IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FORSC yiyamirije abashaka ko Uburundi busubira mu ntwaro y’umugambwe (...)

FORSC yiyamirije abashaka ko Uburundi busubira mu ntwaro y’umugambwe umwe

mardi 25 Ruhuhuma 2014

Ku mwaka umwe n’amezi abiri gusa bisigaye kugira amatora yo mu mwaka w’2015 atangure mu Burundi, mu runani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bararajwe ishinga n’ubutegetsi bwa CNDD FDD bumaze iminsi bushaka kwerekana nk’uko Uburundi bwoba bushaka gusubira mu ntwaro y’umugambwe umwe. Urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile) rukebura abatwara ko bokwikebuka amazi atararenga inkombe.

Abanyagihugu batari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD baraburabuzwa, bagaterwa ubwoba, abatavuga rumwe na Reta bakankirwa gutunganya amanama, abandi nabo bagatabwa mu munyororo. Ibiheruka kuba mu ntara ya Gitega, aho abanywanyi b’umugambwe MSD batana mu mitwe n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD vyerekanye ko amatora yo mu mwaka w’2015 ashobora gukwega intureka mu gihugu kandi kari akaryo keza ko kwitorera indongozi mu ntwara rusangi.
Ukwo gushaka kw’ubutegetsi kwo gushira Uburundi mu ntwaro y’umugambwe umwe kwashimangiwe n’indyane zimaze iminsi muri UPRONA, umugambwe umwe wonyene ukomeye, kandi userukira abatutsi, wahora muri Reta na CNDD FDD, bikavugwa ko umugambwe CNDD FDD n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana bafisemwo uruhara muri izo ndyane.

PNG - 650.1 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Mu runani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile) baributsa ugucanishamwo imigambwe kwaheruka kwibonekeza imbere y’amatora yo mu mwaka w’2010, mu mugambwe Sahwanya-Frodebu mu mwaka w’2009, mu mugambwe UPD-Zigamibanga mu mwaka w’2011, mu mugambwe FNL mu mwaka w’2011, aho hose ubutegetsi bugakoresha bamwe mu banyamigambwe twokwita "BANSUMIRINDA", ari nabo baca bahabwa uburongozi bw’amashami yiyonkoye kuri iyo migambwe yaba ihejeje gucanishwamwo.

Kubw’urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile), ukwo kuryanisha abasangiye imigambwe kwiyadukije mu gihe abanyeporitike baheruka kwiyumvikanira urupapuro rw’inzira izobashikana mu matora yizewe, ahurikiyemwo bose, kandi yo ku mugaragaro. Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC, aranegura kubona urwo rupapuro rw’ivyo abanyeporitike biyemeje, ubutegetsi buruhonyanga ukuri kwamye, ivyo navyo bikerekana ko uguhiganwa muri poritike mu Burundi bikiri kure nk’ukwezi.

Vital Nshimirimana, umukuru w’urunani FORSC ariyamiriza ikintu cose coza gihungabanya intwaro rusangi mu Burundi, ari nakwo guca ahamagarira abakurikiranira hafi ibikorerwa mu Burundi ko bogondoza Reta y’Uburundi ikisubirako hatararengerana.


Egide Nduwimana

Messages

  • Niwiyamiriz abaporona kuko nibo bikuye muri leta,yamara ntibizoborohera kuko ni bampema yuzuye!

  • mbega uyo vital avugako adaharanita onyungi za poltike umugambwe Cndd Fdd awuvugiriki?bamuvugishukuri komushonje mukareka kwitwaza abandi.wewe muntwaro zaheze warihe uronse ivyuvuga Ubu kuri Cndd Fdd?nimwava mumatora abandi bazotwara.

  • Ivyo nukuri biribonekeza ko iyi Leta igomba kudusubiza muntwaro zigikenye ariko mudukeburire Bosco kuko akoresheje imvugo atariyo ngo barashonje nkuwoca aja iwiwe abona yomutunga?

  • Mbega ivyo uwo mugabo ariko aravuga ko adaharanira inyungu za politike , aho ubwo koko ivyo ariko aravuga ntanyungu za politike zirimwo ? Umwumvirije neza uravyumva ko inyungu zirimwo , kuko ivyo ariko aravuga twebwe abene gihugu ntavyo twamutumye aho rero bica vyumvikana ko izo ari inyungu ziwe , kuko twebwe ubutegetsi buhari twebwe abenegihugu turabushikiye kuko nitwebwe twabwitoreye . Izo ndyane nazo ziri mumigambwe nizabene imigambwe kuko nibo bamenya ivyo bapfa bonyene , CNDD-FDD nayo ni bayireke kuko siyo iriko ibarongorera imigambwe yabo nibareke kuvuga menshi kugira bazobazwe bike .

  • Jewe nibaza ko ayo mashirahamwe muyatahura ukutariko!araharanira inyungu za politique ariko ntaharanira ivyicaro vya politique. Niyo mpamvu bamwe bamwe batayemera kuko bayatahura ukutariko!

  • Impanuro noha abagize imigambwe"nibafatane munda baje umugambi umwe bareke gusambura imigambwe niragi baba bariyemeje mukuyishinga."Erega uwusambura ugwiwe bamutiza umuhoro.

  • Mbega kuberiki mwiyuvira ko baja hamwe kubera mwibaza ko DD izotsida , haba naba 2015 iyabo biraragira mwe mwibaza ko abarundi ari ibigugu batazi icatsi nururo simbona ubwoba mufise ahubwo ni mwiruhutse kumitima yanyu kuko umyika isigaye arumwe

  • Mbega yemwe wewe mugabo Vital NSHIMIRIMANA.ubwo urakomeye neza mumutwe,ivyumaze imisi ushikiriza sivyiyunviro vyayo mashirahamwe yagushize imbere nguyarongore,oyaye!.Pacifique ahejeje nawe ngo natanzwe,Abashingantahe naba ngo twatanzwe,uwontavuze we NIRUFYIRI wewe umenga president ruravukana,ntimukigira ico musonera,mwibuke ko 93 mwebwe komutera,bamwe muri mwebwe muri mubaturije amapine abantu.ntugire ngo ntibizwi,vyaba izuba ryaka.mbega nkwibarize .kuki ayo mashirahamwe muhaya ngo ntaharanira kurya ivyigihugu,ata MUHUTU canke UMUTWA,mukurakuranwa mukuyarongora.mukaja ngaho nga ubwoko bwose buraserukiwe.(Mubukaranga tubabona ntya.turi musi yurujo)Tuzokwemera ko mudaharanira ivyo muvuga,mukabukanije kuburongozi nabandi mudasangiye,UBWOKO bwanu bwubututsi,ABATWA na BAHUTU.Harya turababona neza cane,ntimutwiba,mwese murikumwe ni KIBIRI muga ntaco dutegerezwa kubana tubonana kandi tuzinanyi,UBURUNDI Bugona buri maso.

  • Vital Nshimirimana, abanyamafuti baringaho mu Burundi nibeshi kandi ntibari muri reta yu Burundi canke muri CNDD FDD, Namanagukurikiranye ivyuvuga ariko nasanze wewe niyowovuga ibintu vyumvikana vyogorana ko abukebura bokwumvira kubera umuntu yumvirije ivyuvuga womengo iryoshirahamwe ryashingiwe kwama rihiga uwariwewese arimuri reta yu Burundi canke arimuri CNDD FDD! kuguhinyura sugutukana kukojewe ndazirana nogutukana nyakwubahwa Vital ubugiye mwiryoshirahamwe uyoboye ukiyumvira neza wosanga atakintu wokebura abahurikiye mukibiri? maze ukaza kuma radio nokubimenyeshamakuru ukavugati: jewe nkuwuhagarariye urunani rwamashirahamwe adaharanira ivyicaro muri reta turasavye reta ihindure ingendo kanditukabandanya dusaba urworunani ikibiri bagabanure invugo bakundagukoresha zitubaka, nyakwubahwa Vital iyo reta yocitangura kugutinye, kukwubaha nokukugisha inama kubera uwukoze ibitabereye umukebura ukurikwamye, Nayoniwakomezagurtyo tuzokomeza kukwemezako winyegeje inyuma yishirahamwe ryitwako ridaharanira ivyicaro muri reta ariko urumwe mubikoresho ryabamwe mwabo baharanira ivyicaro muri reta.

  • Wewe wiyita Giramahoro turamaze kumenya ico uri!!Kandi urwego urimwo ntirurekuriwe ivyo ukora!Udashaka gutakaza akazi reka kuba umuvugizi w’abanyapolitique bamwebamwe !

  • Nibareke reta abanyagihu twitoreye irangize ikiringo cayo nayo iprona ikumbuye yantwaro ya buyoya yahitanye abantu ibihumbi ni bihumbi! ingero yicaha nurupfu iyo udapfuye urasara biratanguye kubagaruka ivyo bakoze ahubwo nibasubize ivyabandi hakiri kare kandi nuwo nyene vitari arimwo iman ihor ihoze

  • mwebwe,irakoze ,mama na giramahoro,zamwubahiriza ivyiyumviro vyabandi kk gutukana ntabufasoni buba burimwo nn haruyubewe ko leta icagaguramwo imigabwe.

  • Ndashimira MAMA ko atanguye kumvira inama abantu bagiye baramuha ko yoza arasaba abantu bakamwandikira neza ikirundi ngaha ku rubuga ariko IVYIYUMVIRO VYOVYO BIRACAKENEWE GUKOSORWA CANKE GUSENGERWA

  • Wewe wiyita IRAKOZE uranyihenzeko caaane,wewe ntuzi icondi nuwondi,muga wewe ko wigira umuhinga mugutohoza abagira ico bavuze kwivyo vyifuzo vyanyu ,vyingenga bitekerezo vyintambara mwiki gihugu cacu c,UBURUNDI,urabandanya utohoza ngira uzomenya neza uwo ndiwe,iciza mbonye nuko wewe wakozweko nizi mpanuro zanje,bishoboka ko ushobora nokwikubita agashi ukavavanura niyonyifato igayitse,yokwifuriza igihugu cawe inabi.giramahora sha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.