Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Francois Bizimana:"Kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Francois Bizimana:"Kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu (...)

Francois Bizimana:"Kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu ntibihagije"

dimanche 12 Mukakaro 2015

Urunani rw’Abigenga amizero y’Abarundi rurongowe na Rwasa Agathon rumenyesha ko kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro bidahagije kuko hari ibindi vyokorwa.

Umuvugizi w’urwo runani Francois Bizimana avuga ko igihambaye atari gushinga itariki y’amatora ariko ni ugukora ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Kubwa Francois Bizimana avugira Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,ivyasabwe n’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko hamwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ntivyubahirijwe kugira habe amatora yizewe na bose.

Francois Bizimana amenyesha ko igenekerezo rya 21 Mukakaro ari itariki batumvikanyeko bose,kandi n’umuhuza Yoweri Museveni arongoye igihugu c’Ubuganda ntarashika ngo atangure igikorwa c’umuhuza kugira yumvikanishe abanyapolitike batore itariki y’amatora anywanisha kandi atabateranya n’incuti n’abagenzi.

Mwomenya ko Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rufise ikibanza ca kabiri mu nama nshingamateka,mu gihe rwari rwasavye abanywanyi barwo kutitaba amataora y’abajenama n’abashingamateka yo kuwa 29 Ruheshi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Izo ntebe zavuye hehe ko ntamunywanyi wa Rwasa yigeze aja mumatora mugomba murempenyanirize abatatoye,none wibaza iyuvuga ati rwasa afise 77 munama nshingamateka none 21 banse ingingo 77 bakaryemeza wumva ijambo ritaba riri kurabo 77? Hama muguhindura ibwirizwa shingiro wigendeko? Ayo matora noyagereranya nya NINDE ya bikoroka na Ntakimazi.

  • IVYO VYIYUMVIRO VYARIVYO NUKO ICABANYAGIHUGU DUKENEYE ARIGUTORA UWUTURONGORA ATARUWO ABO BANYEPOLITIQUE BADUSHIRIYEHO!AMATORA MWANKA MWEMERA AZOBA!PORE SANA KUBIZEYE UBUTEGETSI BICIYE MUNGWANO!IMANA IBAFASHE

  • Jewe Sinumva Igituma Baguma Bihatira Gutwara ! ! None Yopfuma Asigira Abo Barikumwe Ntiyoba Agiriye Neza Abarundi Batiriwe Barapha Bazirubusa ? Hama Rero abakozi Bamaradiyo Yigenga Uti Amahereza Muzosubira Kukazi Kanyu Imana Irababona. Ok

  • Haaa.Igiteye Ingorane Ni Amatora Ateguwe Nabi .Hamwe Nikiringo Cagatatu Caprsident None Nibabanze Batorere Umuti Ico Kiringo Amagenekerezo Munyuma.Yamatorayose

  • ABarwanyi Bangana Umusenyi Ninkoho Zitagira Igitigiri Zafatiwe Mukibira Ca Bukinanyana Nibareke Igihugu Carafashwe Na Beneco

  • Nosako Bokwuvukana Kuko Twebw Abanyagihugu Turira Uwuduha Uburyamo Ntakindi Turondera.

  • Akazu kamatora!Kubwawe naho yobumuzungu ararekuriwe kwitoza ngwatare uburundi!Lionnel Messie arazi gukina gose ariko ntashobora guserukira igihugu ciwe iyo hakina abatarenza 18ans!Peter naje kuruhuka tuzomutora 2020 kuko azoba abirekuriwe namategeko.None 5ans nimyinshi?

  • emma
    francois nzi waruciyubwenge mbega ikiroberi mwena nyagoma ntikibaheramwo? uwanka amatora wese aba arumwasi wigihugu. Wewe rero wasekuja mumatora ngo nikubera nkurunziza, ahubwo naryamajwi mwarose ntimuzoyemere hanyuma musare muce mukubitwa nkimbwa.

  • Reka sha kuba ufyina,
    Harya uritezeko ivyo bibanza bizobura ababicokeramwo?Twaramenyereye ba buzire ndabwirire nubu nibabizira bazovyirira.
    Gusa tuze turamenyera kudafyinatisha abanyagihugu kuko umusi bazotwihindura,tuzotangara.Baciye urubanza turwemere uko,kuko nibo batanga kandi nibo baka.

  • Ntibitwaze ivyakahise guko abagwanya
    3è mandat benshi n’abahutu’
    ubu mu burundi nta kibazo c.amoko kikibaho.
    Iyintwaro ya peter itoteza amoko yose mbere benshi n’abahutu.
    Baraye bibaye abashingamateka 88 kugira bizorohe guhindura ibwirizwa shingiro
    Vyose tuvyeretse IMANA guko hariko hategugwa ibibi vyinshi.

  • Emwe ivy’uyo mugabo biratangaje mumisi iheze akiri umuvugizi wa CNDD ya NYANGOMA yarakunda guca umugani ngo:<UWUGUSUMVYA IBIJUMBU AGUTWARA IMBWA.>Ubu nawe murumva iyo ageze.Twisunze uwo mugani yakunda gucira abavuye muri CNDD binjiye muri CNDD FDD,mwompa inyishu yaka kabazo?Ubu IMBWA NI INDE?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.