Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Faustin Ndikumana : "Uburundi bumeze nk’imodoka ikeneye imoteri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Faustin Ndikumana : "Uburundi bumeze nk’imodoka ikeneye imoteri (...)

Faustin Ndikumana : "Uburundi bumeze nk’imodoka ikeneye imoteri nshasha"

lundi 16 Ntwarante 2015, par IGIHE

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM (Parole et Actions pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités) asaba umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza gukura meza kuko atashize mu ngiro imigambi yari yemereye abarundi.

JPEG - 10.4 ko
Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM

Mw’ishirahamwe PARCEM bavuga ko igihugu cugarijwe n’ingorane zitari nke, Faustin Ndikumana, aha akavuga nk’amatagisi y’umurengera nka rya tagisi rya 42 ku munota mu bijanye no gutumatumanako, ingorane y’igitoro cabaye umuzi w’ibuye, amasendika y’abigisha CONAPES, STEB, SLEB NA SYNAPEP agabisha ko atazotanga amanota y’igice ca kabiri, hamwe n’izindi ngorane zugarije igihugu muri kino gihe.
Abandanya avuga ko bibabaje kubona umukuru w’igihugu adahaguruka kugira atange ihumure ku banyagihugu, canke izindi nzego zibijejwe. Mw’ishirahamwe PARCEM baragaruka kandi ku migambi myinshi Reta ya Petero Nkurunziza yari yiyemeje, ariko akaba ata kintu na kimwe yashitseko, aha Faustin Ndikumana akavuga nka wa mugambi wo kurwanya igiturire "Tolérance zéro", umugambi wo gutera ivyamwa ku bwiwe ataco wigeze uvamwo, ivyerekeye wa mugambi wa Reta ujanye n’uburaro. Faustin Ndikumana aravuga kandi ingorane y’inyigisho zataye akanovera, ubukene buguma buba ndanse kandi Reta iryamanye ibitabo bibiri bijanye naya migambi yo kurwanya ubukene (CSLP2) n’iyindi.

Umukuru wa PARCEM, Faustin Ndikumana ahanura Petero Nkurunziza gukura meza kuko yananiwe no gushikiriza abarundi imigambi yiyemeje, abanyagihugu bakaba bugarijwe n’ubukene budasanzwe. Agira ati : "Uburundi bumeze nk’imodoka ikeneye imoteri nshasha."
Faustin Ndikumana avuga ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yosubiza ubutegetsi, kuko mbere n’amategeko atanabimwemerera ko yitoza ubugira gatatu.


Floxella Karire

Messages

  • JEWE,NDIBAZAKO FAUSTIN ARI IKIMUGA , CANKE YOBA YARAHAHAMUTSE ARI KWA ROJANTI BARACAVURA ABARWAYE MUMUTWE! NIBAMUTWARE KU MUSAGAAGENDE I MAKAMBA ARABE AMAKOMINE ATAGIRA AMASHURE UBU NAMASHURWE,IBIBUGA VY’AKARORERO, ,IBITARO, IBIRWATI,AMABARABARA MUGISAGARA NI PAVEES :INGOZI NUKO ,KARUSI NUKO,RUTANA ,RUYIGI,GITEGA,BURURI BUBANZA,.........,UWUSERUKIRA AGASHIRAHAMWE,NTARUKIRAABARUNDI BOSE! KANDI ABARUNDI BAFISEIJAMBO KUMUSUMVYA!AGASANGAAGOMBA KWITOZA NATANGE CANDIDATURE MURI CNI ARABE KO ATAZONKA UBUSA !ABANYAGIHU DUSANGIYEVYOSE TURITEGUYE GUTORA UMUVYEYI W’ABAPFAKAZI,IMPFUVYI,IMPUNGUTSI,ABATAGIRA SHINGE NA RUGERO. ABAKURU BA CNDD-FDD NTIMUROTE MUDUHINDURIRA MUKO MUHINDURA MUZOTWISHIKIRIRE . MBERE NZOZANANE NABASERUKIRA ONU ,UNION AFRICAINE,USA,..,NA FAUSTIN AZOZEMWO!

  • ewe harera urikijuju nkaw wosanga uri mbonerakure mbega ww ivyo uhayagiza harakamar vyakumariy mbega ww uvuga kugra urabw neza humura sha ww atanic wimariy warusha useni radjabu bamanase ww wabarushiki kowew uri nkibwa atanubw uzwi rindira sha mbega ko bahiga abo bica ugra bazomara abarund bose mug urukwav rurakura ruknka abana kand hazogera h ururwav rwiruka kubwa buraca bugacana ayandi ivyisi ntawupfa abimaz kandi mumeny b umus nisaha muzohava kk aho muri harabandi namwe muzigendera muhedwa nayo mahera mwiba abanyaghugu mug mugy kuyabura mwa bicanyimwe

  • Murakoze. ku ma jambo ya Faustin ya shikirije. Ariko kimwe two vuga nuko harigihe bimwe yoba yabikoze ni bindi atashoboye bijanye nabo boba bari kumwe nu butegetsi bwa reta.Rero ici yumviro canje nu ko twosaba abarundi bose two fatana munda tuga korera igihugu cacu tutaravye amashure twize, n’inda dusesagura amatungo ya reta tugakorera kumugozi umwe tutaravye ubwoko. Igihugu cacu kirotera imbere. Dusaba umukuru wigihugu ka to babara cane. Ka natsinda imwaka 10 iri ku butegetsi iramaze, kandi arazi ko hari bagenzi be, biphuza gutwara. Tura mushimira kuvyo yashoboye gukara imana imufashe , abandanye ashigikira igihugu, abereka ivyo atashoboye gukora babikore nuko abarundi tuje mbere nka bandi! Murakoze!

  • Faustin ari ku mana koko, arahanura nuko avuga ntavure, avugisha ibiharuru ntansaku akoresha kandi iyo migambi bari batubwiye ngo bazodushikanako bikabafyura irimubitabo vyabo kandi ntamugambi uvuga ko bazodusahura urimwo naho ariwo waranguw gusumba iyindi, peter get out ,on ne te pleure pas. Vive parcem et son faustin,abarundi tubambitse umudari wa diyama,go go go, rekana nutwo tu dd dufise imoteri ya tvs nayo nyene yapfuye ama piston segma,dushaka urumoteri rwikamwo turabe ko kwohamvya abandi,i love u all barundi

  • Ikindi kintu kibabaje cane n’ukuntu abarundi ibice hafi 90% ari abarimyi n’aborozi ariko ugasanga munteguro y’amahera akoreshwa, ugasanga leta ihaye uburimyi intica ntikize. Icerekeye kugwiza ubuzi, ntan’ico icisha mukanwa n’umusi n’umwe, uru gwaruka rwitwa ngo rurigishwa, ruheza amashure ruca mwibarabara ata kazoza baruteguriye bikaba ingorane. Uravye nkabantu biga LP ubu ni benshi caane bicaye muhira batagira akazi, muntara zose. ariko Leta ugasanga iguma irungika abana mur’ivyo bisata. Yabwirizwa kubanza gufuta ivyo bisata pendant au moins 5 ans abanyeshure bakaja muzindi section zizwe neza etc.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.