IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gabriel Nizigama aramenyesha ingingo zo kwongereza umutekano i (...)

Gabriel Nizigama aramenyesha ingingo zo kwongereza umutekano i Bujumbura

mardi 16 Ndamukiza 2013

Inyuma y’ubwicanyi hamwe n’ubusuma bwibonekeje muri iyi minsi mu gisagara ca Bujumbura ,umshikiranganji w’uburundi w’umutekano komiseri Gabriel Nizigama yamenyesheje ko izindi ngingo ruhasha zigiye gufatwa kugira bongereze umutekano mu gisagara ca Bujumbura.

Igipolisi c’Uburundi kikaba gitegekanya kwongereza amarondo mu gihe hasanzwe hari umutekano ukwiye hamwe no mu gihe c’iminsi mikuru.Umushikiranganji ajejwe ico gisata akaba yarasavye ko inzego zose zobafasha cane ndetse n’abanyagihugu bagafasha.

Harasabwe kandi ko bokwubahiriza amasaha yo kwugara ububare hamwe no kwirinda no kurenza umwanya kuri bimwe twita’’ karaoké ‘’.Izo ngingo zose zikaba zifashwe inyuma yaho hiciwe umusore muri komine ya Ngagara n’abantu bataramenyekana.Iryo bara rikaba ryabaye inyuma y’isaha zitandatu z’ijoro.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.