IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Filipo Nzobonariba amenyesha ko Reta yiteguye kubandanya ibiganiro

Filipo Nzobonariba amenyesha ko Reta yiteguye kubandanya ibiganiro

mercredi 12 Myandagaro 2015

Umunyamabanga wa Reta akaba n’umuvugizi wayo Filipo Nzobonariba,amenyesha ko Reta yiteguye kubandanya ibiganiro nka hamwe abahuza bava mu gihugu c’Ubuganda bosubira kubitanguza.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa kabiri igenekerezo rya 11 Myandagaro 2015,Filipo Nzobonariba yavuze ko Reta atariyo itanguza ibiganiro,ariko ko bizotanguzwa n’umuhuza yagenywe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Ku bijanye n’uko umurwi w’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU wamenyesheje ko woba ugiye kurungika umuhuza mushasha mu kibazo c’Uburundi,Filipo Nzobonariba amenyesha ko ayo makuru atayo araronka.

Muri Reta y’Uburundi,bavuga ko batigeze banka umuhuza yarungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,ariko akamenyesha ko uwoza wese yokwubahiriza amategeko y’Uburundi n’amategeko mpuzamakungu.

Mwomenya ko umuhuza yarungitswe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko Yoweri Museveni,aheruka kumenyesha ko agiye kurungika vuba umushikiranganji wo kwivuna abansi mu gihugu c’Ubuganda kugira aze kubandanya ibiganiro.


Van Naris Mugisha

Messages

  • NIBAZ HAKIR KAR IBIGANIRO BITANGUR INZEGO ZIHAR UBU ZITARAMARA IKIRINGO CAZO!HARENZE LE 26 AOUT IGIHUGU KIZOB GITWARA NDE?IBIGANIRO BIZOB HAGATI YAND NA NDE?HAA!NDUMV BIDUSIGA!JE NUMV INYUMA YA LE 26 AOUT HOC HASHINGWA RETA MFATA KIBANZA IHURIKIYEMWO BOSE KD YUMVIKANYWEHO HAMA IGIC IKURAHO INTAMBAMYI ZOS TUGASUBIRA MUGIHUGU C’AMATA N’UBUKI HAMA HAGATEGURWA AMATORA MEZA ABEREY KU MUGARAGARO,ARIMWO BOSE,AR MU BWISANZURE,NATW ABARUNDI TUGASUBIRA GUTORA AGATIRO!

  • Ubwo leta yu burundi irakeneye koko ibiganiro?ururimi abarundi bumva vuba rurazwi nugukoresha urwo nyene.

  • Nimwemere Muganire Nukuri Kuko:"wanka Kugarura Impene Ikiri Hagufi Yamara Kurengumutumba Ukabira nkayo!",vyongeye "Wanka Bangwe Ntiwanka Zanandabe!" Bisubiye "inyanka Kubwigwa Ibwigwa Nukwamaso Atukuye!",kandi Kananirabagabo Ntiyimye! Kare Mwibaza Ngo Amatora Aheze Abantu Bazoca Batekereza Ariko Turabona Ko Arimpaka Mugire Amatora Yitabwe Nimigambwe Yose!!!

  • ICO KIBAZO NICO,ARIKO BARATEVYE IBINTU VYAREZE IKOMAMBE,

  • JUSTICE na SAFI mukomere cane cane justice kuko reta ntiyashatse kumva rero nibabanyare kandi abiyemeje intambara ntibacike intege ntazobarahirane kuko ntareta nkiyo dukeneye bemere habe amatora atarimwo Peter, kandi bategure amatora yitabwe na bose, abahunze bahunguke hama dusubire turyame turuhuke abantu dusubire guteramishwa na basogokuru baducira utugani,n’udusokozohama turyama isaha zitanu canke zine bitabaye ivyo ntibazobarahirane.

  • IBIGANIRO NIVYIZA CANEA,ARIKO TURAHAZ UGWITWAZO RWAMANDA2YAMUTAMA NKURUNZIZA,UYOYIYITA,DEMOCRATE SAFINAWE,NASUBIRE KWISHURE,KUBERARIKIJUJU,AVUGANGO 26 HAZOBAHATWARANDE?HAZOBA HATWARA NKURUNZIZA,WE ,YATSINZAMATORA.UTAMWEMERA NAHO,JA KWAKAGAME,KOMERA NKURUNZIZA ,NABAGUMYABANGA

  • emma

    scott ivyiyumviro vyawe birapfuye kandi urucira mukaso rugatwara nyoko,hewe abo ubwira ngo banyare abandi harigihe aribo bonyagwa,nayo nyakubahwa nkurunziza ategerezwa kurahira vyanka vyakunda uwanka yangarire murwanda. amatora nayo yaraheze kera.

  • Izina niryo muntu ndamusabiye kuramba azobibona kuko amaze imyaka 10 abesha avugira ubutegetsi bwigikenye amenyeko yamye yiyamiriza ibiganiro :TIME WILL TELL,NZOBonariba.

  • Je sintahura akamaro kivy biganir mbe baganirik ko mbon arukudusamaz gusa?ereg turamaz kurambirw nimurk hazob ico Imana yateguy kk nkurunzz yibazak ighug aritong ryiw mbe yotekerez ko mbon adolphe atak atagiz ubu arih?namandant yicirak abant mubon yayishtsek?imigamb y’Imana siy yabantu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.