Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FNL yo kwa Yakobo Bigirimana isaba abanyeporitike kwihanganiranira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FNL yo kwa Yakobo Bigirimana isaba abanyeporitike kwihanganiranira

FNL yo kwa Yakobo Bigirimana isaba abanyeporitike kwihanganiranira

lundi 5 Rusama 2014

Mu mugambwe FNL ibaba rya Yakobo Bigirimana basaba abanyamigambwe guhagarika ukutihanganiranira mu vya poritike kwibonekeza, bose bakitwararika amahoro n’umutekano.

Ivyo bikaba vyashikirijwe na Emmanuel Miburo, umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe, aho yari mu ntara ya Gitega, mu bikorwa vy’ikoraniro kaminuza ry’intara ya Gitega, aho mbere ivyo bikorwa vyaciye bibandaniriza kwinjira inyubakwa y’uwo mugambwe mu ntara ya Gitega.

Emmanuel Miburo rero, akaba asaba abanamarimwe kubumbatira amahoro n’umutekano, maze abanyamigambwe nabo batandukanye, bakabungabunga amahoro n’umutekano nabo, bakava mu vyo kwama bariko barashamirana mu ntara zimwe zimwe z’igihugu. Mwomenya ko kuva uyo mugambwe ucitsemwo amashami rimwe rigatwarwa na Yakobo Bigirimana irindi rigasigaranwa na Rwasa Agathon, abanyamugambwe bagumye bajuragirika, ndetse rimwe rimwe hakaba n’aho hari abavuga ko bahendwa mu bikorwa vyateguwe na Yakobo Bigirimana, ko Rwasa Agathon ariwe yabiteguye, bakaja kubona bareha na Yakobo Bigirimana batari bamwiteze.


Aristide Nizigire

Messages

  • nibarek guhenda abantu turazi aho begamiy.ngo kwihangana,wew kwaryama araririw yoreka kwivugra iryo ashats umenga n’inda yigira uko ishats mw’ibutura?imbonerakure nibazih indero

  • Wazamani ka Diabete kagabanutse? Uragarutse kuri terrain kuvuga ayamuhe. Ivyawe birazwi ko Uri umu mobwa. Nihe wabonye president agaruka akaba secretary? Urababaje kabisa. Rwasa Agathon turamuZi ko ariwe muvye WA banamarimwwe.

  • None uyu turetse guhendana agomba iki atarukwonona umugambwe,mbe none yanse kuba president kubera bazi arinkinamico.Araboneka ko kuvakera arimubagiye basevya umugambweabanamarimwe ntibabimenye ariko harigihe bazobura iyobanyikira igihe kigeze.

  • Ewe bigirimana ntaco mujuragiza Abanamarimwe turabazi ko ataco mumaze mugira mu kwaha kwaba dd teshwa mute aho bukera Nyakubahwa A Rwasa asubirizwa umugambwe muzonyikira he?Komera muta.a Rwasa abacinyijwe twdse turi inyuma yawe ureke ivyo bihemu,birazwi ko naho idarapo rizoba riri kuduga abahemuka bazobandanya bahemuka,Viva Rwasa Viva!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.