Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FORSC : Imvugo ya Nduwimana Edwarudo ntihumuriza ku nyifato y’imbonerakure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FORSC : Imvugo ya Nduwimana Edwarudo ntihumuriza ku nyifato y’imbonerakure

FORSC : Imvugo ya Nduwimana Edwarudo ntihumuriza ku nyifato y’imbonerakure

jeudi 16 Rusama 2013

Kuva aho abahurikiye mu migambwe itavuga rumwe na Leta ndetse n’amashirahamwe mpuzamakungu atanguye kwagiriza urwaruka rw’imbonerakure zihurikiye mu mugambwe CNDD-FDD ko rutoteza abanyagihugu, umushikiranganji Edwarudo Nduwimana atanga inyishu adatumbereza mu gihe atigera adoma urutoke ku bikorwa bibi vy’imbonerakure.

Igihe Nduwima Edwarudo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabonana n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike mu gatondoko ko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Rusama 2013, abaserukiye ayo mashirahamwe barashimye ifatwa rya Fideli Nsabumukiza, urwaruka rw’imbonerakure yavugiye kw’iradiyo RPA ko muri politike batica ahubwo bakura inzitizi.

Kuri ivyo, inyishu y’umushikiranganji ntiyahumurije bamwe bamwe muri abo ataho begamiye mu vya politike. Umushikiranganji Nduwimana avuga ko umunntu wese agize ikosa abwirizwa kurihanirwa ku gatwe kiwe, ati kiretse arihamwe ishirahamwe ariryo ryatumye abaririmwo kurenga amategeko niho ryofatirwa mu kivunga.

Umupfasomi Jereturuda Kazoviyo umuvugizi w’urunani rw’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike FORSC

Ku bw’umupfasomi Jereturuda Kazoviyo umuvugizi w’urunani rw’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike FORSC, amenyesha ko izo nyishu z’umushikiranganji zidahumuriza kuko uburongozi bw’umugambwe urwo rwaruka rw’imbonerakure ruvamwo, butegerezwa gufata iyambere mu gushira ku murongo abo bayoboke babo, mu gihe rwagirizwa kwica abantu, gutera umudugararo mu gihugu n’ayandi mabi,

Ku bw’umupfasoni Kazoviyo, mu runani FORSC bamenyesha ko ububasha bwo kubuza imbonerakure guhohotera abanyagihugu buva mu mugambwe, na cane cane ko hejuru mu bategetsi b’umugambwe, badashaka gutanga intumbero ibereye mu guhasha imbonerakure zagirizwa guhohotera agateka ka zina muntu, mu gihe mu gihugu cose havurwa amabi akorwa n’urwo rwaruka.

Umupfasoni Kazoviyo, amenyesha ko ijwi ry’abategetsi bo hejuru ariryo rizotuma abandi bategetsi bajejwe intwaro nka ba musitanteri canke aba jejwe ubutungane, bashobora gukurikirana uwo wese yiyita imbonerakure mu gutoteza abandi.

Abataho begamiye mu vya politike rero bavuga ko ari hamwe urundi rwaruka ruva mu yindi migambwe rwotangura kwigenza nk’imbonerakure, ko bazi neza ko umushikiranganj w’intwaro yo hagati mu gihugu Edwarudo Nduwimana yoca afata ubwo nyene ingigo yo kuruhasha ku buryo rutosubira no gucutsa agatima. Uwo mwete rero niwo asabwa gukoresha mu guhasha imbonerakure ziva mu mugambwe arimwo zagirizwa kwigenza nabi.

Ku bijanye rero n’amajambo yavuzwe na Fideli Nsengumukiza, icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’Igihugu amenyesha ko, ivyavuzwe n’urya musore vyega uwabivuze ku gatwe kiwe, ko kubijanye n’uruhigi rwokorerwa abaroye i Arusha, uwabivuze yobihanirwa we nyene.

Willy Nyamitwe , icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’Igihugu

Willy Nyamitwe amenyesha ko amasezerano ya Arusha yaje hageze mu gihe hari haheze igihe hari ingorane za politike mu gihugu. Nyamitwe yarongeye aranegura imvugo yama ikoreshwa n’abantu iyo hagize abayaga badahuza mu bunywero, mu gihe hari abaca bavuga ko imbonerakure yarwanye n’abantu mu bunywero.

Ku bwiwe umuntu yohanwa ku gatwe kiwe, ntawukwiye kwitirirwa ishirahamwe arimwo mu makosa. Uwugize ikosa yovurwa kw’izina ryiwe, ariko ntiyovurwa kw’izina ry’ishirahamwe ryose.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.