Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FRODEBU : Inda bari bamazeko iminsi itatu n’amajoro ntiyavutse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FRODEBU : Inda bari bamazeko iminsi itatu n’amajoro ntiyavutse

FRODEBU : Inda bari bamazeko iminsi itatu n’amajoro ntiyavutse

vendredi 3 Gitugutu 2014

Inyuma y’amasaha arenga kuri abiri abanywanyi ba FRODEBU na FRODEBU Nyakuri barindiriye ukwiyunga kwari kwamaze iminsi kuvurwa n’izo mpande zose, abarongoye umugambwe FRODEBU ntibahonyoje ikirenge ahari kubera ivyo birori.

Kuva igihe c’isaha zine z’igitondo, mw’ihoteri EGO ahari hategekanijwe ko iyo migambwe yose uko ari ibiri itera umukono ku masezeranoy’ukwiyunga, Leonce Ngendakumana umukuru w’umugambwe FRODEBU ntiyabaye akihashika. Amakuru yahavuye amenyekana mu nyuma, akaba ari uko, uko kwiyunga kwohavuye gusambura urunani ADC Ikibiri, Leonce Ngendakumana asanzwe arongoye, ari naco gituma yoba atabaye akihashika, nk’uko vyari vyitezwe.

Muganga Yohani Minani yari yashitse muri ico kibanza igihe c’isaha zine, akavuga ko atakundi, bagiye kubandanya ibiganiro kugira impera n’imperuka baze biyunge. Avuga ko uwo mugambi hari bamwe bariko barawurwanya bataratahura akamaro kawo, ariko akavuga ko bazoja mu matora biyunze kugira bashobore gutsinda umugambwe CNDD FDD. Minani akaba yahamagariye imigambwe yose yasambutse kwiyunga, baze bagire urunani rukomeye mu matora.

N’aho mu mugambwe FRODEBU batashimye kuvuga icatumye batiyunga, Frederic Bamvuginyumvira yari yawuserukiye akavuga ko hari akantu batarahinyanyura, Minani we akaba naho atashatse kubidomako urutoke neza, imvo nyamukuru kwoba ari kazoza ka ADC Ikibiri inyuma y’ukwiyunga, kuko we yavuga ko bashaka kugira umurwi munini uhuriyemwo imigambwe myinshi mu ntumbero yo gutsinda CNDD FDD.

Mukamenya ko ivyo birori vyari vyitabwe n’abantu isinzi barimwo abanywanyi b’impande zibiri, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abaserukira imigambwe itandukanye nka Karori Nditije wa UPRONA, Zedi Feruzi na Chauvineau Mugwengezo ba UPD Zigamibanga, Festus Ntanyungu wo muri CNDD FDD, PASIDE Imboneza urongowe na Aloys Baricako, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike n’abandi.


Aristide Nizigire

Messages

  • murabonye ko mutama DIMITIEN yari mu kuri Leoncia asanze ata yandi mahitamwo ikibazo c’ingutu mukwiye kubatubariza Leoncia yemera ikibiri kurusha frodebu MINANI nawe ntagikozwa Ahaaaaaa! !!’!! kazi ipo

  • komere k’umuheto % mwari musigaje iki ngo tugire ico dutereye? tubar’inyuma.

  • Nukuri turabishimye ahubwo twotera akamo ko niyindi migambwe yoboneraho akarorero Kuri Frodebu bakiyunga kugira dukureho iyontwaro yagacinyizo iyo miswa yaba DD ahubwo muzoce mwugara imbibe kugira ntihagire nuwubacika

  • je nari navuze kare ati kazi ipo ADC niyo ntambamyi yo kwiyunga kwa FRODEBU kuko nkuko nabivuze kare Leoncia twibaza ko ivya NDADAYE yabivuyenwo kuko ikibiri kr we niwo wahindutse umugambwe nshimishijwe nuko mwaciye mutanguza iciyumviro nari natanze kare kuri irya yindi nkuru. rero inkuru ibaye impamo turorere ivyo baziyumvira ariko ico bakoze bimaramaje gurumako isegenya y’abantu ambassadors n’abanyamakuru hanyuma ngo uwundi munsi wa mugani wa KIRAMVU n’akamuna nzoba ndora uhuu! !!!

  • léonce ndamwemeye numunyabwe sha ivyobirori vyazamwo dd yarayimuciriyurubanza urworukundo nurwahe?baricafisumugambi ugayitse wogusambura adc bahubutswe nibadende bigire kuri leonce kk bobo ninda cokimwe naminani yigira dctr winzara.

  • MWIKEBUKE BANYEPOLITIKE TUZOCURUBANZA!! UMWANSAGUCIR’ICOBO IMANA IKAGUCIRICANZO!!ABARI BATEGUYE IKIBI POLENI

  • Minani na Domitien nukubaraba neza ntibadusamaze.1-mu matora yirukiye ibibanza haguhagarira Democratie 2-agira uru nani na Domitien kuko Domitien abona ko atajambo afise muri ADC kuko ashaka kwitoza tutakimwiyumvamwo.3- uwo n,umugambi kugira Leonce acafungwa kuko ntazoba ari umukuru w,umugambwe canke w,urunani.Mutama Imana isumba ingabo yagusimbije imitego

  • Na jacques narabe baganire na Rwasa bagire umugambwe umwe kugira baze baje mu matora umugambwe arumwe bareke kujuragizaaba FNL,bibuke ko uwo mugambwe twawukuye kure ,aho kwishinga amaronko ataho azobageza.aba frodebi bobo nuko bigaragarako bafise nugushaka,bazotindabiyunge ariko sindumva ivyaba FNL.ni mwikubiteagashi mwibuke iyo mwavuye.

  • Léonce wewe uri mubiki ko wanka ko umugambwe w’iyunga kweli none koko ntushakako intwaro ya dd tuyikurako ga muutama ivyo ugira nibiki inziraguhemuka turarushe tubabarire mwiyunge uzoba ukoze none urakenye twicwe nagahinda jew ndinziraguhemuka kuva mfise imyaka itatu ubu mfise 24 kandi nabonye vyishi kubwu mugabwe non ntimushaka kuwusubiza hamwe ivyo birababaza muta NDANDAYE AHO ARI Léo ndagukunda ariko ivyo urimwo ndabirambiwe mbabarira ndarushe ndi muta uzoba ukoze cane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.