Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gabriel Rufyiri ariyamiriza abategetsi batanga akazi bakuwe mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Gabriel Rufyiri ariyamiriza abategetsi batanga akazi bakuwe mu (...)

Gabriel Rufyiri ariyamiriza abategetsi batanga akazi bakuwe mu mabanga

mardi 9 Kigarama 2014

Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe OlUCOME asaba icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu guhagarika ingingo zibiri zafashwe n’uwahora arongoye ishirahamwe INSS Télesphore Irambona, kuko zidakurikije amategeko. Uwo nawe akaba yahaye akazi abakozi bashika kuri 15 kandi aza yaramaze gukurwa muri ayo mabanga.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 9 Kigarama, Gabriel Rufyiri avuga uwahora atwara INSS Irambona Télesphore, ubu asigaye ari icegera c’umuyobozi mwishikira ajejwe ibibazo vy’abanyagihugu mu biro vy’umukuru w’igihugu, yatanze akazi muri iryo shirahamwe kandi yamaze gukurwa mu mabanga yari ajejwe, nk’uko biboneka mu makete yagiye arandika agena abo bakozi.

Muri ayo makete habonekamwo amahinyu, bikaboneka ko ingingo afata zagenda zisubira inyuma kuko ingingo yafashe kuwa 27 yanditseko Décision DG/N 5152, iha akazi abakozi 10 bava mu ntara zitandukanye, iyindi ngingo ikaba ari iyafashwe kuwa 28 nayo ikaba yanditse uku gukurikira : Décision DG/n 5120, iyo ngingo nayo ikaba itanga akazi ku bakozi 5. Gabriel Rufyiri avuga ko ari akamaramaza kuko ayo makete asinyirwa muhira.

Gabriel Rufyiri aratanga n’utundi turorero dushusha n’ako, mbere akavuga ko vyamaze kuba nk’indwara, kuko umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta ariko kino gihe, yabigenjeje nk’uko nyene yatanze akazi ku bakozi 50 amategeko adakwirikijwe, igihe yari avuye ku burongozi bw’ishirahamwe SOBUGEA. Eka n’uwahora arongoye posita ubu asigaye ari umuyobozi w’ishirahamwe ONATEL nawe nyene igihe ahindurwa mu mabanga kuwa 3 Mukakaro, yoba yarafashe ingingo yo gutanga akazi ku bakozi bashika 50, aca ahindura amagenekerezo kugira biboneke ko iyo ngingo yari yayifashe kera kuwa 28 Ruheshi.

Gabriel Rufyiri abandanya yerekana ayandi mahinyu, aho mw’ishirahamwe OTB hari abakozi usanga ari abayobozi bakuru b’amashirahamwe yigenga, agatanga akarorero k’umukozi mukuru w’iryo shirahamwe, Alphonse Nimbona asanzwe ari umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Mister Minutes Services, akongera akaba n’umuhanuzi mu biro vy’umuyobozi mukuru wa OTB.

OLUCOME isaba ko ivyo gukoresha ka mpinga yanje naka mwana wa mama vyohagarara, kuko biri mu bitera ingorane mu buzi bwa Reta. Gabriel Rufyiri asaba ababishoboye bose kuza kwishikira kuri Ego Hotel kuri uwu wa kabiri, igihe c’isaha icumi, kugira bafatanye n’iryo shirahamwe mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya igiturire, kuko ubwoko bwose bw’igiturire ari akaranda kica vyinshi mu gihugu.


Floxella Karire

Messages

  • courage cher vaillant patriote!

  • Ruhfiri, uwasubiriye uwoyahorarongoye INSS niwe yagutumye kuvuga Ko uwoyasubiriye aguma yinjiza abakozi? Jewe nagira wowaramutwa uyumusi INSS niweyarikwitura icegera cakabiri cumukuru w’igihugu akamubwirako abangamiwe nuwoyasubiriye ngokuko agumamuzanira abakozi?

  • Basha Rufyiri bamutoye abikwiye kweli uwo mwete afise urasara! Muga hari nivyo arenza mukuvuga!! Ahubwo uwo mwumviriza yogira ngo igiturire caraheze!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.