Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gaston Sindimwo yiteze gufata uwamuhakije mu cuma gifata amasanamu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Gaston Sindimwo yiteze gufata uwamuhakije mu cuma gifata amasanamu

Gaston Sindimwo yiteze gufata uwamuhakije mu cuma gifata amasanamu

samedi 5 Ndamukiza 2014

Amakenga ni menshi mu ba JRR bapfungiwe mu biro vy’igiporisi Kijejwe amatohoza BSR, mu gihe bagiriza Gaston Sindimwo kubandanya ategura kubaremeka inteba ishushe ko aribo bamuteye amagerenade ku muhana iwe.

Amakuru ava mu baporona, avuga ko uwitwa Didier umukozi wo ku Mugumya ndetse asanzwe anacuditse rwose na Gaston Sindimwo ari kumwe n’umuporisi ari mu bacunze iyo nyubakwa , baroye kuramutsa uwitwa Fabrice Shurweryimana apfunzwe yagirwa kuba yashatse kugandagura Gaston Sindimwo, bamushikiriye baca bashaka kumufata amasanamu, ariko uwo Shurweryimana aba yabibonye kera, baca baja muvyo kurwanira ico gikoresho gifotora, aba akize ukwo. Ayandi makuru, avuga ko Gaston Sindimwo atazi neza uwo Shurweryimana Fabrice, ari naco gituma yoba yararungitse abaja kumufotora, kugira abone neza ko uwo yagiriza yoba ari we vyukuri.

Eka mbere, tukabamenyesha ko n’umushingwamanza w’abo basore bapfunzwe Kezimana King Hermes asaba ko borekurwa kuko atakibagira. Ikindi mwomenya akaba ari uko, hamaze kugaragara ibimenyetso bitari bike, ko abo bapfunzwe boba bazira umukeko, mu gihe abamaze kuronderwa na Gaston Sindimwo bose kugira baje kubagiriza ko aribo bashatse gutuma yereka umukondo ijuru, boba basubira inyuma batanabamenye.

Bamwe bakavuga ko ari nka wa mugani ugira uti :’’Urubuze inkware ruvumbukana igihuna’’, kuko vyavugwa ko hoba hari umugambi wo gufata bamwe mu bashingamateka ba UPRONA nka Busokoza Bernard, Karori Nditije, Gasutwa Bonaventure, Gloriose Ntawe, Manwangari Jean Baptiste n’abandi ba JRR bagirwa ibijanye n’ayo ma gerenade yatewe kwa Gaston Sindimwo, ivyo ndetse bikaba vyaranavugiwe mu kiganiro Karori Nditije yahaye abamenyeshamakuru ku wa 28 Ntwarante uyu mwaka.


Aristide Nizigire

Messages

  • AKA KAGABO KAZOPFA KADAHAZE ,,

  • MUGABE CANE MBE AYO MASANAMU AYAFATA UBU ATAYATANZE KARE NGO AMARE IKI NTIMWEMERE IRYO TOHOZA RIMARA IGIHE NKIKI NUGUSHAKA GUHEZAYO ABANTU.
    MWIRINDE AYO MA CAMERA KUKO BAZIFASHE BASHOBORA KUGUTWARA BAKAKWEREKANA URIKO UTERA IVYO. TWE TURABIZI KUKO TUBONA IVYO abana bacu bakora ku ma ordinateur tout Les jours

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.