Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gatumba: Igitaramo ca mbere ca Primusic cahimbaye abarorerezi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Gatumba: Igitaramo ca mbere ca Primusic cahimbaye abarorerezi

Gatumba: Igitaramo ca mbere ca Primusic cahimbaye abarorerezi

jeudi 25 Mukakaro 2013

Ihiganwa rihuza abaririmvyi bo mu ntara zose z’Uburundi ryatanguye, aho ivyo bikorwa vyugururiwe mu Gatumba muri komine Mutimbuzi, ku kibuga c’inkino caho mu Gatumba ku mugoroba w’uyu wa 24 Mukakaro uyu mwaka turimwo.

Iryo higanwa rikaba ryari ryitabiriwe n’abaririmvyi mirongo ibiri bo muri iyo ntara, aho mu gitondo abaririmvyi icumi baviriyemwo i Bujumbura. Haciye akanya abasigaye icumi nabo baciye basubira ku ririmba kugira, hatorwemwo babiri gusa bazoserukira intara yose muri iryo higanwa rya primusic ku rwego rw’igihugu. Akanama kari kajejwe kwiga abazoserukira abandi muri iryo higanwa, kakaba kaciye kamenyesha amazina abiri yabatsinze muri iyo ntara. Abantu isinzi rero bakaba bari bayarindiriye bidasanzwe. Abo nabo ni Akimana Karim ariwe yabaye uwambere naho uwa kabiri aca aba Niyongabo Olivier.

Abaririmvyi bazokwifatanya n’iri higanwa rya Primusic ni Rally-Joe ndetse asanzwe ari nawe yatahukanye intsinzi ryo mu mwaka uheze, na Sat-B bigaragara ko muri iyi minsi akunzwe cane n’abantu benshi. Abandi ni T-Max na Mkombozi bazoza barakuranwa mu ntara zimwe zimwe.

Ico giteramo rero kikaba canezereye abantu benshi bo mu natara ya Bujumbura Rural, ku buryo gushika igihe c’isaha icumi n’imwe z’umuhingamo abantu bari ngaho wabona ko badashaka gutaha kandi igiteramo cari carangiye. Abatsinze rero bikaba vyaragaragaye ko barushije abandi ubuhinga, nk’uko bivurwa na Buddy Magloire umwe mubari barongoye umurwi wiga abahiganwa.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.