IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gaoussou Diarra arashima intererano y’Uburundi muri Somaliya

Gaoussou Diarra arashima intererano y’Uburundi muri Somaliya

mercredi 6 Ntwarante 2013

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yarakiriye mu biro iwe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 5 Ntwarante 2013,Boubacar Gaoussou Diarra aserukira umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu karere k’ibiyaga binini akaba n’umukuru w’ibiro vy’ubumwe bwa Afrika m’Uburundi.

JPEG - 6.8 ko

Inyuma y’umubonano n’umuhuza w’abarundi,Diarra yamenyesheje ko haheze amezi abiri gusa agenywe muri ayo mabanga yo guserukira umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mub karere k’ibiyaga binini no kurongora ibiro vy’iishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika m’Uburundi.

Diarra yamenyesheje ko kuva agenywe muri ayo mabanga yafashe ingingo yo kubonana n’abategetsi batandukanye bo muri Leta y’Uburundi,ari no muri iyo ntumbero yagendeye umuhuza.

Kubwa Diarra,ibiganiro bagiraniye vyabaye vyiza kuko hari vyinshi bahurirako mu bikorwa vyabo,nko gutatura no gukinga amatati.

Diarra yabandanije amenyesha ko yagendeye umuhuza mu ntumbero yo kugirango bahanahane ivyiyumviro ku bikorwa bahurizako, kugirango kandi aronke intererano ziwe kandi mu gihe bikenewe mu kazi kiwe azomwiture agire ico amufashije.

Mu gihe Diarra aheruka guheza akazi kiwe mu gihugu ca Somaliya,arashima cane igikorwa, n’intererano y’Uburundi mu gikorwa co kugarukana no gutsimbataza amahoro muri ico gihugu kiriko gikorwa n’abasirikare b’abarundi.

Mwomenya ko abasirikare barenga 5500 aribo bari mu gihugu ca Somaliya mu ntumbero yo kubungabunga amahoro.


Mugisha Van Naris

Messages

  • Nivyizako natwe twomenya agaciro kabana bacu ningene bitangira igihugu turabashimiye Abasirikare bacu bitanga muri SOMALI nagateka kugihugu kuko kurwanya Terolism ni vyiza cane kuko uravye ivyo bakoze bica ABANA ABAGORE NABTAMA NABANDI ATACOBAZIRA Abasirikare b UBURUNDI Mubikorane umutima mwiza murwanire inzirakarengane mwibuke inzirakarengane zaguye muri AMERCA MURI KENYA Terimbere bana bigihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.