IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FIDH : Abantu barenga igihumbi baguye mu ntureka Uburundi buhitiyemwo

FIDH : Abantu barenga igihumbi baguye mu ntureka Uburundi buhitiyemwo

dimanche 24 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka zina muntu (FIDH : Fédération Internationale des Droits de l’Homme) kivuga ko mu ntureka za poritike igihugu c’Uburundi gihitiyemwo, abantu barenga igihumbi aribo bishwe, abandi amajana umunani baburirwa irengero.

Muri ico cegeranyo berekana ingene agateka ka zina muntu kagiye karahungabana mu Burundi, bavuga ko ibikorwa vy’uguhungabanya agateka ka zina muntu vyabandanije kwiyongera, aho abantu barenga igihumbi bamaze kugandagurwa mu ntureka Uburundi buhitiyemwo kuva mu kwezi kwa kane 2015, abandi amajana umunani bakaba baranyurujwe, gushika ubu atawuramenya irengero ryabo.

FIDH ivuga ko abandi banyagihugu baharurwa mu majana bahagaritswe mu buryo bunyuranye n’amategeko. Nk’uko FIDH ivuga ko yabibwiwe n’abigeze gupfungwa, benshi muri abo banyagihugu bahagaritswe baraborejwe igufa, bagapfungirwa mu busho butazwi, aharangwa umunuko. Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka zina muntu (FIDH : Fédération Internationale des Droits de l’Homme) rivuga ko abapfungirwa muri ubwo busho butazwi, aho bahohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi, benshi aba ari abafashwe bagirizwa ko bari mu mirwi irwanya ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Reta y’Uburundi ntirashikiriza ico ivuga kuri ico cegeranyo ca (FIDH : Fédération Internationale des Droits de l’Homme).


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.