Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Faustin Ndikumana ahamagarira Reta kuganira n’abaranguzi b’igitoro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Faustin Ndikumana ahamagarira Reta kuganira n’abaranguzi b’igitoro

Faustin Ndikumana ahamagarira Reta kuganira n’abaranguzi b’igitoro

vendredi 20 Ntwarante 2015, par IGIHE

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ( Parole et Actions pour le réveil des consciences et l’évolution des mentalités) ahamagarira Reta kwicarana bakaganira n’abasanzwe barangura igitoro hanze mu ntumbero yo gutora inyishu y’ico kibazo c’igitoro cabaye akananira abahinga.

JPEG - 60.4 ko
Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM

Mw’ishirahamwe PARCEM babona ko hari hakenewe ibiganiro nyakuri hagati ya Reta hamwe n’abasanzwe bazana igitoro mu gihugu, mu ntumbero yo gutorera inyishu ingorane y’ibura ry’igitoro hamwe n’amafaranga y’agaciro bivugwa ko atayahari, nk’uko bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM. Ivyo biganiro nivyo vyotuma ico kibazo gitorerwa umuti n’imvugo zitandukanye no kutabona ibintu kumwe hagati mu basanzwe bari muri Reta zikagabanuka.

Tubibuste ko haheze iminsi kurondera igitoro, bisa no kurondera umuzi w’ibuye. Umushikiranganji Rose Nizigiyimana asigura ko iryo kena ry’igitoro riva ahanini kw’ibura ry’amafaranga y’agaciro , akaba kandi atani nyishu abona ya vuba botorera ico kibazo, ariko ku ruhande rwo mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta bobo bakaba bavuga ko, ata ngorane nimwe y’amafaranga y’agaciro ihari, nk’uko vyashikirijwe na Desiré Musharitse asanzwe avugira ubwo bushikiranganji, hagati aho ingaruka zikaba zitanguye kwibonekeza ari nyinshi, mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu.


Floxella Karire

Messages

  • FAUSTIN; NAHORA NKWEMERA KANDI NKABONA KO UTANDUKANYE NAYANDI MASHIRAHAMWE; MUGABO WARANYUMIJE MURI KABIZI AHO WIHANUKIRIYE UKEMEZA ABANYAGIHUGU KO LETA YA NKURUNZIZA IMAZE IMYAKA CUMI; ATAKINTU NAKIMWE YAKOREYE ABANYAGIHUGU!!!!!!!!!!!!!! IVYO WAVUZE UMENGO WABITUMWE NA LEONCE; PACRAS; NYANGOMA; RWASA; TASIYANO; MUGWENGEZO;ABONABO BAKABA ARI ABANYAPOLITIKE. NDAVYIHWEJE NASANZE URI UMUNYAPOLITIKE KO IVYO UVUGA ARI UKUGIRA WICIRE IFARANGA!!!!!!!! NUKURI IKIBANZA CAWE MUGISANGIYE NABA MUJERI KUKO WAVUZE AYAMUHE!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.