IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gaston Sindimwo:" Amabanga nahawe nayakiranye urweze"

Gaston Sindimwo:" Amabanga nahawe nayakiranye urweze"

vendredi 21 Myandagaro 2015

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo amenyesha ko amabanga yahawe yayakiranye urweze kandi ko ahambaye iyo uyakoze neza uha iteka igihugu cawe.

Mu kiganiro ca mbere yahaye abamenyeshamakuru ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu,Gaston Sindimwo yashimye kuba ari irya mbere mu mateka y’Uburundi aho imvukira y’igisagara ca Bujumbura aba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Gaston Sindimwo yavuze ko mu migambi azoshira imbere harimwo,kugarukana amahoro n’umutekano;nkuko umukuru w’igihugu yabivuze ko mu mezi abiri bategerezwa kuba bagarukanye amahoro n’umutekano .

JPEG - 170.5 ko
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo

Kubwa Gaston Sindimwo,yipfuza ko ayo mezi abiri atoshika kugira ngo ico gikorwa babe bahejej kugikora,ariko ko kuva umunsi agenywe mu mabanga bagitanguye kuko ata bundi buhungiro atari amahoro n’umutekano

Gaston Sindimwo yamenyesheje ko ababajwe n’abarundi isinzi bahunze kubera ibihuha n’abantu babaca ivutu.
Yavuze ati :" turasaba ko abo bantu bose bahunguka",nayo ku bijanye n’abashinze Reta ikorera hanze amenyesha ko ari muri bamwe batashaka ko amatora aba, akavuga ko mu mugambwe UPRONA bemera ivyavuye mu matora kuko ico bashaka ari ukwubaka igihugu .

Gaston Sindimwo yavuze ko ata gihugu kigira abami babiri, iyo kigize abami babiri umwe aca yiha ubuki, nayo muri abo bahunze,avuga ko ata n’umwe muri abo atabaye indongozi mu gihugu, kandi ivyo bakoze bizwi,aca asaba abarundi kuguma bafatanye mu nda no gusenyera ku mugozi umwe.

Ku kibazo c’amaradiyo yugawa,Gaston Sindimwo yavuze ko yugawe kubera gushaka gutembagaza ubutegetsi,ariko ko agiye kurondera ababijejwe ku mpande zose kugira bavugane barabe ingene bose bokwubakira hamwe,kandi baraba ku bintu bimwe.

Ku bantu bafashe ibirwanisho ngo batere Uburundi,Gaston Sindimwo amenyesha ko ata ciza bigeze babikuramwo atari amarira n’urupfu,aca amenyesha ko bagiye gukora uko bashoboye bakure ibirwanisho mu banyagihugu ku neza canke ku nguvu, bahagarike ubwicanyi kandi yizeye ko bazobishobora.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nguyo vis Président avugishije ukuri.

  • Mbega komuyagarura mwri mwayajanye hehe ayomahoro yari mu mazu yanyu

  • Gaston sindimwo Leta urimo wowe na Nduwimana nta byiza wifuriza abanyegihugu usibye inyugu zanyu amabanga wahawe nico Peter ya gusabaga gusenya umugabwe UPRONA Ariko amaherezo yawe na Nduwimana ifaranga yubuhemu taho muzayarira haba muburundi cg hanze yaho

  • uravuga make weho urimushasha

  • izindi bazozugurure erepey na sanganiro bahatere iminyinya cank bahashire utubare

  • Niwirambire mutama, ahubwo , gira ningonga mwubake igihugu cacu, ninamahirwe kuronka indongozi yimvukira ibujumbura, yomwumva ho ngira muzogira uko mushoboye abanyahgihugu banezerwe aho muvuka, mubakure mumarira. Nayo abagize reta barimubuhungiro , biracabagoye, bibagiye ko nyenintambi, aruwuyifashe ikirindi!

  • Dedembera hiyo umenye ko habaye nzikwiba hategerezwa kuboneka nzikurarira.

  • Barundi yaba twese tumeze nka
    Gaston vyoba ari vyiza tudashize imbeè amoko komera u
    Umana uguhezagire

  • emma
    ndagukomeye amashi mutama gasito, abo baporona banditije wumva bakironderiki inyuma yiwe? nibakwigireko bakunde igihugu nkuko nawe ugikunda. Hanyuma gerageza gukuribigwanisho mubanyagihugu nkuko mwavyiyemeje, kandi muturinde intambara dushaka amahoro

  • HAGATI YA NAHIMANA NA S.E NYANGOMA LEONARD NINDE YOKWIHA UBUKI?DUDURA!ABATUTSI MWAMANYE UBWENGE MUVUGIRA MUMIGANI.KANDI AHO WARI WAMUBARIYE.

  • Ahubwo Ni Ubwambere Umucongomani Aba Icegera Cambere C’ Umukuru W’ Igihugu. Mugabo Jewe Nari Nashimye Ko Umushoferi Aronka Amabanga Nkayo Kuko Hari Benshi Basuzugura Uyo Mwuga Bakibaza Ngo Amashure Nibwo Bugabo Kandi Mubize Harimwo Imihimbiri. Ariko Atanguye Nabi Kuko Abahunze Batahunze Ibihuha, Kandi Ko Amaradiyo Atugawe Kubera Itembagazwa Ry’ubutegetsi Kuko RPEA Yugawe Itembagazwa Ritaraba Zugawe Na Programme, Ari Uko Abibona Rero Aragize Faut Depart, Kandi Yibagira Vuba Kuko Iyataba Amaradiyo Ahoageze Ntiyari Kuhashika, Ntahimbe Ngo Ace Aturira Ikigega,

  • Vyakirane urweze kuko mu matora wari watashe kurima,urokotse kubera ayo amazuru yawe.

  • wew urumusazi pee!!! aho ushinze ubuzuru ngaho nk’ifumberi ngo ugiye kugarukana umutekano mu burundi? burarya ubwo buhera baguhaye.nayo ivyo muburundi ugiye kubibona vuba cane.mbe ubesha abarundi wa gipfamutima we,ntibakuzi.karashizi ingani wambike iceyi abahunze bose; ngo ninkozi z’ibibi?wewe wamarikiki uburundi mwe na concilie?ico muzi murazi guteranya.wait few moment time will tell and some of you will regreet.

  • Ntaciza.Tubitezeko.Umugenzi.Amenye.Inkôno.Nawe.Umena.Urujo.Ipfupfu.Ryimende.Ribônekera.Mubiti.Vyurugo.Ntusye.Bwose.Ntiwarusha.Gutona.Ndwuwimana.Ivyabadede.Bigoye.Uvyitôndere.Umenye.Kutatsinze.Amatora.

  • biratangaje cane kubona umukongomana aronka amabanga yicegera ca mbere c,umukuru w,igihugu mwene SHINDANO tuzii twese se niko yaranguye neza umwuga wiee wo gutwara neza abitavye Imana yakora muri STB ubu ari OTRACO
    uwo nawe yrasanzwe yakora muri IMRIMERI ya UPRONA biracaza

  • gasto turagukeje uri umu democrate abarundi twese turagukeje iyoba atutsi bose bameze nkamwe uburundi buba ari paradiso

  • Komera mugenzi na Kagamé atahejeje primaire aratwaye Urwanda simvuze neza ariko arabutwaye.

  • ni mukenguruke basha natw mudutubitse umukanda mu nda,muzobona ifu zimijira ukobiri kwose niyo ziva

  • Nibarize Sindimwo utubazo tubiri. Akambere: None ko umugore n,abana bawe bari i Montreal muri Canada, nabo nyene bahunze ibihuha? Akakabiri: ko bari kuri aide sociale (imfashanyo y,abatishoboye), bazoyigumako nawe uri Vice-President w,i Gihugu? Banza ukemure ivyo bibazo vyawe, ivy,igihugu ubirekere banyenevyo kuko birakuroka.

  • Gaston"nyakwuvahwa,murakoze kurayomajombo udushikirije,barayamaze bati utaronse umuhango ntagabana.Uburundi dukeneye abarongozi nkamwe,bitakumahoro n’umutekano n’ukunywanisha abarundi.Mugihebari baragukumiriye,Imana yashimye kubicisha murubwoburyo nkuko tubibonye,igisigaye nugusenga Imana rugiravyose ibashoboze kurangura amabanga mwahawe.Abo bashinze inzego,n’ukubera bo bamye batwara incuro nyinshi,baratevye bivazako igigugu c’uburundi ari akarima k’icibare cabo.Bacabibazako atawundi yorangura amabanga nk’ayo barogoye kuvakera,canke nk’iterambere bari baragezeko,ariko ndizerako Imana itashimako duhona tuzira inyungu zako karwi kaba politicians.

  • Nyakubahwa cegera ca mbere c’Umukuru Wigihugu. Turakeje kurayo mabanga mujejwe atoroshe muribibihe uburundi burimwo. ndashima cane kubona umwana wo mu muji ajejwe uko biri. turasavye ugwaruka gwi bujumbura rugufate munda, rujehamwe rurengiribibatandunya bubake igihugu cabibaruce. maze idyo zina dya banyamuji ntimurizimanganye. ica kabiri ni kibazo c’Impunzi. benshi mu kunda kuita impunzi ngo ni bijuju siko biri. muzobagende muyage muzobona ko ubwoba bafise buzohera. kandi bazotaha ku bwinshi. ndi mumahanga ndashima Imana ko ntahuze. naje gushaka akaruta akandi. guhunga sibibi. ufise umutwe muto aurinda uruguma. ndangije menyesha abarundi ntihagire uwo batako umwikomo WOBUKENE. kuku ni mbandakara yateye isi yose. NIGERIA ubu ni cambere mubutunzi muri AFRIKA ariko abanyagihugu barihano muri afrique du sud bavuga ngo bahunze ubukene. hano Afrika yefo nigihugu cateye imbere caaaaane ahinguriro akomeye abazwa hono. ariko harubukene bwinshi. mwigumye Imana IRABABONA. Kukibazo coguhagarika imidugararo mumezi 2. nivyakunda bazovuga eheee birashoboce kuko aribo bayiteye. murahagabira. murakoze.

  • Encore 5 ans de corruption, y’ubwicanyi...!!! aho umukozi wa leta amara umwaka adahembwe ngo abaze bakamwishura ko yoheba amazi 2 y’umushahara dossier yiwe yonyaruka!! Aba DD mwaravumwe.

  • Ubwambere rekankeze nyenicubahiro icegera cambeere cumukuru wigihugu cu Burundi’ Gaston Sindimwo kurayomabanga ahawe. Icakabiri, Ndikondabona uwigeze kuvugako kera mugihe hari agacinyizo cogucinyiza abarundi bomubwokobwa bahutu ngokohariho abarundi bomubwoko ba batutsi babibona bikorwa bikabababaza ariko bakabura ukobabigira mberehariho numututsi yarumumenyeshamakuru yigeze gupfungwa azirako yaremeze nkuwushaka gushirijwihejuru ngwavugire abahutu kanduwowewe uwomurondera yomuronka kuko aracariho. Ivyondabivuze kubera amajambo yavuzwe na nyakwubahwa icegera cambere Gaston Sindimwo yokwubaka amokoyose yabarundi, ekambese mwiyimwaka iheze hariho abatutsibeshi berekanyeko nabonyene baribaracinyijwe kuko hakorerwa ababi abandibarundi bakabura ukwobabatabara kubera bababaramaze kubona abaserura ijwingobabavuganire baribarahasize umutwe bahitamwo kunuma bicabituma ayandimoko canecane abahutu bacababaho bavugamutirusangi ngo abatutsi mwaratumaze ngomwaraducinyije. Jewe rero kuruyumusi murazoza murambabarira nimwazamurabona mvuze amabi bamwe mubatutsi amabibakoreye abarundi bomubwoko bwa bahutu nibagiwe nkavugamurirusangi ukamengo kirumututsi vyaramunezera kumbe tumazekubona ibimenyetso vyerekanako bitabanezera. Uburero turakwiye kumenyera kuzaturavuga akarwi abanyarwandabo bavyitango’ agatsiko, kubwoko runaka ntabwarivyiza kuvugubwokobwose ikivunga habahariho abarengana. Nkakarorero : uyumurwi umazimyaka waratanguye witwa EMPIRE HIMA TUTSI ntibisigurako ushigikiwe nabatutsi bose bari Burundi nomubindibihugu babarizwamwo, kubona umututsi rero ukamubonamwo EMPIRE HIMA TUTSI ubumurenganije twitondecane hariho abomumoko atandukanye tugowe rumwe. Nkubu Concillia Nibigira hariho abatutsi bavugako yononye kuko ngohariho akarwi kabatutsi bashaka kugereka kubahutu ko base gukorana nabatutsi ngonicogituma birukanye muri reta umugambwe UPRONA ngokuko urimumigambwe irwiriyemwo abatutsi, ariko buryatubikurikiranye umugambwe ufise igitigiri kinini cabatutsi mu Burundi ni’ CNDD FDD. Concillie rero yararevye yiyibutsa ivyababanyi baba Tutsi bomu Rwanda vyokwiyegeranya bakigubukiriza bagahinduka bagenzibabo babahutu kwatanakimwe vyamariye amokoyose acaravyanka kugera nunomusi, kandi ivyabaye mu Rwanda hariho abatutsi beshi muburundi vyababaje cokimwe nabahutu nicogituma ubona muburundi abazanye ikintu cogucanishamwo abarundi bakubitwa impaga nukubera abeshi mumokoyose batabishaka kandibiri kumutima koko.

  • MBEGA UBWEGEBUKE!!VUGAMAKENTUMENEKEREHOSE .NKU (MUBINDI )URACARUMWANAMUMWANAMURIRETA.ADOROFE.WACUYISHWE ’NIBIHUHA ?KOBAHUZIBIHUHA? SHA.URI IJIJI PE....%

  • Nsumirinda Gaston!Erga Nabo Nyene Baramuzi Ko Ari Nsumirinda,mpemuke Ndamuke!Ntabanga Azigera Amenya!

  • None
    Des fois nahora nsoma ivyo wanditse ,bimwe vyaba harimwo ivyo nshima,uno munsi ivyo wanditse c’est de la merde.Nimba uri umuhutu stp,ubanze utohoze imberer yo kutwigisha ibicuramye.Mbega abo batutsi uvugira ngo babajwe nivyo twakorewe ni bande?Uwobagutuma wobazana,burya abo si abaguhenda muri kunywa ibiyeri mu kabaret ,bakabesha ivyo kubera batiyumva neza?Kuva micombero yica abahutu kuva 61,abenshi mukunda kuvuga ko vyakozwe n’abanyabururi mais c’est faux,kubera abahutu bo mu burundi bwose baratikiye ata ntara nimwe ivuyemwo kandi twicwa n’ababanyi ata munya rutovu arimwo.Ko ata ntara nimwe canke agasozi na kamwe hari umuhutu yize canke umu commerçant ,meme umurimyi yimbura udufadika yasigaye?bari abanyabururi gusa?Plusieurs fois mu burundi bwose habaye isekeza ku bahutu,abo batutsi beza bari he?Ubu niho batanguye kuboneka bavuga ivyo bavuga,tutagiye kure,aba cndd fdd,imbonerekure ziriko ziricwa àgauche àdroite zicwa n’abatutsi,wa mwana w’umuhutu yaturirigwa mwi pine mu kwezi guheze,abo batutsi barihe?Turasavye les faux tutsis n’ibihutu bitagira ubwonko muze murareka kutwigisha mutubwira amafuti,ntituri abana,nimba mwariye amagi yibihuna mu batutsi canke mwarongoye za mvuvyi ngo ni abagore,guma i wabo mutureke,mureke kutuzanira izo theorie zicuramye mukurayo bande d’abruptis,wabonye ivyo wavuze hejuru,abantu nkamwe mu deforma histoire abana bacu mukabonona,taisez vous,on vous en supplie,fermez la ,ivyo muze murabivugana na ba nyokobukwe naba beau fre banyu,twebwe twaranduwe n’abatutsi mutureke twiganeko.

  • None
    Des fois nahora nsoma ivyo wanditse ,bimwe vyaba harimwo ivyo nshima,uno munsi ivyo wanditse c’est de la merde.Nimba uri umuhutu stp,ubanze utohoze imberer yo kutwigisha ibicuramye.Mbega abo batutsi uvugira ngo babajwe nivyo twakorewe ni bande?Uwobagutuma wobazana,burya abo si abaguhenda muri kunywa ibiyeri mu kabaret ,bakabesha ivyo kubera batiyumva neza?Kuva micombero yica abahutu kuva 61,abenshi mukunda kuvuga ko vyakozwe n’abanyabururi mais c’est faux,kubera abahutu bo mu burundi bwose baratikiye ata ntara nimwe ivuyemwo kandi twicwa n’ababanyi ata munya rutovu arimwo.Ko ata ntara nimwe canke agasozi na kamwe hari umuhutu yize canke umu commerçant ,meme umurimyi yimbura udufadika yasigaye?bari abanyabururi gusa?Plusieurs fois mu burundi bwose habaye isekeza ku bahutu,abo batutsi beza bari he?Ubu niho batanguye kuboneka bavuga ivyo bavuga,tutagiye kure,aba cndd fdd,imbonerekure ziriko ziricwa àgauche àdroite zicwa n’abatutsi,wa mwana w’umuhutu yaturirigwa mwi pine mu kwezi guheze,abo batutsi barihe?Turasavye les faux tutsis n’ibihutu bitagira ubwonko muze murareka kutwigisha mutubwira amafuti,ntituri abana,nimba mwariye amagi yibihuna mu batutsi canke mwarongoye za mvuvyi ngo ni abagore,guma i wabo mutureke,mureke kutuzanira izo theorie zicuramye mukurayo bande d’abruptis,wabonye ivyo wavuze hejuru,abantu nkamwe mu deforma histoire abana bacu mukabonona,taisez vous,on vous en supplie,fermez la ,ivyo muze murabivugana na ba nyokobukwe naba beau fre banyu,twebwe twaranduwe n’abatutsi mutureke twiganeko.

  • @ fidelite, nadika ivyonanditse narinziko hariho abantu bamezenkawe bacabavuga nkuko uvuze kuko najewe ubwanje nahoze nibaza nkukwonyene nawe umeze birashoboka nawe ukazobona igizokwemezako ivyonavuze arivyo nutakibonanaho uzokwiberaho guryo kukonanje narabayeho mfise ivyiyumviro nkivyovyawe, ariko uyumuntu akomeje amezegurtyo hanyuma wamugambi watanguye wintagondwa zabatutsi zishigikiye EMYIRE HIMA TUTSI wozohava ukoramakosha wabona ahumututsi ari ukamubonamwo EMPIRE HIMA TUTSI kumbe ntavyarimwo ntavyashigikiye kubera hariho abatutsi bamenyako mwenutwoturwi twinkozizibibi tubaduahaka gucinyiza abandi kugira twiganze mwiy’Isi bituna hapfa isinzi ryabantu beshi mbese bomumokoyose, akarorero iyo Concillie adahagarara rugabo ngwarwanye uryamugambi wa UPRONA wokwikura muri reta harya EMPIRE HIMA TUTSI yarigiye gushinga imizi muburundi erega kugira EMPIRE HIMA TUTSI itangure mugihugu icaricocose babanza gukwenga ibintu vyitwako bankwa noneho bagatangura kuvyumvisha amakungu cagiherero aba UPRONA baribavuye muri reta bagombakucabemeza amakunguko abahutu babase ngontibakorane ngokuko biganjemwo abatutsi amakungu agitangura kumerankuwubatahura bakacabashirako intambara iyontambaranayo igahitana isinzi ryabarundi mwibuke abayoboziba EMPIRE HIMA TUTSI kona Kagame arimwo kubwivyorero nyuma yabariyaba UPRONA Kagame ubwiwe yaravuzati ngosinzokwemerako muburundi hazoba Genucide haryantiyabivuga kubera aruko akunda abatutsi biburundi, yabivuga kubera business yiwe iterinbere iyo abatutsi bapfuye kubwishi EMPERE HIMA TUTSI rero nikintu kizobaho nkakurya kwi ntare keshi ibeshejweho nokununuza amaraso yibindibikoko nokubirya inyama na EMPIRE HIMA TUTSI iterambere ryayo nukuvushamaraso ahigeze maze ahishakiye ikareka kuyanena ikacayemeza amakunguko ariyo ihagaritse ubwicanyi, akarorero ningaho hakurya Rwanda EMPIRE HIMA TUTSI yaratanguje ubwicanyi noneho iragerigihe irareka kwica nicogituma mugumanwumva bigambango barahagaritse ubwicanyi. Mwitonde mwikigihe twiteguye gukubita EMPIRE HIMA TUTSI sukuzokubita kiramututsi , ariko EMPIRI HIMA TUTSI ahigeze irica ntirobanura arikontitanga nokuvuga kwirwanirira abatutsi kumbe yishakira kwicisha abatutsi kukwariho abakungu acayiyegereza ngwirashoboye!

  • Ntawutoshigikira amabanga nyakubahwa Gaston sindimwo yarahawe ahawe hama nukuri mugerageze guhagarika ubwicanyi.

  • Nivyiza ko yahawe ayo mabanga. Ndamukeje.
    Aza akorere igihugu nk’uwo yasubiriye.

  • Ako kada kiwe kavyimvye kazoturika bidatevye kuko kuzuye amanyanga n,akare ngo umubindi ushira uvyimvye

  • Umupfu ntiwinukira uyo mukongomani ngo numunyabujumbura aritwenga mumumpere icirore yirabe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.