Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FRODEBU : Domisiyano Ndayizeye yirukanywe burundu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FRODEBU : Domisiyano Ndayizeye yirukanywe burundu

FRODEBU : Domisiyano Ndayizeye yirukanywe burundu

lundi 8 Nyakanga 2014

Inyuma yaho mu mugambwe Sahwanya FRODEBU bamuhagarikiye ivy’imfatakibanza mu mugambwe, Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi yirukanywe Burundu muri uyo mugambwe.

Umukenguzamateka Domisiyano Ndayizeye akaba yafatiwe iyo ngingo n’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Leonce Ngendakumana, aca abishikiriza mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Leonce Ngendakumana akaba yagiriza uwo yahoze arongoye Uburundi ndetse yari yaserukiye n’umugambwe FRODEBU mu matora yo mu mwaka w’2010, kuba ariko aryanisha abanyamugambwe, no gushinga inzego zibangabanganye. Domisiyano Ndayizeye akaba yagirizwa ko amaze iminsi agirisha amanama mu kinyegero, ndetse mu mugambwe bakaba baranamuhamagaye kugira yisigure ariko ararahira.

Mu gihe hari amakuru avuga ko Domisiyano Ndayizeye yoba azize ko ariko arahuza abagize umugambwe FRODEBU na FRODEBU Nyakuri urongowe na muganga Minani Yohani, Leonce Ngendakumana avuga ko ivyo bifise iyindi nzira vyariko birigirwamwo, ahubwo akavuga nyabuna ko umukenguzamateka Ndayizeye yari yamaze n’ugushinga inzego mu ntara za Gitega, Kayanza n’igisagara ca Bujumbura.


Aristide Nizigire

Messages

  • nace aja kibira ondes mu zindi mbonerakure

  • nace aja kibira ondes mu zindi mbonerakure

  • Rekandababwire icazira nyakubahwa Domirien Ndayizeye, Leonce Ngendakumana yahaye umwanya ukomeye ADC gusuvya FRODEBU kugezanaho kugerubu ADC yamazekuronka ubufasha bwabazoyifasha gutoba amatora barungitswe na Kagame ubu abataribake baramaze gushika Burundi ivyonavyo umu FRODEBU karuhariwe Domiaiyano Ndayizeye ntabiramutswa nubwowomwica.

  • Aho ndayizeye domission uracafise amaronko y’amafaranga? Ayowaronse igihe wari president nimake? Wewe wari umushingantahe twese twubaha mumugambwe frodebu none nawe wakabaye uri igihemu yooooooo!! Emwe uburundi ntabagabo bukuri bakibubarizwamwo aho witegereze imyaka ufise ubona ivyobintu warukwiriye kubikora abarundibose ukuntu bari bakwizigiye bakuvuga neza noneraba ubu icubahiro cawe kigiye kukuvako ikimbabaje nikuryakuntu wisiguye ngobaguhoye kuko wagomba gusubizahamwe umugambwe frodebu none mukuwusubiza hamwe ucubanza gushinga inzego? Rekakuba uvugana kuko iyaba mumugambwe bakwanka ntibarikukwiza ngo urongore uburundi kiriya gihe wari president kandi ntibari nukugucagura ngo userukire umugambwe mumatora ya 2010 icongeyeko none ko baguhamagaye ngowisigure ukanka? Ewe Domission nukuri urimaramaje canegose ubuwibaza ko hari nuwugiye kuza arakuvuga mukanwa kiwe ntakundi nakare umukunzi w’inda arayizira sijewe nohahera hohera wewe wakunze amaronko.

  • ewe vya politike vyo mu burundi biragoye!!!aho gushira imbere umwumvikano n’imigambi iteza imbere abanyagihugu,bari muvyo gukurana!!!emwe burira ntibutera kumpeshi; burakeye tuvyereke abagabo

  • Nimba arivyo,ivyo vyinzego,yashaje!

  • YO!WAKOZE IKOSABARAKWIRUKANANYAKUBASHWA

  • FRODEBU ISIGAYEMWO ABAKUNGU HIHIHIHIHIHI FRODEBU NYAKURI OYE, FRODEBU NYAKURI RAMBA.

  • ntakundi twese twari tuzi kwarumushingantahe .mugabo iyo imugore atanguye kuja araguca inyuma yibaza ngontumubona kanduri namaso nukobigenda ivyo vyaba nyarwanda navyo vyobazwa mwebwe nyene mubizi mukabitangira ivyemezo bitagira iremenkanya.kuko abarundi bari inyuma yaba dd baramaze gukoronizwa niremenkanya naho musigaye muri bake.nyenicubahiro PRÉSIDENT PAUL KAGAME ndibaza ko atarajwe ishinga n’UBURUNDI arajwe ishinga niterambere ry’URWANDA kuko we akunda igihugu ciwe atita mubitamuraba.UBURUNDI ndabukunda nkababazwa nukungene butwarwa nimburakimzi.

  • NDAYIZEYE we,urahemuts uko ntabiziga,rero nogusaba ko wokwisubirako ukazosaba ikigongwe!ntube mpemuke ndamuke...

  • NDAYIZEYE we,urahemuts uko ntabiziga,rero nogusaba ko wokwisubirako ukazosaba ikigongwe!ntube mpemuke ndamuke...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.