Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FRODEBU Nyakuri : Amatora ntazogenda neza Imbonerakure nizitahindura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FRODEBU Nyakuri : Amatora ntazogenda neza Imbonerakure nizitahindura (...)

FRODEBU Nyakuri : Amatora ntazogenda neza Imbonerakure nizitahindura ingendo

lundi 16 Ruheshi 2014

David Niyoncungu arongoye ku rwego rw’igihugu urwaruka rwo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri amenyesha ko amatora Uburundi bwimirije mu mwaka w’2015 atazogenda neza mu gihe urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD rudahinduye ingendo, rugahabwa inyigisho kugira rusonere n’abandi banywanyi b’iyindi migambwe.

"Inserukarukamvye" ni urwaruka rwo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri. Bavuga ko ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati Edouard Nduwimana ku nsamirizi n’imboneshakure y’igihugu ko urwaruka rwose rukora amabi rugiye guhanwa hisunzwe amategeko ari uruhendo, kuko n’abafashwe batigera bahanwa. Mu mugambwe FRODEBU Nyakuri babona ko, nk’uko David Niyoncungu abishikiriza, abakora amabi ari urwaruka rw’imbonerakure za CNDD-FDD, kuko aribo batubahiriza rwa rupapuro rw’inzira. Muri FRODEBU Nyakuri bamenyesha ko urwaruka rwo mu yindi migambwe rubanye neza muri rusangi, kiretse mu mihingo hamwe hamwe, aho urwo rwaruka rw’Imbonerakure rubandanya ruhohotera, rwongera ruburagiza abo mu yindi migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.

Akarorero ka hafi ni ak’ibiherutse gushika muri komine Giteranyi intara ya Muyinga, zone Kinanira, aho urwaruka rw’imbonerakure rwategereye abanywanyi ba FRODEBU Nyakuri bari bagiye kugira inama barabakubita bongera bamenagura imodoka barimwo.

Urwaruka rw’umugambwe FRODEBU Nyakuri rugasaba ko ivyo vyashikirijwe na Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu vyoshirwa mu ngiro, urwaruka ruhohotera abandi rugahanwa.


Floxella Karire

Messages

  • AMATORA AZOGENDA NEZA CANE!!!!!!!!!! KUGIRA INDURU ZIGABANUKE NUKO MUKWIYE KWIYUNGA NA LEONCE KUGIRA IVYIMBONERAKURE NTIBIBATWARE UMWANYA. IMBONERAKURE ZISHWAYE UBURUNDI BWOSE, ZIKABA ZIKUKIRA UMUGAMBWE WATSINZE AMATORA. NONE WUMVA ZITAVUGANGWA KUBWO UBUKOMEZI BWUMUGAMBWE??????

  • Niyocungu nkumukuru wumugambwe twubaha ntitwibaza ko yobeshera abantu atagira akarorero nivyabaye muri comine giteranyi bifatiye inzego zumugabwe mugahanga nibi nibindi ico nokuganira nuko nkurwaruka twosoneranira mubutandukane bwacu

  • David bandanya ufasha gusemerera turabeko imbonerakure zo kwisubirako .ariko nabo baziha impigi kabiri narimwe zikabahinduka. nk’ inziraguhemuka zo muri za kaminuza twohanura tuti umushikiranganji wintwaro yo hagati yorabako batamusuka canke naho akaba ari mubahimpigi imbonerakure ariko arenga indahiro .

  • None wewe ko utwara inseruka rukamvye mukaba mwirirwa mukubitwa hindura izina.igihe abo muyindi migamba bicwa,bapfungwa,batotezwa....ko Minani atavuze?ubu murahe mwikomesha amaruru?mwashaka ibibanza mwarabironse tekereza babakorereko nimwe mwabiteye iyo mudaherekeza 2010 biba vyaraheze.

  • ndasaba ugwaruke gwose rugire tolerance politique kuko twese turi abatkaoyi.twibuke kwitaho cane les activites productrices de revenus.

  • GERARD, NYAMB URI WE WUMV UZOVAMWO IKI? ERGA IBIRI MU GIHUGU BIDUHANZE TWES! NUKUR IMBONERAKUR NI ZIMENYE ZIMENYER KO ATA KAZI ZAHAW KO KUGWANA BAREK KUBURAGIZ IYINDI MIGAMBW KUGIRA INAMA! NI MWIBUK YEMW BIMW VYA 1993.. VYA BA SANS ECHECS N’ABANDI! JE N’AR UMWANA MUTO M’ N’UBU BIRANC UMUTIMA! AH UMUNTU YATURIRWA IZUBA RIVA ATA CAMIRA!! ARIKO MUGOMBA BISUBUBIRE? NI MUZ TUBUNGABUNZ UBURUNDI ABABUHURUMBIRA BAREK KUBUHUNGA! N’AYO AHANDI HO UBURUNDI BUZOBA UMUYONGA!

  • GERARD, NYAMB URI WE WUMV UZOVAMWO IKI? ERGA IBIRI MU GIHUGU BIDUHANZE TWES! NUKUR IMBONERAKUR NI ZIMENYE ZIMENYER KO ATA KAZI ZAHAW KO KUGWANA BAREK KUBURAGIZ IYINDI MIGAMBW KUGIRA INAMA! NI MWIBUK YEMW BIMW VYA 1993.. VYA BA SANS ECHECS N’ABANDI! JE N’AR UMWANA MUTO M’ N’UBU BIRANC UMUTIMA! AH UMUNTU YATURIRWA IZUBA RIVA ATA CAMIRA!! ARIKO MUGOMBA BISUBUBIRE? NI MUZ TUBUNGABUNZ UBURUNDI ABABUHURUMBIRA BAREK KUBUHUNGA! N’AYO AHANDI HO UBURUNDI BUZOBA UMUYONGA!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.