Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Petero Nkurunziza niyitoza azoba asenyuye ibwiriza shingiro’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Petero Nkurunziza niyitoza azoba asenyuye ibwiriza shingiro’’

’’Petero Nkurunziza niyitoza azoba asenyuye ibwiriza shingiro’’

jeudi 7 Rusama 2015

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atavavanuye n’ikiringo ca gatatu azoba ashaka gusenyura ibwirizwa nshingiro(putsch constitutionnel) nk’uko bimenyeshwa na Emmanuel Kaburanirwa, umwe mu barundi baba mu Bubirigi.

Inyuma y’igenwa rya Petero Nkurunziza kugira aserukire umugambwe CNDD-FDD mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije, Abarundi isinzi yaba abari mu Burundi ndetse n’abari mu mahanga, baciye bihereza amabaraba kugira biyamirize ico kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, kuko giciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro n’amasezerano y’i Arusha.

Nk’uko bivugwa na Emmanuel Kaburanirwa, umwe mu barundi baba mu Bubirigi, amasezerano y’i Arusha ndetse n’ibwirizwa nshingiro birasigura neza ko ata mutegetsi arekuriwe kurenza ibiringo bibiri. Arongera kandi akamemenyesha ko kuja mw’ibarabara kugira biyamirize ico kiringo babirekurigwa n’amategeko kandi babikora mu mutekano. Emmanuel Kaburanirwa aranatunga urutoke, inzego z’umutekano aho azagiriza gukorana n’ubutegetsi.

Tubibutse ko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro iherutse kwemeza ko Petero Nkurunziza ashobora gusubira kwitoza mu matora yimitirije, aho Abarundi bakabibonamwo uguhonyanga amategeko.

Raba Amasanamu:
http://deredactie.be/cm/vrtnieuws/videozone/programmas/terzake/2.38693?video=1.2322223


Alida S.

Messages

  • wew emmanuel uvuga ivyo utazi kuko nawe urihanze y,igihugu komeza muhende abatagira ubwenge bite mumabarabara ngo ntibashaka nkurunziza ico nobabwiraco nibareke kugumuka batuze maze nibaba batamushaka ntibamuhe amajwi nayo ivyo kugira ubwoba nkimpene iri mubwato oya komumwita mubi yonganya na Buyoya yirirwa aradutemesha indege muzobaze abanye ntega na marangara none mwagize Imana ubu mukuryama mukura uduhuzu twose murangije ngo ntawe mushaka nimugende mwiyobagije ayo muhitiyemwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.