IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FORSC : Urugendo rw’amahoro rwo ku munsi wa mbere rwasibijwe

FORSC : Urugendo rw’amahoro rwo ku munsi wa mbere rwasibijwe

dimanche 15 Ruheshi 2014

Urugendo rw’amahoro rwari rutegekanijwe kuba ku munsi wa mbere itariek 16 Ruhesnhi 2014, ntirukibaye. Ivyo bimenyeshwa n’ishirahamwe FORSC rihurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Ishirahamwe FORSC ryahamagarira abarundi kugira urugendo rw’amahoro ku munsi wa mbere itarike 16 Ruhenshi. Aho akaba ari mu ntumbero yo gusaba irekurwa ry’amukuru w’ishirahamwe APRODH, Petero Karaveri MBONIMPA. Iryo shirahamwe FORSC rikaba ryamenyesheje ko urwo rugendo rwasivye.

Nk’uko vyahikirijwe na Vital NSHIMIRIMANA arongoye FORSC, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Saidi JUMA yanditse ikete rimenyesha ko urwo rugendo rutarekuwe. Ivyo Rero mw’ishirahamwe FORSC bakavuga ko ukwo kwanka urwo rugendo harimwo ukudatahura uko amategeko avuga.

Vital NSHIMIRIMANA avuga ko uko amategeko agenga imyiyerekano n’amanama atunganijwe, urugendo bararumenyesha gusa. Ivyo rero bakaba barabikoze, bararumenyesheje ariko si ugusaba uruhusha. Arongera akavuga ko, bavuze “urugendo rw’amahoro” benshi babifata nk’imigumuko, nk’ukumenja. “Ico sico” nk’uko bivugwa na Vital Nshimirimana arongoye FORSC.

FORSC ihamagarira abo yari yatumyeko kuza mu rugendo rw’amahoro ko bokwihangana, bakaba barabangiriye. Vital NSHIMIRIMANA arongoye FORSC avuga ko batagiye gukoresha inguvu. Bagiye kwandikira umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Uno niyatanga inyishu nkiyo umukuru w’igisagara ca Bujumbura, bazoheza biture ubutungane.

Mugihe ubutungane nabwo bobandanyan bugira nkizo nzego zindi, ico FORSC isaba kikiriho, Vital NSHIMIRIMANA avuga ko bazoca bitura abanyagihugu. Abanyagihugu bazobitura kuko, mu gihe baremerewe, barafata ingingo yo kw’igaragamvya, ico Vital NSHIMIRIMANA yise “la révolte”.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

  • Ariko jewe abo bagabo barantangaza umengo ntibazi ivyo barimwwo

  • Hahahaa rwasivye!! Canke mwisanze muzoba muri babiro na madam wawe?

  • Ivyo bitweretse neza ko ivyo musaba atari ukuri ari ibintu vy’amanyanga gusa

  • Hariho abantu bize bategekanya ibintu bibiri bazokorera igihugu peee!!! Uyumuntu Vital Nshimirimana urevye imyaka yiwe urabonako yizemugihe uburundi bwaribukiri mubihebigoye vyamacakubiri, ukurikiranyerero imvugoyiwe nimyitwarireyiwe urabonako kwarimuribabandi bigabategekanyako mugihe bazomara kwiga amashure bifuza igihugu kikirongowe nabobifuza ko bazokorera igihugu, 2 yarategekanije ko mugihe ibintu bizobavyahindutse uburundi butagitwarwa naboyiyumvamwo gusa ko ruzokwirukampaka, biramazerero kubonekanako Vital abariko baratwara uyumusi ntabiyumvamwo nicogituma akomeje guhigana mpaka nububutegetsi, akarorero muragasanga kukuntu umuntu arikwarakurikiranywa nubutungane acavuga ngo abarundi abahamagariye kujamwibarabara nibaba batamufunguye. Abanturero bamezeguryo mubihugu vyose vyabayemwo amacakubiri bababarimwo, igikenewe nukwirinda guhava mucamwitirira abomubwoko avamwobose kwarikobameze, erega nomuntwaro zakera zatwarwa nubwoko bumwe baryanyene bomuri buriyabwoko sibose banezezwa nibikorerwa ayandimoko’ Akarorero hariho umumenyeshamakuru muza 72 yavuzati ibibintu muriko murakora nivyokuryanisha abahutu nabatutsi (amoko) yishuwe kobitamureba mbere bimuviramwo gufungwa! Abantu nkaboba Vital iyobababeshi mubihe vyimishikirano ya Arusha ibarariba ryaraguye mwakiriyagihe kuko imishikirano ntiyari kuba, ariko rero abameze nka Vital babaye bake nicogituma imyifato yiwe dukwiye kuyiharura kuriwe atarabo mubwoko bwiwe avamwo.

  • Buraca bugacana ayandi.ariko ico nizera nk,uwabonye kahise kandi kigishije murabo nyene bababuragiza ndizera kandi ntakekereza ko buca kabiri bakabitura har,uwigeze kwugara i radio kubera yategeka ariko iyo radio niyo yagarutse iramuvugira nawe yarenganijwe.reka tubahe umwanya gusa.

  • Bareke bagendi batahe bari intere,ko batakoze urwo rugendo igihe benewabo bagandagura Ndadaye?barakamenja!!!

  • ICAZI NUKWANIKIRA AMENYO NKUMURANGARA, ICO TUBIHANIKIJE NUKWONGERA KWITA MUBINTU BAVUGANGO BASHAKA KUMENYA UKURI KWABISHE ABAVUKANYI BACU MURI KAMINUZA!!!!!!!! IVYO NTAVYO BASHOBOYE,KANDI NTANUWABIBATUMWE KUKO TWIBAZA KO BOBA BAGIRA BARONDERE INGENE BAZIMANGANYA UKURI!!!!!!!! NIBAKURIKIRANE IVYA MBONIMPA BATAYE MURUDUBI, NAYO IVYAKAMINUZA PACIFIC NA VITAL BITEGURE KUZOTUBWIRA UKURI KWINGENE BABITEGUYE BAKABISHIRA MUNGIRO!!!!!

  • ICAZI NUKWANIKIRA AMENYO NKUMURANGARA, ICO TUBIHANIKIJE NUKWONGERA KWITA MUBINTU BAVUGANGO BASHAKA KUMENYA UKURI KWABISHE ABAVUKANYI BACU MURI KAMINUZA!!!!!!!! IVYO NTAVYO BASHOBOYE,KANDI NTANUWABIBATUMWE KUKO TWIBAZA KO BOBA BAGIRA BARONDERE INGENE BAZIMANGANYA UKURI!!!!!!!! NIBAKURIKIRANE IVYA MBONIMPA BATAYE MURUDUBI, NAYO IVYAKAMINUZA PACIFIC NA VITAL BITEGURE KUZOTUBWIRA UKURI KWINGENE BABITEGUYE BAKABISHIRA MUNGIRO!!!!!

  • OOYA SHA BWIRA ABOBANWANYI BANYU BAZE TWIHE AMABARABARA!!!!!!!! NONE UNOMUSI BICABIGENDA GUTE KONARINZI KO IKIRAKA CUBUTSE????????? AHUBWO MUKWIYE KUZODUTUMAKO TUKAJA KUBOMORA MPIMBA TUKAMUKUZAYO IMINWE!!!!!!!! NAYO IVYOKWIYAMBIKA IVYATSI NUGUTAKAZA UMWANYA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.