Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FORSC : Umugambwe UPRONA washikiwe n’ingaruka z’ukwama wiyegereza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FORSC : Umugambwe UPRONA washikiwe n’ingaruka z’ukwama wiyegereza (...)

FORSC : Umugambwe UPRONA washikiwe n’ingaruka z’ukwama wiyegereza ubutegetsi

lundi 3 Ruhuhuma 2014

Vital Nshimirimana, umukuru w’urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike amenyesha ko ingorane z’uburongozi mu mugambwe w’abadasigana zamyeho, kuko uwo mugambwe imyaka yose wamaze muri Reta wamye ufatwa nk’imperekeza. Ikibonetse ari nka gishasha ubu akaba ari uko ubutegetsi bwa CNDD FDD, buciye ku mushikiranganji Edouard Nduwimana, buriko burondera gushiraho indongozi zibuyoboka, mu ntumbero yo kurwanira inyungu budahurizako n’indongozi zari zihari za UPRONA.

Kuva muri kahise ka poritike y’Uburundi, inyuma y’umuzo w’intwaro rusangi, umugambwe UPRONA wamye uboneka nk’uwufise inguvu zibayabaye, ariko ukarondera kwama wiyegetse ku mugambwe ukomeye usanzwe uri ku butegetsi. Nk’umugambwe ugira kabiri muri Reta, UPRONA yamye ifatwa nk’imperekeza mu kwama mu kwaha kwa CNDD FDD. Ibibazo vy’uburongozi bifatiye ku nyungu zitandukanye bikaba batasivye kwama vyibonekeza muri uwo mugambwe wa Rwagasore. Mu myaka umunani yose umugambwe UPRONA umaze muri Reta ya CNDD FDD, amategeko n’izindi ngingo vyamye bifatwa n’ubutegetsi, rimwe na rimwe bukaja inama na UPRONA. Ukwo kuterekana aho bahagaze kwoba kwaratumye ubutegetsi busigara bufata UPRONA nk’umugambwe w’imperekeza udafata ingingo muri Reta usanzwe urimwo.

Ikibazo c’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro, hamwe na sentare idasanzwe igenga umurwi CNTB ujejwe ibibazo vy’amatongo n’ayandi matungo biri muvyadometse umuriro watumye umubano wa CNDD FDD na UPRONA utosekara. Vital Nshimirimana, umukuru w’urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile) amenyesha ko ubutegetsi buriko bukosora uwo bwahora bwita "umukunzi" yahindutse agahakana ingingo zimwe zimwe z’inyungu z’ubutegetsi.

PNG - 591.3 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Mu nama yariko ihuza abanyeporitike ku kibazo c’ivyohindurwa mw’ibwirizwa shingiro, Bernard Busokoza yari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mw’ijambo yashikirije, yarijeje abanyeporitike ko integuro y’ihinyanyurwa y’ibwirizwa shingiro itegerezwa gusubizwa inyuma kugira abandi bose vyega baterere. Iryo jambo, naho ryanezereje abari bataye icizere bose, ryarashavuje ubutegetsi, ari naho ukurabana ayingwa kwoba kwaratanguye. Umukuru w’umugambwe UPRONA Karori Nditije yarasongereye isibe ubutegetsi mu kwerekana utarya umunwa ko adashigikiye ukwotoza kwa Petero Nkurunziza mu kiringo ca gatatu mu mwaka w’2015. Kubwa Vital Nshimirimana arongoye FORSC, Bernard Busokoza yakuwe kuva ico gihe, nayo ingingo yafashwe na Petero Nkurunziza yo kumukombora ikaba yaje gushira mu ngiro n’ukwerekana ko ata kibanza gikwiye bigeze bamuha muri Reta yari yitwa ko ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Vital Nshimirimana abisigura yisunze ivyatangaje benshi mu kubona umukuru w’igihugu aha agaciro umushikiranganji karuta ak’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Petero Nkurunziza yerekanye ko umushikiranganji Edouard Nduwimana asumba uwumutwara.

Vital Nshimirimana ahamagarira ubutegetsi kudafata minenerwe ico kibazo, kuko gishobora kwandurukiramwo urwanko hagati y’amako. Uwo arongoye FORSC yisunga inyifato yerekanywe n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD mu ntara ya Bubanza, aho urwo rwaruka rwaraye ruravyina, rutamba, ruvuga n’amajambo atari meza avuga ko uruhigi ruhindukiye. Vital Nshimirimana agatangazwa n’abo banyagihugu bashobora kuba batari bwanabone Bernard Bosokoza, ariko bakarara bararirimba batamba ngo "Uruhigi rurahindukiye". Vital Nshimirimana akabona ko ari urwanko ruriko rurabibwa hagati y’abahutu n’abatutsi, kuko abo bariko baravyina badashobora kwerekana amakosa bagiriza Bernard Busokoza mu kiringo c’amezi atatu gusa yari amaze mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nibazako imbuto itew kwariyimera. Badutermwamacakubiri bazobibona. Ariko jndibaza Eduard nduwimana aribaza kazozakiw?uti vyiza wokwibaza,hamukibuka konintwaro zama coup d’étata zarngany. Ndangij nizza abotwiyumvirakumw nti ntamvurirwidahita.

  • Ariko nibazako hariho abantu bafise ingorane mumutwe mbega Vital ivyabahutu nabatutsi abikuyehe ubwobwengenge wewe ubukurahe ? nti muze murafata ingorane zanyu murondera amaronko ngo mubishire mugucanishamo abantu ndazi neza aho ivya abatutsi nabahutu nyatugeze ndaziko atamuntu akomeye mumutwe yobisubira kiretse abo bagombakubikoresha kubera inyungu zabo

  • Benewacu barundi please hako turyana kandi vyiza twosaba reta igakinjura niba ibona ko politique ari ukuturyanisha

  • umukoloni w’umubiligi yari yabibonye ko nta MUHUTU yorongoye igihugu none nyuma y’imyaka 50 biriko biribonekeza

  • Vital uvuze uti abahutu n’abatutsi aho woba wihenze gatoya kuko Rwasa n’abamuyoboka ,Alexis be na ADC-ikibiri bose bacinyizwa n’Intwaro ahubwo ntitujke kure eka turabe igituma ibi bieri kuba ico bivako.Nayo abanyagihugu ntimube ba ndiryo ngo muhekenyegwe ikigihe ni ico kuraba umuntu afise ivyiyumviro atari ukunbahendesha amajambo nukwemera ibidashika.Nkabamaze kuduca imbere ivyabo twarabibonye nukubashimira canke tukabasezerera .

  • Wewe Vital Nshimirimana, iyomvugoyawe siyo irimubarundi gusa uriko urigisha ivyamoko ngwasubiranemwo, Gerageza wigishe ariko abahutu nabatutsi biburundi ivyotwarabirenganye kukondaziko mwebwe iyomugize ivyomupfa mugihemuriko murarwanira ivyicaro mumaramarira kuzana ivyamoko, Uburero nimwakomeza muduteramwo ivyovyokwankanisha amoko muzoboza twebwe amokoyose abatwa , abatutsi, abahutu, twigize akarwikamwe maze dufate uwuvuzenkukwo kwa Vital akavuga ibitajanye namoko akavyita ivyamoko tumwahukeko namakofi nimigeri dusemerera tuvugango ntasoni guhamagarira abarundi gukomeza guhamagarira abenegihugu mundyane zamoko abandibameze nkawe nibabona ukijijwe na polisi ntibazosubira gukokeza bahamagarira abarundi gusubira mundyane zamoko nkukwo kwavitari.

  • Wowe witwa KABIZI ubwo ntasoni ufite iyo uvuga ngo imbuto "imbuto itewe niyo imera" ubwo abategetsi bazakubwiranngo genda uteme uwo mudahuje ubwoko wirukanke kibuno mpa amaguru umurengereko uteme uti ndungitswe n,umutegets? Ariko mwagiye mushira mugaciro koko kandi ujye wibuka ko ari wowe bizagiraho ingaruka uwagutumyeyyafashe indege agenda iyubuhungiro ugasigara uri imbere ya sentare wirirwa utakamba ngo natumwe na naka ugasigara uwunera

  • @Mama you are a real terrorist. UBU AHO NIYICARIYE KU MUTANGA NORD nagusetse imbavu ziriko zirandya. ’’UTI TUZOKURENGERAKO TUGUKUBITE AMAKOFE N’IMIGERE’’ narindindiriye ko uvugango TUZOGUTWARA MU BUTUNGANE none muzamukubita imigere????? Uvuze neza kuko uraziko NTA BUTUNGANE BURI muri iki GIHUGU CAVUMWE. Amaraso mwamenye mukiri mw’ishamba ntimuraruha? Sinzongera kubabazwa na coments zawe, ndaguhevye uri igikoko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.