Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gatete : Ingoro ya FRODEBU yaturiwe n’umuntu ataramenyekana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Gatete : Ingoro ya FRODEBU yaturiwe n’umuntu ataramenyekana

Gatete : Ingoro ya FRODEBU yaturiwe n’umuntu ataramenyekana

mercredi 10 Nyakanga 2014

Ingoro y’umugambwe FRODEBU yaturiwe muri zone ya Minago muri komine ya Rumonge, abayidometse boba ari abatavuga rumwe n’uwo mugambwe nk’uko umukuru w’uyo mugambwe abimenyesha.

Leopold Ndayisaba arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU mu Gatete akavuga ko abaturiye iyo ngoro yabo, bamenye idirisha, baca basesa igitoro muri iyo nyubakwa baca baraturira, iyo nayo ikaba yaratse. Ivyo rero abo bari muri uyo mugambwe bakabona ko ari nk’itotezwa bariko baragirirwa, mu gihe amatora ariko aregereza, kugira abo bayoboke b’umugambwe wa Ndadaye bawuvemwo ku bw’iterabwoba.

Tukabamenyesha ko muri iyo zone ya Minago havugwa n’iyibwa ry’amabendera y’umugambwe MSD. Abiba ayo mabendera eka n’abaturiye iyo nzu ikoreramwo umugambwe FRODEBU bakaba batafashwe, uretse ko abo bahurikiye mu migambwe iri mu runani rwa ADC Ikibiri, urunani rutavuga rumwe na Reta ya CNDD FDD, bavuga ko ivyo bikorwa n’abo batavuga rumwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mugihe aba dd batinya amatora ivyo bazoguma babikora ahubwo tutahagabiye nibiruta ivyo bobikora kugira bigumire kubutegetsi muga ntibibagire ko gutsinda uwo mwahiganwe biryoshe naho botsinda barabujije abandi ibikorwa vyabo bazoba bitsinze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.