndumiwe.Bamugira,icomwubaha.

  • Mwaka Vyara Mwe!Ubu Ekerezia Cathorika Nay Ibaye Umwnsi Wa Leta Y,uburundi Kok?Ereg Imana Ntitukimenya Iyariy.Ngo Ubwicany Bwo Mu 1972 Nge Ekerezia Katorika Ng Ibifir Mwuruhar Ningane Yahanuy Kuv Ker Ko Ibiganir Ariy Nzira Yonyene Ishik Hagat Yabanyepolitike Nabatavuga Rumwe.Twikebuke Kuk Duhanurwe Haguterana Amajanb Atah Azodushikana."isazi Y,imiye Kuruhome Rw,inzu,nay Ngo"ha!Birame Mbone"muburundi Haracar Ibibaz Vyinsh Kuk Uk Bukey, Uk Bwij Niko Haguma Havyuka Ibindi Namajambo Adahumuriza.

  • nivyobabavugakoboba,batababesher.gerevas,wewenisura,iramurang.bafat

  • nivyobabavugakoboba,batababesher.gerevas,wewenisura,iramurang.bafat

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.