Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gaston Sindimwo: "CENI ntiyisunze itegeko rigenga amatora" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Gaston Sindimwo: "CENI ntiyisunze itegeko rigenga amatora"

Gaston Sindimwo: "CENI ntiyisunze itegeko rigenga amatora"

jeudi 9 Mukakaro 2015

Gaston Sindimwo,umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, avuga ko bashima amajwi baronse hamwe n’ivyavuye mu matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka yabaye kuwa 29 Ruheshi .

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA akavuga ariko ko uko mu murwi CENI baharuye bitajanye n’amategeko agenga amatora,kuko iyo amategeko agenga amatora yubahirizwa umugambwe UPRONA wari kuronka intebe 12 mu nama nshingamateka.

Gaston Sindimwo akavuga ko bamaze kwitura sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro kugira irabe ko ivyakozwe n’umurwi CENI bifise aho bishingiye kuko uko baharuye ata na hamwe biri mw’itegeko rigenga amatora.

Ku bijanye no kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 30 Mukakaro, Umunyabanga mukuru w’umugambwe UPRONA wemewe n’ubushikiraganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ,amenyesha ko ari umurwi utegura amatora CENI na Reta bafata ingingo yo kwigiza inyuma amatora.

Mwomenya ko umugambwe UPRONA wemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu waronse intebe zibiri gusa mu nama nshingamateka.

Van Naris Mugisha

Messages

  • BABA.KWIRIKIRA BATABAZI

  • ati ntebe ahubwo vuga indandende ntantebe mwarotse ahubwo n amada yanyu adahaga mugat uburundi mumaga arko ntaco muzobibazwa nabarundi nyene

  • Mutama wewe niwicare urorere akari inyuma niho ukibibona ko umurwi CENI utisunga ingingo? Nibindi muracabibona kuko nayo majwi mufise nimbabazi babagiriye nayahandi ntanintebe nimwe mwari kuronka reka babakone igihari coco ayo manyanga mwagiyemo aho bukera arasubirwamwo hama abarundi twese tuyitabe dutore abo twizeye batazoza baraduta munzuzi.

  • NONESE KO MWOMWERA IVYAVUYE MUMATORA ARKO NTIMUSHIMISHWE N’INTEBE MWARONSE?IZO NTEBE ZIBIRI NYINSHI SHIME IVYO

  • None ga Gaston ko NDUWIMANA Edouard yabahaye izina ry’umugambwe atabahaye aba banywanyi ni mumenye ko umugabwa atari izina ari abanyamugabwe. Aho mwikiragiza mwa na Concilia ngo mugiye gutsindira Peter mu kazu kamatora none nyakazu mahavuye muja inyuma yako? Reka babereke zirya mbonerakure zabahenda mwari muzi ko ari aba Uproniste ndetse na mwembwe ntirwari bo muri aba UPRODD. Iyo uruko urivugisha ngo mugiye gutaka ubutungane ubu muriziye ko buzoca buboneka kuri mwebwe ko mwabuhavye mugira ntimuzobukenera.

  • ntavyo bazi iyo bakumena amaso kukibona siyo manyama wantumva we uchaka intebe 12 urasara genda ubisabe nyoko na so

  • Amenyo aragutwenga ari ayawe!!aho Gaston urafise ico uvuga ngaho?muherekeza amanyanga hanyuma ngo babivye amajwi?reka babagarure ubwenge ngira niho mwotinda mukikebuka. iyo mubivamwo kare mukareka kurwanira izonda zanyu kunyungu y’abarundi ntimwari kuba mwiyambitse iteka?ntaco mwobona ahubwo

  • Reka sha gaston ariko arigirisha ni mucezo wa ndani. wewe umaze kuvugako ibintu vyagenze neza uca uvuga sivyo arivuguruza kanatsinda nta jambo pu pu

  • Reka sha gaston ariko arigirisha ni mucezo wa ndani. wewe umaze kuvugako ibintu vyagenze neza uca uvuga sivyo arivuguruza kanatsinda nta jambo pu pu

  • Umuvyeyi yakwise SINDIMWO yari yabibonye "nturimwo koko kandi ntuzopfa ubayemwo nyene izina niryo muntu"

  • Erega nahora ndakumva uvuga nkagira uri muto none nsanze usara ushaje. Mbega umuntu arasazana ijunja ariko ata jambo? Urababaje.

  • ewe Sindano sha!kakazu kamatora wihayagiza wasanze kasambutse?hiiihiii ngira kaguhindukanye "akazu ka sugumwe"!kubera niko wisanzemwo!!

  • CiramundA arakabonye !!!!!!!!!

  • Reka kwigira ikizeze niho ukibona ko amategeko atubahirizwa? Ba urisamburirako kimpene, mbe ninde yari yagutumye gutora, Edouard yaragusutse, haha, iyumvire nawe????????????????

  • Hahahahahaaa! Ahubwo ni uko amatora nyayo ataraba ngo urabe amajui ya FNL na Uprona za vrai aho aja!!! Vyonyene abanywanyi bose ntibitavye hanyuma abahora bahenda CNDD/FDD bamwe bamwe baca bitorera AMIZERO(Rwasa na Nditije) none hamwe twoja mu matora mubona iyo coalition y´amahoro yoronka angahe? En réalité Gaston na Concilie n´ivyo bibanza bibiri ngira ni ivyo CENI yabihereye kuko nk´uko umwe yabibabwiye, Edouard yabahaye izina ariko umugambwe ufiswe n´abanywanyi kandi Président wawo yitwa Nditije co kimwe na FNL, Président wawo ni Rwasa si Jacques!!!

  • ico nico gihana abagabo b,ibihemu.ceni ntanahamwe yigeze ikurikiza amategeko .nizo bazozibaka rindira batsinde mwayo manyanga yabo mujamwo mutabazi.

  • Igihugu mu gupfa kigira abantu nk’abo akaba aribo bafata ingingo. Wewe ubona twova he tukaja he n’abantu nk’abo? Aho ngo azoba Premier Vice President!!!!

  • Abo 12 avuze barababahaye kuko ishami ryiwe ryaronse 2
    hama irya nditije hafi 10. Gusa yaronse make kuko no munama nshingamateka iheze bari bafise umenga 3 urundi ruhande rwa Nditije 14.Urumvako bisa nivyumvikana unaravye muri meeting abantu baba bahari.

  • Gaston,we Ndaguhanure!Ur Umugab Ntur Umwana,ubucuti Bwa Hussen Radjabu,jeremie Ngendakumana,nyangoma,2em Vice Presid,pie Ntavyohanyuma,pasteu Habimana,2 Dames Bar Mur Ceni,... Bamarany Ibiringo Mwishamb Barabikuyek!Ibaz Ut Noe Jw Gaston Ndiki?Kuber Iki Batazonyikurako!

  • NOMOBWIRA NTI IKINYOMA KIMARA UMUSI NTIKIMARA UMWAKA

  • hahahah gaston ariko aridigadiga none kushima ivyavuye mumatora shima nintebe nazo?ahubwo nizo ugaya yakobo arazishaka mwa birirahabiri mwe mbega urazi ijambo rivuga abadasigana?uragenda ubaze nditije azokubwira nayo weho uri ikimena banga eka uri sindimwo kuko wisanze inyuma waruziko concilia yokuviriye mwiki?izonda zanyu sha!aho nabado hasigaye ko babashira mwibuye ab dd baraberetse mucezo wa ndani

  • nizo sinzi ico bazibahereye muri gito na bo musangiye amanyanga hiiiiiiiiiiiiii

  • Rimarimira hiyo ,ariko reka mbanze nitwengere,mwabona zirya mbonerakure babatiza zikirirwa inyuma yanyu ngo muri mumwiyamamazo mugaca mwibwira ko namajwi yazirya mbonerakure bazoyabatiza ,ntamuvyara kunkono yinyama sha ,mweho muvuga kuko babubezeko jacque bigirimana bwateruramye nicibo wumva akivuga,umugambwe sizirya mpapuro ziri kwa eduard umugambwe nabanwanyi

  • HARIHO IKINTU KINTANGAJE, NUKUBERIKI ABABANTUBOSE BANEGUYE IVYO MZEE SINDIMWO AVUZE BIGANJEMWO ABANEZEREZWANUKO BUJUMBURA HARIMWOHARATERWA AMA GRENADE!?.

  • Gaston we pole sana! We wabay imana umenya n’amajwi uronka ugiy guhiganwa,cank nivyo reta yamwemerey yamuhiduse. Aha...!

  • Burya UPRNA Uwayihanuye Yarayihenzekukwo AbaDD Nabantu Bafisubwenge Butandukanye Nubwuwariwewese.Uwahoze Aricegera Cumukuruwigihugu Alphonce Maria Kadege Yarumuporona Ivyobamukoreye Nubumubwiy’uburundi Acajamubitaro Uwitwa Daradangwe Numukukuruke Yahoze Mugisoda Yiyubashe Kandi Yubashwe Arwaye Nibirwara Bidasanze Kandi Bidakira Abonabomvuze Nabanywanyi Buwokosiriya Mugabivyobabakoze Ntibivurwa.Nobahanura Kobobavinyuma Bagatamba Birorera.

  • Kauka. Birahera. Ntamututsi. Azosubira. Kugira. Ijambo. Canke. Ngafate. Ingingo. Muburundi. Intebe. Warose. Zirakwiy. Ahowitwara. Urahaziko. Karitwe. Tuhategk. Mbe. Harabanywanyi. Wagira. Karitwe. Twabagutije. Umenyeko. Na. Jacque. Yaburiyemwo. Ducatuyamuha. Uteyigere. Hama. Tukumese. Tekereza.

  • ABATUTSI BAHORANA UBWENGE WEHO SINZI NINGENE UMENYA NINZIRA IGUSHIKANAKURIWESE HUUU! HUUU !!HUUU ! GASIGO UPHANYENYE UBWIZA NAYO UBWENGE NTUGIRA NAMBA NIWAMAMAZWE MUBINYAMAKURU KWISIYOSE.

  • wamugabowe tekereza nizobarazikwaka wicare hasi!wagomb zingahe kubwobwoko mwavuye kucata ubu hagezwe habahutu!

  • wamugabowe tekereza nizobarazikwaka wicare hasi!wagomb zingahe kubwobwoko mwavuye kucata ubu hagezwe habahutu!

  • ahubwo nizo nukuzikwaka ukicarahasi nakare abatwa mwicara hasi weho mbere usigaye urutwa nabanyakarama!!

  • EREGA UBARUNDI BARAHARARA IPRONA IRASHAJE BEMUREKA KUDUTERA UGWAMO EREGAAMAJWI MWARIKURONKA YAGIYE MURIMYIZERO KURYAMUGABO BARIKUMWE mr.Gwasa NONE?MBEE COPA YOYOGA SABARUNDI KO BABUZE NABO?

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.