IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero NKURUNZIZA yasabwe ko yokwemera ibiganiro n’abatuvuga rumwe (...)

Petero NKURUNZIZA yasabwe ko yokwemera ibiganiro n’abatuvuga rumwe nawe

mardi 9 Ruhuhuma 2016, par egide

Abakuru b’ibihugu babiri, François Hollande w’Ubufaransa hamwe na et Thomas Boni Yayi aramutswa igihugu ca Bénin, bagiye hamwe, basaba umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA ko yokora ibishoboka vyose ubwicanyi n’ubundi bugizi bwa nabi bibera mu Burundi bigahagarara.

Inyuma y’umubonano wabaye hagati ya François Hollande w’Ubufaransa hamwe na et Thomas Boni Yayi wa Bénin, abo bakuru b’ibihugu bompi, mw’itangazo basohoreye hamwe, basavye mugenzi wabo Petero NKURUNZIZA ko ubwicanyi bubera mu Burundi bwohagarara, kandi ko yokwemera ibiganiro n’abo batavuga rumwe, akavyemera atakirinze gusabwa.

JPEG - 105 ko
François Hollande w’Ubufaransa hamwe na et Thomas Boni Yayi wa Bénin,

Iryo tangazo rya François Hollande na Thomas Boni Yayi risohotse inyuma y’aho umuryango w’Ubumwe bwa Afrika umenyeshereje amazina y’intumwa zo mu rwego rwo hejuru zigiye kurungikwa mu Burundi kuganira n’abategetsi b’Uburundi, ku kibazo ca poritike n’umutekano muke bivugwa mu Burundi.

Izo ntumwa zikaba zatowe mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu na Reta iherutse kubera i Addis Abbeba muri Ethiopia, zikaba kandi zizoba zizanwe n’ukuganira na Reta y’Uburundi, n’abandi bose begwa n’ikibazo c’Uburundi, ku bijanye n’ibiganiro n’abatavuga rumwe na Reta y’i Bujumbura, hamwe n’irungikwa mu Burundi ry’abasirikare b’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika (MAPROBU), mu gihe Reta y’Uburundi yovyemera.


IGIHE

Messages

  • Ugutwi kwihene kumva kokeje! azotinda yumve.

  • Ahubwo mukure nkuko mugira abandi,yibazako akomeye rwose kurusha sadam hussein yarashoboye no kwubaka musi ya océan!Namwe nyene turarambiwe namajambo yanyu aho kuja mubikorwa,ndetse mukwiye no kunuma!

  • Ntangorane,muraturerekeye ngo atwice atumare murorera,UHORAHO we ntiyaduhevye nubwo biri gutyo ntawundi mwizigirwa mw,isi kiretse WE MUSA!Ariko ico nzico sinibazako yasumvya inguvu herodi yashaka nokwica Umwana w,IMANA ariko atari ya mana yuwo mugabo!

  • NDAHAYE PORE ABANTU BIYITA BIRATURAMBIYE NA AKATARETSE KABAGASEMA NKURUNZIZA SINKABO MWIYUNVIRA NKURUNZIZA YATOWE NABANYAGIHUGU ISINZI NAMWE MUKAMUGWANYA MURIBAKE MUBURUNDI HARIMITUMBA 3002 NAWME MURI MUMAKARITIE 5 MWUNVA MUTARIBAKE BAMUGWANYA.EREGA DEMOCRACIE NUBWISHI NIBARERO MWIPFURIZ INABI NKURUNZIZA MUZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA.

  • Isi iragana ahakomeye raise. Ariko abanyafurika, kuki tutakwikemurira ibibazo tudategereje about banyamweru ngo aribo bazoza kudukemurira ibibazo. Nkuyu Nkurunziza, umuyibozi wica abot ayoboy, we abona afire mu mutwe?

  • nimwitonde kuko ntakuganza nakumwe kutava kumana uwomutama nibamureke kuko arabishoboye avanga nokubaha imana nimumureke kuko imana asenga ntimuzoyigwanya ngo muyishobore iyomana nimwe ya dawidi

  • nicokimw!nuwund yofata manda kugr ayirekur botemana nintok kk vyamaz kwononekar gs!ubuken,amarushw,ubwicany...vyamaz kuvuk mugih gto.j ndindiriy Imana yikorere

  • H.E Nkurunziza na reta yiwe, kw’Isi nzima ntabantu nakunda ibiganiro kubarusha, H E Nkurunziza na reta yiwe bamaze kubivugakeshi ko kuribo ibiganiro nikintu kirumara kubarundi barimugihugu nabarihanze, ariko nkuko mubizi kw’Isi yose uwugerageje gukubita kudeta uwontakindi kibakimubereye atari gushikirizwa imbere yubutungane. Hanyuma aba terrorists sinzikohariho ndumva harabantu bahamagarira reta I yariyoyose ngoniganire naba terrorist, nimbavyarabaye bwira Somalia, Nijerie, nahandi bajemubiganiro naba terroriststurabeko abasirikare bubumwe bw’Africa boruhuka urugamba. Turasubiyemwo kubabwirako twamaze kwiyemeza kizokorwa ibibintu bishika 3 : kugiriranira ibiganiro nakiramurundiwese yabuwurimugihugu canke uwurihanzeyaco ariko atari mubagerageje gukubita kudeta, twiyeneje kandi noguhigana numu terrorist yaba abarundi canke abahandi nkuko tubimazemwo imyaka tubikora mubihugu bitandukanye nonubu tukaba tubikorera nomu Burundi hagati kuko twamaze gusanga twarinjiranwe naba terrorists, hanyuma ntacotuzohindira kireka nimwatumara mukazoheza muratunganya uburundi gushasha.

  • Avec ou sans dialogue, nta mahoro azosubira kuboneka mu Burundi Nkuruniza ahavuye kuko Igihugu kizoca gicika umucanwa hagati ya ba nsumirinda et les nostalgiques du pouvoir. Mugabo abahunze bose bazotahuka kandi nta banyagihugu bazosubira guhunga ku bubegito bw’abategetsi n’abatavuga rumwe nabo.

  • none ko abo bazungu bashaka kwisuka mubitabaraba,haraho mutama wacu yigez yanka ibiganiro?vyo twarabitanguye kandi hamw botwiterana kunguvu abo bazungu bahenzwe nazirya njavyi z’abarundi zashats gutembagaza ubutegetsi twitorey,tuzivunaaaa.

  • @ Musemakweri, ivyuvuze birahuyeneza nivyama bivurwako harihabantu bagiye kwicwa nintuntu wewe ndabona urimubagiye kwicwa nintuntunyishi. Ikindi nuko wewe uhuje umutima nabari bataye imitwe ngokuko Ndadaye baribamwikuyeko bakamwica yamaragupfa bagashiraho Ntaryamira abaribanezerejwe nuko bakuyeho umwanda wumu Frodebu Ndadaye babonye asubiriwe na Ntaryamira basubiranubundi kubona kohasubiyeho umwanda wumu Frodebu, arikwapfuyenawe bagashiraho Ntibantunganya noneho abakuzenabana basarirakimwe batehenimurabe bongeye gushiraho uyundimwanda wumu Frodebu! Bacabamwirukako bamutera amazirantoke maze baruhuka avuye kuntebe yubukuru bwigihugu babonye avuye kuntebe yubukuru bwigihugu hakajaho Buyoya bacabaratekana, nonenawe atanuguhisha ingeso uvuzengo ntamahoro Nkurunziza atavuye kuntebe yubukuru bwigihugu! Bisigura ngo bimwe mwikoza mubihe vyaba prezida Ndadaye, Ntaryamira na Ntibantunganya ahomwaza muravyura ubujagari mukazakubureka aruko umwe muraboba prezida yishwe hakajako Buyoya hisunzwe democratie bagashiraho uwuva mumugambwe wariwatsinze amatora ariwo Frodebu hakaca habaho babandi Musemawukweri yavuze kwamahoro azogaruka aruko Nkurunziza akuwe kuntebe yubukuru bwigihugu bakacabavyura akajagari mpaka bamwishe canke bamutekeje uwuva muri Frodebu yagiye kuntebe yubukuru bwigihugu. None nezaneza uyuyiyise Musemawukweri nivyoseruye kwariyo system barikobarakora mwikigihe! Ndababwirako icarikutubabaza nuko twarikuba tutabazi canke turaziko ariko mumeze nicogituma mubona twamaze kwipanga kuburyo budasanzwe ntitudonoka ntimukorako tugumahubwo twiyongera.

  • Aha tundatabawe Nimana Yonyene Abantu Ntavyoboshobora Bahanuyekera Vyarase Ntabiganiro Bashaka Gusa Abanyagihugu Nitwetuhagokera

  • Ntanteko Vamakungu Dukeneye Mu Burundi Ahubwo Nibabarungike Muri Somalia.

  • Ntanteko Vamakungu Dukeneye Mu Burundi Ahubwo Nibabarungike Muri Somalia.

  • ITANGAZO KUBARUNDO BOSE: Njyewe Sindumuja mbivanye kumutima wigwanje sinzosubira gutera grenade abanyagihugu kuko nasanze irya ari politike ya Kagame yo gucanishamo abarundi. Kuva ubu buno ndasaba imbabazi kumabi na koze mumyoyerekano duturira abantu, imiduga,....

  • Nibapfe Kuvga Ariko Babwira Intumva!! Imana Iturinde

  • EWE YEMWE ABAVUGA NAYOBATAZI NIBO NUMVA NTAKIGENDA

  • <<ABO BAGABO BA2 BARASAKUZA MUKUJA HAMWE ATAWABABWIYE NGO BAVUGE KUCEREKEYE UBURUNDI.NIBITOSORE BONYENE HAMA BABONE GUTOSORA ABANDI.NICO BIBLIA IVUGA.>>

  • <<ABO BAGABO BA2 BAJAHAMWE NGO BAYAGA IVY’UBURUNDI NURUSAKU MURUNDI .NIBABANZE BITOSORE BABONE KUJA GUTOSORA ABANDI NICO BIBLIA IVUGA KANDI NI UKURI>>

  • abo bantu babiri nibigendere ivyabo turabizi!ahubwo dusabe abant nka sinduhije,niyombare nabandi bitabe imitah barungikiwe!

  • Imigani y’ugukor’amaraso yo murayizi. Micombero wanyu nawe yavuze ngo: "Uwuvuna umuganda w’ikwi akuramwo rumwe rumwe agateba akawurangiza"
    Amaraso ari ku gahanga kanyu ni menshi, kandi n’imvugo yanyu irabaranga! Muzopfa muyerera nka Gahini!

  • NUKURIVYOBAMITENDE!MUGIHEP/NK/YOKWEMELA"IBIGANIRO,

  • Icompa.!Barundibagatahura Gihe,ahokigeze.Hahigwa Umuntu Yiyambura Ivyaha%AKABIREKA.Dusavye,abakunduburundi"kubusengera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.