Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
France : Intwaro mfatakibanza muri Burkina Fasso ibere akarorero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > France : Intwaro mfatakibanza muri Burkina Fasso ibere akarorero (...)

France : Intwaro mfatakibanza muri Burkina Fasso ibere akarorero Uburundi

mardi 2 Ruheshi 2015

Intwaro mfatakibanza yo mu gihugu ca Burkina Fasso ikwiye kubera akarorero Uburundi, buri mu ngorane za poritike, bivuye kugushaka kwitoza ubwa gatatu kwa Petero Nkurunziza, nk’uko bivugwa na François Hollande, umukuru w’Ubufaransa.

Mu mubonano yahaye Michel Kafando, umukuru w’igihugu ca Burkina Fasso kuri uyu wa 1 Ruheshi uwu mwaka, Francois Hollande umukuru w’igihugu c’Ubufaransa yateye intege uwutwara ico gihugu, aho intwaro mfatakibanza ya Michel Kafando, iriko itegura amatora meza, abereye ku mugaragaro, ivyo bigategerezwa guha icirwa ibihugu vyo muri Afrika biri mu ngorane nk’Uburundi. Michel Kafando rero akaba yamenyesheje ko ku wa 11 Gitugutu, hazoba amatora y’umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka, nayo ku wa 16 Nzero hakazoba amatora y’abarongoye ibisagara. Akavuga ko igihugu c’Ubufaransa cagumye hafi ya Burkina Fasso, ndetse ico gihugu kikaba citeguriye n’ugufasha mu matora, aho ibahasha ry’imiriyoni zitatu n’igice kimwe y’amanyaburaya, yemewe mu gufasha ayo matora na François Hollande.

JPEG - 58.1 ko
François Hollande na Michel Kafando

François Hollande akaba yaboneyeho kuvuga ati :’’ Namba Ubufaransa bushigikiye Burkina Fasso, ni uko dushaka ko ico gihugu kibera akarorero ibindi bihugu, ndibaza ko kubiriko bibera mu Burundi uyu munsi, dutegerezwa gusigura ko hari inzira z’amategeko zitegerezwa kwubahirizwa, kandi hakaba amatora mu bwisanzure ntangere’’.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.