Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FRODEBU : Urwaruka rumenyesha ko rutazorera amaboko rusubiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FRODEBU : Urwaruka rumenyesha ko rutazorera amaboko rusubiye (...)

FRODEBU : Urwaruka rumenyesha ko rutazorera amaboko rusubiye gukubagurwa

mardi 7 Nzero 2014

Umwaka w’2013 wabaye umwaka udasanzwe muri poritike y’Uburundi, mu gihe urwaruka rw’imigambwe imwe imwe rwashamiranye, rumwe rugapfungwa, urundi rukaja mu bitaro, mu gihe n’urundi rwaruka wasanga ndetse ruhasize ubuzima kubera ukwo kutihanganiranira muri poritike.

Mu mugambwe Sahwanya Frodebu bavuga ko muri uwo mwaka uheze w’2013 batoroherejwe n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD. Bavuga ko bagiye baramanurirwa amabendera y’umugambwe wabo, ahandi naho abanywanyi babo bagakubagurwa n’urwo rwaruka ruhurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi.

JPEG - 84.2 ko
Patrick Nkurunziza arongoye urwaruka rwa Sahwanya Frodebu

Patrick Nkurunziza arongoye urwaruka ruhurikiye mu mugambwe wa Ndadaye mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, amenyesha ko mu ntara za Kirundo, Gitega Bubanza n’ahandi, imbonerakure zakubaguye urwaruka rwabo. Aremeza ko ivyo vyose bishitse, yagerageza kwitura uwurongoye urwaruka rwo muri CNDD FDD ariwe Denis Karera. Nko muri komine ya Kinama, avuga ko imbonerakure zivye ibendera rya FRODEBU, inziraguhemuka nazo zica zimanura iry’abagumyabanga ba CNDD FDD, bigenze ukwo, bica bituma abafrodebu basubizwa iryabo. Avuga ko uwurongoye imbonerakure muri ico gihe co mu Kinama yakoze ibishoboka bararonka ibendera ryabo, ariko mu ntara zo hagati, ugasanga ibikorwa vy’izo mbonerakure birengera uwuzirongoye, ugukubagurwa bagirirwa kukaba akamizwe n’ingoma.

Mu gihe uyu mwaka w’2014 uzoba ushushe muri poritike kuko hasigaye igihe gito kugira amatora yo mu mwaka w’2015 akaba, Patrick Nkurunziza arongoye urwaruka rw’intakangwa za FRODEBU, amenyesha ko urwaruka rwo muri ADC Ikibiri rugiye gukorera hamwe mu kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015, ndetse n’inzego z’urwaruka rw’ADC Ikibiri zikaba zija zamaze kujaho, ubu bakaba bafise umuvugizi. Ikindi naco yatumenyesheje, akaba ari uko bagiye gukurikiranira hagufi umutekano w’ inziraguhemuka, mu gihe vyagaragaye ko zagiye zirakubagurwa.

Avuga ko, nk’uko atawe basotoye, n’uyu mwaka atawe bazosotora, ariko batazorera amaboko, mu gihe hogira uwubasotora. Agira ati: ’’Nk’uko twagumye tubivuga, igikutwa nticishure n’ingoma gusa’’. Uwuzobatangura bazivuna, ariko bakipfuza gusa ko amategeko yokurikizwa, poritike ikarekurirwa bose, ntihagire n’umwe aburagizwa kandi, ari umunyagihugu nk’abandi.


Aristide Nizigire

Messages

  • nimwirata imbonerakure ntizifyina zizobahongora zamaze imyaka irenga 10 mwishamba mwibuke ko aatanumu doriya mugira umugani w’umutama araho !!!

  • mwebwe aba imbonerakure muzozishobora mwebwe abana bamaze imyaka iren ga 10 mwishamba!!! mwibuke ko hariho umu zehe yababwiye ko mutagira numu doriya ngo muzihanga abana batunzwe namanazi imyaka icumi murawukarisha ruzobamwa

  • Abo bavabwira ivyo niterabwoba!murya muburundi haracarihoumu civil atazi ingene bafata inkoho.icosico gikuru mwese murabanabigihugu,nimureke guhendwanabanya politique kuko barya baronderainyungu zabo hanyuma ingaruka mbi zose zizoba kuri mwebwe nyene.ndibaza ko uburorerobuhari ,ni mukanurerero utwo duhera babaha nakamanyu kumutsima.ikibwirwa nicumva nayo ngo icerekwa nikibona

  • Mbe izo ndyane hagati ya CNDD-FDD na SAHWANYA-FRODEBU, iva koko ku madarapo? Muraraba ko bitoba biva kandi kuri ayo matazirano yabo. Ico bikoze, yaba IMBONERAKURE canke INTAKANGWA, bose ni abana b’u Burundi. Urwo rwaruka rwose n’urusigaye rugiye hamwe, ndumva ko amahoro yosagarara mu gihugu cacu. Gikuru nkabona ko ari gutegera hama bakayaga hagati yabo kugire ivyiyumviro vyiza vy’iterambere abe ari vyo bisunga. Uharaho ashimwe kumva Edouard Nduwimana ajejwe Imigambwe yikubise agashi akabona icokorwa kugira haboneke agahengwe. UMUJA NI NGUVU

  • Ariko aba Frodebu nububaracaribabandi batazi gushishoza!? Barashoborakwubahuka kuvugako urwarukarwabo rwohangana nizombonerakure numvazinyagara mugihugucose! jewe binyibuca inyumayuruphu ryumuhisi Ndadaye numvabavugango abarundi bihagarareko democratie ntibacemumwanyawintoke ubwobabivugagurtyo ntanguvubaribafise maze abasirikare bigihugu bicogihe sukurasa abanyagihugu barahumbahumba! ubworero nomuribo uwwbasirikare babona barica abagiriwubuntu barahunze mazebwabunyagihugu babwira ngobwihagarareko barabuhondahonda karahava! Nonebarasubiriye kuvugango bazohangana nabobadashoboye!? Jewembonamwarimukwiyekuvugako uwuzobasotora muzomushikiriza ubutungane bigasumba kwiyahura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.