IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > France3 yasavye imbabazi abayiraba ku masanamu atariyo yerekanye ku (...)

France3 yasavye imbabazi abayiraba ku masanamu atariyo yerekanye ku Burundi

samedi 16 Nzero 2016

Umukuru w’uruganda rujejwe kumenyesha amakuru mu mboneshakure France3 Francis Letellier ,yasavye imbabazi ku mashusho yaciye kuri iyo mboneshakure mu kuganiro Soir3.

Inyuma y’iminsi ibiri y’amatohoza,umuyobozi w’uruganda rwo kumenyesha amakuru yemeye ko habaye ikosa ku masanamu yacishijwe ku mboneshakure France3.

Francis Letellier yavuze ko biboneka ko ayo mashusho ari aya kera,kandi ko yoba yafatiwe mu gice c’umugabane wa Afrika y’uburengero,ariko atafatiwe mu Burundi. Yasavye abakurikirana iyo Mboneshakure kubagirira imbabazi.

France 3 yakuye kandi ayo masanamu ku rubuga ngurukanabumenyi bwayo,imenyesha ko habye ukwihenda mu kuyitunganya.

Mwomenya ko ayo masanamu yerekena ubwicanyi bwoba bwabereye mu ntara ya Karuzi,iri hagati mu gihugu c’Uburundi. Abanyagihugu bo nago mu ntara ya Karuzi baragize urugendo bari kumwe n’abarongozi mu ntwaro biyamiriza ayo mashusho,bavuga ko yacafuza intara yabo.


IGIHE

Messages

  • Ashyushye: Hari Discours yatangiye guhererekanywa kuri whatsup y’umugore witwa KIRAMVU avugira
    Opposition. Arimo ahamagarira abarundi
    kwicana.

  • EMWE NAJE VYARI VYANTANGAJE CANE.

  • Nimba barinze bemera Ko bakorera kubinyoma bahabwa nabagwanyareta givyo barabibonye. igihugu cuburundi nikibitwarire kuko biragaragara nibiriko bivugwa na ONU ngo haribimenyetso sindamusiga ese kuva 93 ahari amapozition yigisirikare hose haribinogo batamwabantu bicwa burimunsi n abantu baturigwa mumapine kumurango izubariva ese ivyobigendajuru icogihe ntivyakora?mama ngwabagore bafashwe Kunguvu nibindi bicafuza igihugu ninzego zumutekano nimba harigisoda gifise indero nigisoda cuburundi kandi bavyirengagiza babizi kuvakera a bagwanya baba FDD or FNL bakirimwishamba nibigeze bakora amabwa mkayo ubu nihoboza kubikora?niyo ONU nukuyirabaneza kuko nabonyene bariko bacanishamwo abantu bivanye namajambo bariko bakoresha iyo bavuze ngovyakorewe abatutsi ukamengo abantu barikobapha muburundi nabatutsigusa nukuvuga ko muburundi harabakora ivyaha amakungu agahezagira nabandi niyobatsitaye bacabitwa abamenja biragaragara koharico nabonyene bagamije gushikako.vyose biboneka kwari irementanya atahorifatiye a bagwanyareta bariko bakora ibishobokavyose ngo bereke amakungo Ko muburundi ibintu biriko biracika kandi iribinyoma.
    Ariko ndibutsa ayomakungu nabo bibazo ONU ariyo izobafasha gushuki kubutegetse nibatesheshwe bate kuko ntahobakoresheje inguvu haramahoro nimba namwe ariyo mushaka muzobibona a Karorero Ni lybia, iraque,SYRIA yemwe nahandintiriwe ndadondagura.imyaka abanyagihugu buburundi babaye mumagorwa atacamira bagara atagifasha ndibazako mucamubonako atawiteguye gusubira Kuja murubwobuzima twesetuzophiraha na Lybia barahabaye abazoruha bazotekereza.

  • Ivyo nta na kimw bihindura kuko kurya bavyerekany niko bica abo birirwa baranyuruza. Barya baca amagara, baca amazosi, bakuramwo imitima bicwa gut.???? Nihagire uwumpa inyishu. Ivyo ni ibihendwa abana

  • Amakungu niyo agomba kutwica n’ayo makuru bavuga batatohoje!!! Nibaze bavuga amakuru batohoje neza!!!!

  • Abamenyeshamakuru nibaze baravuga amakuru batohoje neza kuko ntizokwam bikunda ko basaba lmbabazi!!!

  • Burya ntibabeshe:<IKINYOMA KIMARA UMUSI NTIKIMARA UMWAKA.>

  • IYO RADIO YOKWISUBIRAKO URUMVAKO YACAFUJE IGIHUGU CACU

  • Mubyukuri uwo munya politike w’umunyamakuru witwa KIRAMVU ngo arahamagarira abarundi kwica prezida w’uburundi ndabona ahubwo akwiye gukurikiranwa ninzego z’ubutabera gusa abanyafurika ntituratera imbere mu mutwe urug= murebe ibyabaye kwa kadafi abazungu bakanguriye abaturage kwanga pezida none murebe uko LIBIYA imeze nge ndisabira nyakubahwa PETER NKURUNZIZA gushiraho delegation mu mitumba yigisha abarundi kubana neza nta vangura ndetse akubaka igisirikare gikomeye cyane kitarangwa ni vangura iryariryo ryose kitajegajega yubake urwego rw’ubutasi rukomeye maze arebeko UBURUNDI budatenba amata n’ubuki

  • Mubyukuri uwo munya politike w’umunyamakuru witwa KIRAMVU ngo arahamagarira abarundi kwica prezida w’uburundi ndabona ahubwo akwiye gukurikiranwa ninzego z’ubutabera gusa abanyafurika ntituratera imbere mu mutwe urug= murebe ibyabaye kwa kadafi abazungu bakanguriye abaturage kwanga pezida none murebe uko LIBIYA imeze nge ndisabira nyakubahwa PETER NKURUNZIZA gushiraho delegation mu mitumba yigisha abarundi kubana neza nta vangura ndetse akubaka igisirikare gikomeye cyane kitarangwa ni vangura iryariryo ryose kitajegajega yubake urwego rw’ubutasi rukomeye maze arebeko UBURUNDI budatenba amata n’ubuki

  • Natangaye cane kuva ko abiyita ngo ni onu bemeza ko mu burundi ubwicanyi bwafashe indi mpera bi ciye kumashusho yububeshi ari koherezwa na francis letellier bafashikanije no onu hamwe na oposition ;bakibagirwa kwabantu bari kwicwa ni ntwaro zatazwe na buyoya;bikaba bishikirizwa na(daniel mbaruma) nti baza nimba:onu izibukirwa ku makosa benshi bari gukora muri afrika yacu ;ese daniel"arasaba ikigorwe bakibagirwa ko. Kuva. Kera amacakubiri yaterwa. Nabo :ndi kwi baza nimba(buyoya) ari kumva kukibazo ya teje mu burundi mu gutanga ibirwanisho mu. Banyagihugu

  • Natangaye cane kuva ko abiyita ngo ni onu bemeza ko mu burundi ubwicanyi bwafashe indi mpera bi ciye kumashusho yububeshi ari koherezwa na francis letellier bafashikanije no onu hamwe na oposition ;bakibagirwa kwabantu bari kwicwa ni ntwaro zatazwe na buyoya;bikaba bishikirizwa na(daniel mbaruma) nti baza nimba:onu izibukirwa ku makosa benshi bari gukora muri afrika yacu ;ese daniel"arasaba ikigorwe bakibagirwa ko. Kuva. Kera amacakubiri yaterwa. Nabo :ndi kwi baza nimba(buyoya) ari kumva kukibazo ya teje mu burundi mu gutanga ibirwanisho mu. Banyagihugu

  • Francis na onu bateye ikigorwe kubijanye nu burundi mu gushaka kwankisha abarundi ubutegetsi bacishija mu mashusho yu bwicanyi:ndahanuro :onu ireke gukorera kubihuha hamwe na.masanamu yububeshi ;ahubwo;begero buyoya abereke abo yahaye intwaro

  • Uwitwa KIRAMVU we ngo yabaye inyamaswa. Nta mutima akigira. Umuntu uvuga ngo abarundi bafate imihoro bicane. Ntaho ataniye na Radio Muhabura cyangwa RTLM. Ariko aracafuza abarundi. Agomba kwamaganwa ibyo biyeri aba yasinze akabiruka.

  • Ahubwo Leta Yuburundi Nibizi Katarivyo Niyitwarir Iyomboneshakur. Nabayicafuza Kukobibayivyagiriji Bitatu Bifadika. 1 Ikosa Ryuwahamagariye Abahutu Kwicabatutsi Arumututsi 2 Amashusho Yikarusi Kuri Frances3 3 ivyagiriji Vya Onu Vyugufata Kumguvu Kubapolis. Mugabo Ntibazi Kugenzura Yarabivuze Ntantambar Imana Niyo Cabona Kandi Nababigerageza Imanibacirakiteka.

  • ABIBONE N’ INKOZI ZIBIBI BAZOCIKA IBISHINGWE.

  • abo sibo berekana ibitarivyo bavuga ko hari ihonya bwoko mu burundi ataho ryigeze riboneka narimwe mu burundi muze murerekana ibintu biboneka

  • Ariko abarundi barantangaza none ibibera iburundi buri musi bitaniye he n ivyo tubona ?ahubwo bazorabe neza ibibi bikorerwa abarundi birenze ibi tubona . nyamitwe rero niyashaka anume

  • Barabesha nubu ndiko ndayiraba ngo france3 bayikuyeko bya hehe?

  • 21-1-2016 l Ewe ,Mana Twebwe Abarundi Tuza Mumahoro Ryari? Abari Mumana Mupange Ibipangika

  • do you see how you seek to perplex burundian peaple which is tranquille ?what do u seek in burundi country? thy mission is broken and it is just discovered by the world ;so,what are u going to explain in front of the world? because of thy unimpartial journalism,u start to ask for appology; watch out!

  • Opposiyion yiburundi ibyayo byararangiye. imyigaragambyo yabaye 0. Coupt d.eta iba 0. Kurugamba ba sindumuja baba 0. Politique nayo yahindutse 0. Ubu ni abazungu bari kwirwa basakuza. Gusa abantu bose bareba kure kandi numwana arabibona NKURUNZIZA yabananaye kandi byarangiye kuko ntamishyikirano na BOKO HARAMU_SINDUMUJA.

  • ico twovuga nuko nyakwigendera kadafi yacozwa niyo radiyo kand abamuhiga barabo nne raba igihugu yatwara ndetse na afrika tumwipfuza,twe rero nkabarundi tumaze kubona agapfa nagakira ivyo bizobe UTAKIRIHO!NAYO INTEKO NIBAZIJANE IWABO NATWE TUZIRUNGIKIRA ABANDI.ABARUNDI IVYO VYA MOKO NIBO BABIZANYE NGO BADUCANISHEMWO NTANEZA BATURONDERERA ,NTAHONYABWOKORISHOBOKA KUKO NIGISODAKIRI MWUBWOKO BWOSE

  • Nagomba Nibutse Uwomuyobozi Wa France 3 Koyobwira Uwatanze Iryankuru Akazanana Nawe Mu Burundi Muntara Ya Karuzi Gusaba Imbabazi.Apana Kuvugira Hiyo.Canke Agende Muri Sentare Mpuzamakungu Atange Amande Turabe Ikintu Nkishure Canke Ivuriro Ryokuwubakwa Ikarusi Rikitirirwa Gusaba Imbabazi,numwana Azovuka Ejo Azobimenye.Kuko Twarambitswe Ibara Abarundi,kandi Si Iryambere Muhanure Na Samanta Poer Asabe Ikigongwe Abarundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.