Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FORSC irerekana utunenge turi mu nteguro y’itegeko rigenga imyiyerekano (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FORSC irerekana utunenge turi mu nteguro y’itegeko rigenga imyiyerekano (...)

FORSC irerekana utunenge turi mu nteguro y’itegeko rigenga imyiyerekano n’amanama

jeudi 15 Myandagaro 2013

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’imigambwe imwe muyitavuga rumwe na Leta yariyamirije integuro y’itegeko ryerekeye imyiyerekano hamwe n’amanama.
Iyo nteguro y’iryo tegeko muri kino gihe iriko yigwa mu nama nshingamateka, abo bayiyamiriza bamenyesha ko ifise utunenge tutari duke dukwiye gukosorwa, nk’uko vyavuzwe n’abari bitavye ihuriro ryari ryateguwe n’urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile.

Kubw’umuhinga Janvier Bigirimana, ica mbere iryo tegeko ribuze n’ivyiyumviro vy’abo vyega bose kuko batagishijwe inama bose. Iyo nteguro y’iryo tegeko ikaba iha kandi ububasha bwinshi ubutegetsi, bwo kubuza ko inama zibaho canke kubuza ko habaho imyiyerekano canke kugira amakoraniro.

Icigwa cakozwe n’umuhinga Janvier Bigirimana cerekana ko iyo nteguro y’itegeko irimwo amajambo adasiguwe neza nk’amajambo yerekeye umutekano. Abari bitavye iryo huriro baraneguye cane ibihano bizohabwa abanyamahanga muri iyo nteguro y’iryo tegeko.
Mu ngingo ya 26 y’iyo nteguro, iruhande y’ibihano bisanzwe biteguwe n’itegeko mpanavyaha, ibihano vyarongerejwe mu nteguro y’iryo tegeko ku munyamahanga yoba yagiriwe n’ivyaha bisanzwe biri mu nteguro y’iryo tegeko.
Umunyamahanga yagiriwe n’icaha ashobora guca amara imyaka 5 adahonyora ku butaka bw‘Uburundi. Abari muri iryo huriro bakaba babonye ko iyo ngingo itandukanye n’amasezerano Uburundi bwari bwarateyeko umukono hamwe n’ibisanzwe biri mw’ibwirizwa shingiro.

Mwomenya ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwari bwatumiwe muri iryo huriro ariko ntibwigeze bwitaba. Umugambwe FNL urongowe na Miburo Emmanuel n’umugambwe Uprona nayo nyene ntiyitavye. Umugambwe CNDD FDD ukaba wari waserukiwe, ariko abari ngaho barababajwe n’uko uwo yaserukiye uwo mugambwe atahatevye na gato.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.