IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FAO : Ubuhinga bushasha ku barovyi b’abarundi

FAO : Ubuhinga bushasha ku barovyi b’abarundi

jeudi 10 Mukakaro 2014

Ishirahamwe ryitaho ivy’uburimyi n’ubworozi FAO (Food and Agriculture Organization of the United Nations), ryatanguje umugambi mushasha ku barovyi bo ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika mu Burundi, rigiye guhindura ingene abarovyi bari babayeho n’ingene bafungura.

Umugambi mushasha w’ishirahamwe FAO ugiye gutuma abarovyi bo ku nkengere z’ikiyaga Tanganyika mu Burundi, bahindura uburyo baroba, akaba ari umugambi wo gukoresha ibikoresho bigezweho mu kwanikira no kwumisha ivyo baba barovye. Ishirahamwe FAO rimenyesha ko uwo mugambi uje mu gihe amafi n’indagara abakenyezi b’abarovyi, baca banikira ifi n’indagara ku musenyi zihejeje kurobwa, ndetse hafi y’abahita, bigashika naho abarenganye bazihonyora canke n’ibindi bikoko bikazirya. Iyo rero zanikiwe hasi, imigera my’inshi ikaba yazinshiramwo canke imisenyi, abantu nabo bakaziryana ayo mabuye n’’ubucafu buba butashoboye kuvamwo bariko barazitegura.

Gabriel Butoyi, umukuru w’ikivuko caho barobera mu Rumonge akamenyesha nawe ko uburyo bwahora bukorereshwa mu kwumisha indagara n’amafi, butorohereza abarovyi. Kuko nko mu gihe c’imvura, amafi agera ku bice 15 kw’ijana atuma, mu nyuma akanabora. Abarovyi nabo kugutinya guhomba, bagaca bazigurisha zamaze kubora, ivyo navyo bikagira ingaruka mbi ku magara y’abantu.
Umugambi mushasha wazanywe n’ishirahamwe FAO wo kwanikira amafi hakoreshejwe ubuhinga bwa none, mu kwanikira ku duserama tw’itsinga z’icuma ukaba watumye igitigiri c’amafi yahora yononekera, kigabanuka kugeza ku bice birenga 50 kw’ijana. Mu gihe uburyo bwa kera bwahora bukoreshwa bwo kwumisha amafi n’indagara vyarobwe bwamara iminsi itatu kugira vyume, ubuhinga bushasha bazanye mu kwumisha, bukaba bufata amasaha umunani gusa.

Naho igitigiri c’indagara zahora zononekara ku bw’ubuhinga bwa kera bwakoreshwa, uburyo bushasha bwazanywe, bwatumye haba iduzwa ry’igiciro. Ibiro 2,5 vyagurwa amafaranga 4 000 y’amarundi mu mwaka w’i 2004, ibiro 6 vyaciye bigurwa amafaranga 9 000 mu mwaka w’i 2013. Kubwa Yvette Diei-Ouadi, umuhinga muri FAO mu bijanye n’ubuhinga bwo kuroba, akavuga ko ari ubuhinga bushasha bwazanywe mu kwumisha indagara, ari umugambi wo gukoreshwa cane, abataronse ivyuma, bagakoresha imbaho mu kwubaka uduserama two kwanikirako, kugira birinde gusubira kwanikira ku musenyi.
Mwomenya ko inama ya kabiri mpuzamakungu kubijanye no gufungura muri Afrika, igiye kuzoba mu kwezi kwa Munyonyo 2014 i Roma, ikaba yatunganijwe n’ishirahamwe FAO na OMS.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.