Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gaston Sindimwo asabwa kurindira amatohoza imbere yo kudoma urutoke kuri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Gaston Sindimwo asabwa kurindira amatohoza imbere yo kudoma urutoke kuri (...)

Gaston Sindimwo asabwa kurindira amatohoza imbere yo kudoma urutoke kuri bamwe

mardi 18 Ntwarante 2014

Inyuma yaho Gaston Sindimwo, umwe mu badasigana bari kw’isonga mu murwi urongowe na Conciliya Nibigira aterewe amagerenade abiri ariko Imana igakinga ntizimuhitane, Abadasigana bari mu murwi urongowe n’umushingamateka Karori Nditije basaba amatohoza ataho ahengamiye, kugira ntihagire n’umwe arenganywa mu gihe uwazitewe we asa n’uwamaze kudoma urutoke ku murwi w’abaporona batavuga rumwe ko aribo bari inyuma y’ivyamushikiye.

Tasiyano Sibomana

Tasiyano Sibomana umuvugizi wa UPRONA irongowe na Karori Nditije, avuga ko ateye ivyatsi ivyashikiye Gaston Sindimwo, akavuga ko atera ivyatsi ico cose coza gihungabanya ubuzima bw’umuntu, kikaza gitwara ubuzima uwari we wese. Avuga ko kwizaina ryiwe n’iry’Abadasigana bose, ateye ivyatsi ivyashitse, ivyakorewe Sindimwo akavuga rero ko atari intumbero y’Abadasigana, mu gihe Gaston Sindimwo yasavye ko amatohoza yohera mu badasigana batavuga rumwe, kuko atabandi bansi afise.

Tasiyano Sibomana ahiwe n’ah’Abadasigana avugira rero, amenyesha ko bakoresha amategeko, ingingo n’ ukuri ari vyo birwanisho, nayo inkoho n’amagerenade baronderera mu bandi. Ku bwiwe rero, umugambwe UPRONA ntanyungu n’imwe bafise canke wogira mw’igandagurwa rya Gaston Sindimwo. Avuga ko Gaston Sindimwo ari umuntu muto cane, mu ntambamyi zihanze umugambwe UPRONA, ndetse uyo mudasigana akemeza ko ingorane ziri mu mugambwe UPRONA zidahagaze kuri Sindimwo, ahubwo zihagaze ku umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, ufashanya n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana mu kubagenera indongozi z’umugambwe, kandi bo baritoreye ababarongora.

Gaston Sindimwo

Tasiyano Sibomana rero akabandanya avuga ko umugamvbwe UPRONA atanyungu n’imwe ufise mu vyotuma uwari wese agandagurwa. Avuga ko yaba Gaston Sindimwo, Posiyano Niyongabo, Giteruzi canke Conciliya Nibigira ari abakoreshwa n’umugambwe CNDD FDD kugira ushike kuvyo wipfuza, umurwi wa UPRONA atanyungu n’imwe woronka mu gihe uwari we wese yogandagurwa muri abo, kuko ingorane ziri hagati ya UPRONA na CNDD FDD zitoca zihera.

Tasiyano Sibomana agasaba Gaston Sindimwo kurindira amatohoza, imbere y’uko adoma urutoke kuri uyu canke uriya mubamuteye amagerenade. Tukabibutsa ko ivyashikiye Gaston Sindimwo, vyigeze gushika ku Mugumya hari amatati y’impande zibiri, aho umuntu yahasize ubuzima, haca hagirizwa bamwe mu badasigana, gushika n’aho Jean Baptiste Manwangari yaroye mw’ibohero, kandi vyavugwa ko atigeze ahonyoza ikirenge aho hantu. Abadasigana bakavuga ko ivyabaye ico gihe, ryabaye irementanya ryakorewe mu biro vy’uwari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Terensiyo Sinunguruza, kugira abo batahuza ivyiyumviro, baje kurangiriza ubuzima bwabo mw’ibohero, na rirya muri ivyo biro vy’uwari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, hoba ariho hakorerwa zimwe mu ntonde z’abopfungwa, inyuma y’uwo muntu yari yapfiriye ku Mugumya.

Abadasigana bamaze kuyaga n’ikinyamakuru IGIHE kuri ibi vyashikiye Gaston Sindimwo, bakaba basaba ko amatohoza yokorwa kugirauwateye amagerenade Gaston Sindimwo afatwe, ariko kandi ntihagire uwuzira umwikeko nk’abambere, bapfunzwe ataco bagira, kubera urwanko n’akazigo k’inzikira bari bafitiwe na bamwe bamwe batahuza mw’itunganywa ry’umugambwe wabo UPRONA.

Abadasigana b'umugambwe UPRONA

Aristide Nizigire

Messages

  • Uwo mugabo sindimwo nareke kurira nabi abana natekereze arye bike aryame kare nayo abansi afise sabo yikeka araraba neza harinaho abo bamukoresha aribo babikoze ngo barondere ivyo begeka kubandi .

  • aho karaja ngahokakitera amagrenade ngo ni abobatavuaga rumwe?mbe ako katize kagakongomani ninde agakeneye, urabanza wige amashure nkabandi baporona bayanonosoye.reka sha uprona igwanisha ingwano ya poritike apana iyo ngwano yabaguhusha grenade. wewe uri umuntumutoyacane kuburyo hopfumahavuga nkabaryabandi basangirana nadd mukwica uprona, wewe za urarya gusa ivyasigajwe na nduwimana uheze ugume muri karyakazukawe kicumbakimwe utekereze.

  • Uwo niwe Gaston ariko internet uri nziza wewe utwereka ibibi ni vyiza, uwo niwe barondera kwica mu baporona bose. mugabo nivyiza kwiyemeza imana igufashe.

  • Gaston Sindimwo ntabaho, uyo yakuze yitwa Gaston Sindano, umukongomane canke angola, yahawe ubwene gihugu ryari? Yahinduye izina ryiwe ryari? ko abo bavukana bakiri abanyekongo, Faux et usage de faux, Hariho mwenewabo baheruka kwirukana iburundi ngo yariye imbwa, uyo we akwiye iki, niyo ubutungane budahengamye bwagaruka?

  • VYUKURI GASTON NI KONGOMANI CANKE MURASIKUZA!!! KO AVYGA IKIRUNDI NEZA SE !!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.