IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gaoussou Diarra aserukira ubumwe bwa Afrika mu karere k’ibiyaga binini (...)

Gaoussou Diarra aserukira ubumwe bwa Afrika mu karere k’ibiyaga binini yagendeye u Burundi

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Thérence Sinunguruza yakiriye mu biro iwe umuserukizi mushasha w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu karere k’ibiyaga binini kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Nzero, nk’uko amakuru atangwa na RTNB abivuga.

Boubacar Gaoussou Diarra aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika akaba n’uwuhagarariye iryo shirahamwe mu Burundi yakiriwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Inyuma y’uwo mubonano ,yamenyesheje yuko yari yaje mu ntumbero yo kuramutsa abategetsi b’u Burundi kuko ari mushasha muri ayo mabanga.

Yaranamenyesheje kandi ko yari aje mu ntumbero yo kurondera gufashanya n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ngo kuko u Burundi busanzwe buri mu bihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.