IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FOCODE : Ivyagirizwa Pacifique Nininahazwe ni ikinyoma cambaye (...)

FOCODE : Ivyagirizwa Pacifique Nininahazwe ni ikinyoma cambaye ubusa

mardi 25 Munyonyo 2014

Mw’ishirahamwe FOCODE barabeshuza ibimaze iminsi bivugwa ku mabi y’ubwicanye yagirizwa uwurongoye FOCODE, Pacifique Nininahazwe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri wa 25 Munyonyo 2014, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FOCODE, Janvier Bigirimana yagarutse ku bimaze iminsi vyagirizwa uwurongoye iryo shirahamwe, Pacifique Nininahazwe, aho amenyesha ko hari n’urwandiko (pétition) rwashizwe ahabona n’uwitwa Léonce Ntakarutimana kw’igenekerezo rya 7 Munyonyo 2014. Muri urwo rwandiko (pétition), uwo Léonce Ntakarutimana yemeza ko Pacifique Nininahazwe, asanzwe arongoye ishirahamwe FOCODE yagize uruhara mu bwicanyi bwabereye kw’ishure rikuru ryo mu Rutana, no muri Kaminuza y’Uburundi, naho aterekanye urwo ruhara yagize. Urwo rwandiko rwa Léonce Ntakarutimana ruvuga ko ubwo bwicanyi bwo muri Kaminuza y’Uburundi bwabaye mu 1994, mu gihe Pacifique Nininahazwe yinjiye muri iyo kaminuza mu kwezi kwa mbere umwaka w’1998.

JPEG - 808.7 ko
Janvier Bigirimana, umunyamabanga mukuru wa FOCODE

Kubwa Janvier Bigirimana, umunyamabanga mukuru wa FOCODE, ivyo vyagirizwa umukuru wa FOCODE ni ikinyoma cambaye ubusa, kuko bitumvikana uko yokwagirizwa uruhara mu bwicanyi bwabereye muri Kaminuza y’Uburundi atarajeyo.

Muri FOCODE baranegura iterabwoba rimaze iminsi rikorerwa Pacifique Nininahazwe, biciye mu butumwa butandukanye arungikirwa bumutera ubwoba, aho hari n’umukozi w’igendereza yanagiye ku rugo rw’uwo mukuru wa FOCODE Pacifique Nininahazwe, agatera ubwoba umwana yari ahasanze amubaza iyo se yagiye.

Janvier Bigirimana, umunyamabanga mukuru wa FOCODE aragaruka kandi ku vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Edouard Nduwimana, aho yagiriza ishirahamwe FOCODE n’umukuru waryo Pacifique Nininahzwe ko yinyegeza inyuma y’iryo shirahamwe arongoye kugira aje muvya poritike. Janvier Bigirimana ati : "Pacifique Ninahanzwe niyafata ingingo yo kuja muri poritike azobimenyesha ku mugaragaro, kuko amategeko arabimurekurira."

Ishirahamwe FOCODE rihamagarira Reta y’Uburundi gukingira abaharinira agateka ka zina muntu, yongere yumvirize abayikebura, kuko abashira ahabona ibitagenda neza mu gihugu ntibaba ari abansi b’Uburundi.


Alida Sabiteka

Messages

  • Beshi mubana babatutsi muri 94 mubaribarengeje imyaka 15 yamavuka nacanecane kubaribarimumashure yisumbuye ariko bigeze kubari murikaminuza barakoze ishano ivyirwavyabo vyaribisigaye arumwiyumvira ukobagiyekwicagusa. Narimfise umwana wamushikiwanje yarikumugabowu mututsi noneho nyuma 93 bagiyekuba muki deparece umwanawiwe yigamuri secondary muwa 11 yarabarira nyinawiwe imigambiyose bavuga.

  • Turashima IGIKORWA CA FOCODE aba yiryoza nabo nuko bafise iyindi ntumbero

    komera PACIFIQUE .

  • mutama mutama reka kubesha ukuze kiretse utaribwavuke gusa ntanumwe atazi ko uwo pasifiqe yakoranye cane nimirwi yabasanzesheke na sandefete yakoranye cane nabari barongoye iyo mirwi muntu utazi ko ariwe yakoze intonde zabanyeshure bishwe murutana ninde muntu atazi ko ariwe yahagarikiye ubwicanyi bwabanyeshure baguye muri kaminuza yuburundi mwagiye kwinyegeza muma sosiete civile mwigira intungane kugira CVR niyaza ntizobakoreko reka turabazi

  • Kuvuga ko pacifique yinjiye kaminuza i1998,erega kwinjira,no kwiga kaminuza n’amajambo abiri adasa,n’aho yoba yigahandi ico gihe,arashobora kuba yagiyeyo kubw’ico gikorwa ico gihe ca1994! ko bivugwa ngo yoba atari bwaje kwigayo!,none bamuvuze ataco bamuziko?Ni batohoze no kubandi,nk’akora canke biga kur’ayo mashure,b’ico gihe nyene ca1994,ndibaza ntihabuze n’uwaharokotse yovuga ukuri kuvyabereye aho hantu;amatohoza nakorwe,a bagandaguye bunyamaswa ziriya ncabwenge zuburundi bafatwe.Ariko Pacifique ntibamujaniranye atisiguye!

  • None ko batanguye gutera ubwoba Pacifique bibaza ko bizoborohera kumusafisha cg kumucisha muri SYSTEME. Abo babikora bokwitonda kuko na Dossier ya MANIRUMVAntahiraja bagashirako iyakabiri l’equation va se compliquer davantage.Ubu igihugu kiri sous.pression yamatora.Abantu batanguye gucibwa ibihimba vyumubiri(amazuru,intoke,ururimi,amabere .....).hanyuma edouard na gabriel ngo umutekano urenzeko.NayoPacifique kuba yiyamiriza mandat ya gatatu ya Peter cg gutanga ivyiyumviro vyiwe.ari Geneve nuburenganzira bwiwe kandi ico sico cerekana ko yisuka mubikorwa vyapolitike. Nkaba mvuniye akagohe Izombonerakure zishaka kumusafisha ko nivyakomera bazorusamba bonyene kuko basebuja ntakinya bagira numusazi baramwijiza ibohero.

  • Ego cane abakoze igobero bamwe nabo nyene bo muri societe civil,abandi nabo bahisemwo guhora bari muma ONG

  • Jewe birashika nkibaza ko aba ba dd batwara kino gihugu ko boba bafise ubwonko canke umutima bikananira nkabura inyishu. Ico mbona, aba dd hamwe n’izo "mbonahafi" zabo, ni bareke gusamaza abarundi, kuko ibihe turimwo si ivyo kwambika ibara umuntu w’inzirakarengane nka Pacific twese twubaha. Bihende hagire n’ico aba, bazoheza bakabone. Mbega harya izo nyeshamba bamara abatutsi, babicira mu mabarabara, babarisha ibitaribwa, babasahura ivyo batunze, babaturirira amazu,......n’ayandi mabwa ntavuze abereye aba dd, mbega ntibwari ubwicanyi bariko barakora????? Barihenda, mu misi mike baragenda ntagisivya. Nayo ivyo vyo kuvuga ngo Pacific yiyamirije manda ya gatatu ya "nkurumbi", ivyo vyoharirigwa n’uwutize ikintu citwa "TRANSITIVITE" mu biharuro vyo mu mwaka w’indwi, niwe atazi ko ubwa mbere atowe n’abashingamateka, nabo bakaba batowe n’abanyagihugu, ko aba yatowe n’abanyagihugu. Aho rero ni bahave. Bataye imitwe, bariko bakubitana imyereka ku ma listes. BYE MURAHEJEJE GUTWARA. hasigaye ko muhurira mu mpimba kuri bamwe, abandi nabo baje kuvundira i LA HAYE !!!!

  • Oya kuba atari bwinjire Kaminuza ntibisigurika..Yarinjirayo narirya yarafise n abo yasangayo Aba san Echec baraduga abandi bakamanuka ababazi nitwebwe Abadandaza..Ayo twabonye Pacific rero muramuba hafi cane kuko n ubu ntiyicaye.

  • ARI KO NDATANGARA ABA DD JEWE SINSI KO BOBA BARIZE CANKE IVYO BIZE BABISIZE KUNTEBE YISHURE ???PACIFIQUE KUKO AVUZE KO PIETER ATOKWITOZA 3EME MANDAT NIHO BACA BARONDERA ICO BAMWAGIRIZA ATAKIRIHO!!!!!!!!!!!MURUHE MWAMBIKE IBARA UMUNTU?ABABIGIRA BOOSE BAMENYE KO IMANA RUGIRA VYOSE IBABONA NDAZI KO ATACO BAGITINYA,!!!!ABANTU BAFASHE ABA fnl 40 BAKABATUNGIRA KUGITI NKUWUGIRA YOTSE INYAMA? WUNVA ABA dd ATARI INYAMASWA ,ako ni akarorero 1 mubundi bwishi.
    simbona KO amatora yorinda kuba ,amahano aba DD bazanye nibisoze??????NINGOGA ITWARO YABO NIHO HABONETSE abadandaza UBUHANGA BW’ABANTU NTI BAHANWE KUKO BASHIGIKIWE!!!!NIbagende Ningoga ..................

  • Aba CNDD FDD KO BOBONA ITWARO MBI YA PITER BAGA KWIRIKIRA MANASE NZOBONOMPA !!!!!!!!!!!!!!!!!!HAMA TURONDERE IGIHUGU KIZIRA AMACAKUBIRI,GIFISE ubutungane na DEMOCRASIE HAMA PITER AKINJURE .

  • Nibara kubona harabantu bakuze kandi bakaba baturongoye muntwaro baciyumvira ko bashobora gutoteza umuntu bitebe bitebuke hazogerigihe bahanwa ikimbabaj niyi mihimbiri yi mbonerakure bariko barahenda.

  • mbega abo bazi ko Pacifique ariwe yicishije abanyeshure bo mu rutana no muri kaminuza bahora hehe ko batari bwabivuge; ayandi mabi yooose twahora twumva abayakoze naho biraramangiye! Pacifique jewe ndamwumvise uno musi ngirango kuko ivyo avuga bidahimbara ubutegetsi. none mwahora hehe ko tutaribwavyumve. yemwe akabi hatwengwa nkakeza kuko jewe numva bintwenza ivyo ayo marementanya kabisa. PACIFIQUE ni umwana w’Imana ikunda kuko nawe arayikunda mukuyikundira abiwe. abo bantu bakoreshwa na SATANI rero mukumwambika iceyi nta hantu na hamwe bazoshika kuko agati gateretswe n’Imana ntigahenurwa numuyaga. ivyo bihuhusi vy’abashaka kumwambika ibara no kumwaka ubuzima ndazi neza ko bizotsindwa kuko Imana ya PACIFIQUE ni nzima kandi ni RUDASUMBWA; VA IBUZIMU MUJE IBUNTU MUFATANYE NA PACIFIQUE KURONDERA AGATEKA KUBUBURUNDI NAKABANA BABWO; NGICO ICO Pacifique aharanira kanid nabo bangushi bashaka kumutoteza ndazi neza ko babibona ariko bakababazwa nuko igihugu cacu kibaye ciza inda zabo zitazoronka ibizuzuza. murakoze

  • mbega abo bazi ko Pacifique ariwe yicishije abanyeshure bo mu rutana no muri kaminuza bahora hehe ko batari bwabivuge; ayandi mabi yooose twahora twumva abayakoze naho biraramangiye! Pacifique jewe ndamwumvise uno musi ngirango kuko ivyo avuga bidahimbara ubutegetsi. none mwahora hehe ko tutaribwavyumve. yemwe akabi hatwengwa nkakeza kuko jewe numva bintwenza ivyo ayo marementanya kabisa. PACIFIQUE ni umwana w’Imana ikunda kuko nawe arayikunda mukuyikundira abiwe. abo bantu bakoreshwa na SATANI rero mukumwambika iceyi nta hantu na hamwe bazoshika kuko agati gateretswe n’Imana ntigahenurwa numuyaga. ivyo bihuhusi vy’abashaka kumwambika ibara no kumwaka ubuzima ndazi neza ko bizotsindwa kuko Imana ya PACIFIQUE ni nzima kandi ni RUDASUMBWA; VA IBUZIMU MUJE IBUNTU MUFATANYE NA PACIFIQUE KURONDERA AGATEKA KUBUBURUNDI NAKABANA BABWO; NGICO ICO Pacifique aharanira kanid nabo bangushi bashaka kumutoteza ndazi neza ko babibona ariko bakababazwa nuko igihugu cacu kibaye ciza inda zabo zitazoronka ibizuzuza. murakoze

  • Gukora Ikibi Ntibisabango Ube Uba Ahohantu Kimwe Gusa Kuba Uhazi Knd Ukaba Ushaka Kugira Nab Urabikora Ntakabuza,rero Kuba Atari Bwajeyo Ntibisigura Ko Atabwicanyi Yakoze Bwo Muri Kaminuza Kimwe Amatohoza Nakorwe.Hariho Abahuti Bari Murunganwe Rwiwe Barokoze Knd Bari Bamuzi Bazovuga Ivyo Bamuziko

  • IMANA RUGIRA VYOSE IZIGAME UBURUNDI NA BARUNDI

  • Abo bâ DD ntabwenge bafise

  • mbega aho muvuga ngo yagize ihonyabwoko muri kaminuza.hera kururya yish inzoya abamalayika batazi ico bazira.

  • Imbwa yarahiye kumurizo iti :"burakey tuvyereke abagabo"! iyo wumva abo bagabo ngo bigize akagarama ruganda mukwica no gusahura abarundi,ninde yosubira kwemera ko batwara ubugira 3? kiretse abo bagabo batarenga 4, igihugu nitwe twakibahay kandi nitwe tukibatse.komera Burundi!gwiza abantu Nka pacifique na mbonimpa na rugurika.

  • Ahubwo Uhoraho Turamutakambira Arusheho Kubaha Ubwenge Anababer Umuco Mubyo Mukora. << Iki Ciyumviro Canj Mukibik Ahadata>> Urugamba Turiko Rw’iteka Ryo Guhagararira Amasezerano Ya Harusha N’ibwirizwa Nshingiro Tukarutsinda,turasavye Ko Ubu Hoba Itegeko Riraba Abashingamateka N’abakenguza Mateka,ryo Gushinga Isandugu Bazohora Bashirako Amahera Ava K’umushahara 100.000fr Canke Arenga Yokuzohora Afasha Abashomeri Bamaz Amashur Bakabura Akazi Hamw N’abakene Bo Baha Amajwi Yabo Bategetsi Ataco Batumarira Atari Ukutwica Gusa Kandi Aritwe Tubashira Muri Ivyo Byicaro. Canke Bubak Ama Hangar Mu Ma Commune Yose Bimburirmwo Ibiharag N’umuceri Bigenew Abene Gihugu Baje Baronka Iposho Burindwi Zibiri Mu Kwezi Ibiro Cumi Cumi. None Nukubaha Amajwi Yacu Gusa Ataco Baduhaye ? Duharanir Agateka Kacu. Paciphique Tera Uja Imbere Uragukunda.

  • Ivyagirizwa pacifique ntahobifatiye,kubera uwobabaza ivyemezo nuwobaba imyaka ijana,ntavyoboronka.

  • Ico nikinyoma cambay ubusa

  • pacifq ’abarundi twaraguhinyuye. mbe 1972, 1990, 1993, KO mutagiye mw’ibarabara’ bâ Buyoya na bâ bagaza bâ micombero nibo bat waye nez à? mbe mutakura ngagara cbtk musaga nyakabig jambe Nino nazi ukuri gusumvy abandi? abahutu ni banyamahoro’ iyaba Buyoya yaca yica àagit muri manifstion. abatutsi ni danger

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.