Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gélase Ndabirabe yagenwe kuba umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Gélase Ndabirabe yagenwe kuba umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

Gélase Ndabirabe yagenwe kuba umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

lundi 23 Ntwarante 2015, par Egide N

Amakuru yari amaze iminsi avugwa ariko akabeshuzwa n’uburungozi bw’umugambwe CNDD FDD, ajanye n’ikomborwa rya Onésime Nduwimana mu mabanga y’umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD, yabaye ukuri. Onésime Nduwimana yahora avugira uwo mugambwe yahinduwe, ikibanza yahoramwo c’ubuvugizi kikaba cahawe umukenguzamateka Daniel Gélase Ndabirabe.

Nk’uko amakuru twaronse kandi yemezwa n’igisata kijejwe kumenyesha amakuru muri CNDD FDD abivuga, Onésime Nduwimana yahora ari umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD yahagaritswe vy’agateganyo muri ayo mabanga n’ingingo nimero 5/2015 y’umukuru w’umugambwe CNDD FDD yateweko umukono kuwa 20 Ntwarante 2015.
Onésime Nduwimana yasubirijwe n’umukenguzamateka Daniel Gélase Ndabirabe.

JPEG - 88.4 ko
Umukenguzamateka Daniel Gélase Ndabirabe

Iyo ngingo y’uguhagarika vy’agateganyo Onésime Nduwimana ifashwe inyuma y’aho uwo muvugizi wa CNDD FDD avuguruje ivyari vyashikirijwe n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD Pascal Nyabenda ko Abagumyabanga benshi basaba ko Petero Nkurunziza ariwe yoseruka mu matora y’umukuru w’igihugu. Onésime Nduwimana yaciye ashikiriza ko ayo matohoza y’ukumenya uwo Abagumyabanga bashaka atakozwe, kandi ko mu mugambwe CNDD FDD hari n’abandi boseruka benshi kandi b’ijunja.

Inyuma y’ivyo vyashikirijwe na Onésime Nduwimana, umukuru w’umugambwe Pascal Nyabenda, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yaremeje ko habaye ukuvuguzanya hagati yiwe n’umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD, Onésime NDUWIMANA. Pascal Nyabenda ntiyahakanye ko Onésime NDUWIMANA yashobora gukurwa mu mabanga y’ubuvugizi, ariko akaba uwo munsi yamenyesheje ko ataratera igikumu ku ngingo y’ukumubogoza.

JPEG - 176.3 ko
Onésime Nduwimana yahora ari umuvugizi wa CNDD FDD

Egide Nduwimana

Messages

  • Mbega abavugizi. Ahoho na ntanyungu nibamugire umuvugizi kuko mbona bose akarimi kabagora. Ivyo ngaha kwisi birasiga ubwenge. uwapfuye yarahomvye ndababwire n’ukuri.

  • Abandika ibihuha ngo PITA yemeye kutitoza irya gatatu ni batangare

  • Ico bakoze basizeho umuntu azi kuvuga nabi atabanza kwiyunvira imbere y’ukuvuga ,

  • Muzosubiranamwo muryane nk’imyamanswa! Ivyaha mwakoze Imana ntizovyihanganira nagato. Muragowe, shihurane Muzosubiranamwo muryane nk’imyamanswa! Ivyaha mwakoze Imana ntizovyihanganira nagato. Muragowe, shihurane gose!

  • Nivyo gukurana nibazako bobigezaho. Igikenewe bagire congrès batore umu candidat wundi. Peter abandanye agira sport anaruhuke. Azokwitoze2020

  • JEWE NDEMEYEKO UBUHANUZI BWAVUZWE KUGIHUGU CACU KO BUGIRA BUSHIKE; KUBONA SATANI YAKOMANTAJE UMUTIMA WA NKURUNZIZA ; AKANKAGUSUBIZA UBUTEGETSI ABANDI BATWARE BIRANTANGAJE!!!!!!!!!!!!! BIBAYE NKABIMWE SATANI YAKOMANTAZA UMUTIMA WA FARAWO AKANKA KUREKURA ABISIRAYERI NGO BAJE MUGIHUGU CISEZERANO. RABA NAMWE GUSHIKA AHO BIKURA NA ONESIME HAHAHAHAHAAAA BASHA BIRAKOMEYE NAYO UWOMUTAMA BAMUSUBIRIJE NTABWO AZI KWISIGURA KUKO AKORESHA NISHAVU NKA NTANYUNGU ABO UMUNTU YOBIKORAKO BAZA GUTERANA IBIFUNSI!!!!!!!!!! ABASENGA MUSENGE MURIRIRE IMANA; ITUBABARIRE YONGERE IBABARIRE NIGIHUGU CACU.

  • JEWE NDEMEYEKO UBUHANUZI BWAVUZWE KUGIHUGU CACU KO BUGIRA BUSHIKE; KUBONA SATANI YAKOMANTAJE UMUTIMA WA NKURUNZIZA ; AKANKAGUSUBIZA UBUTEGETSI ABANDI BATWARE BIRANTANGAJE!!!!!!!!!!!!! BIBAYE NKABIMWE SATANI YAKOMANTAZA UMUTIMA WA FARAWO AKANKA KUREKURA ABISIRAYERI NGO BAJE MUGIHUGU CISEZERANO. RABA NAMWE GUSHIKA AHO BIKURA NA ONESIME HAHAHAHAHAAAA BASHA BIRAKOMEYE NAYO UWOMUTAMA BAMUSUBIRIJE NTABWO AZI KWISIGURA KUKO AKORESHA NISHAVU NKA NTANYUNGU ABO UMUNTU YOBIKORAKO BAZA GUTERANA IBIFUNSI!!!!!!!!!! ABASENGA MUSENGE MURIRIRE IMANA; ITUBABARIRE YONGERE IBABARIRE NIGIHUGU CACU.

  • JEWE NDEMEYEKO UBUHANUZI BWAVUZWE KUGIHUGU CACU KO BUGIRA BUSHIKE; KUBONA SATANI YAKOMANTAJE UMUTIMA WA NKURUNZIZA ; AKANKAGUSUBIZA UBUTEGETSI ABANDI BATWARE BIRANTANGAJE!!!!!!!!!!!!! BIBAYE NKABIMWE SATANI YAKOMANTAZA UMUTIMA WA FARAWO AKANKA KUREKURA ABISIRAYERI NGO BAJE MUGIHUGU CISEZERANO. RABA NAMWE GUSHIKA AHO BIKURA NA ONESIME HAHAHAHAHAAAA BASHA BIRAKOMEYE NAYO UWOMUTAMA BAMUSUBIRIJE NTABWO AZI KWISIGURA KUKO AKORESHA NISHAVU NKA NTANYUNGU ABO UMUNTU YOBIKORAKO BAZA GUTERANA IBIFUNSI!!!!!!!!!! ABASENGA MUSENGE MURIRIRE IMANA; ITUBABARIRE YONGERE IBABARIRE NIGIHUGU CACU.

  • ico muvuga kuriyinkuru, nuko naguyemugahudwe nuviseko Onesme yaraye ahagariswe mumabangayiwe. kuko yahora arumugabo wijuja atogera atamikwa ikambo mumugabwe. ikidi naco twebwe abagunywabanga ntitwuva nagato ukuntu umuntuwese aterekwako ibwirizwashigiro rihonyagwa, uyumuntu acaacika umwasi mumugabwe. uyu mukuru wumugabwerero namenyeko niyankecanke yemere mumubwe dufise abandi bantu bubwenge kandi babishoye, sisebuja wiwegusa abishoboye.

  • Komeza muzicangeneza izikarata.

  • Nimbaruko,mbona bagiye gusambura umugambwe.mbega ya Démocratie yo gushikiriza ivyiyumviro bahora bavuga irih?

  • ivyavuzwe biratashe amasengesho ya pita n’ummugore agiye ya boneka ko basenga shetani badasenga imana ya aburahamu

  • LA democratie FDD yarwaniye ngiyo.
    Abafuye bariko barwana bazize ubusa!
    heureusement ko ntataye umwanya ngo ndiko ndarwanira democratie ndara mwishamba!

    nayubundiho, ibi bintu bavyita kwisamburirako! Voila
    aha rdjabu nawe ntaraza , nawe muramuzi ko democratie iwe itabaho!
    Muri CNDD ndazi ko dufise abantu baciye ubwenge bize bashoboye gutwara igihugu.
    nayo gutwagwa nabatize ntakindi vyotanga atari co!
    Mbega abo ba gelase , ba dolofo ,radjabu munyumvira bafise angahe?
    Je suis un membre du CNDD FDD démocratique! et non monarchique ou anarchique!

  • Mbega ya prophetie wa mu pasteur wo mu Rwanda yazanira Peter akamutera akagere kubera ari umukene akaza kwamera umu nigeria Gitwaza azanye kubera yamubwiye ngo azovaho yuko Jesus agarutse none mwonyunvira ko ari ivyo ahagararako ? twese tudafukamye ngo duhangamize amaso kuyaturemye ibishobora gushika nibi:
    - azokwitoza hanyuma abantu baje mwibarabara-habe akajagari- abasirikare babarase-hanyuma coup d’etat militaire pour ramener l’ordre -abanyagihugu bace biroha mubo badasangiye umigambwe hutus et tutsis confondus babice amaraso aseseke ivyo nivyo Peter abonera kure yiyunvira ngo ni Ndadaye! none kugira ngo ivyovyose ntibishike abantu bose ni biyamirize hakiri kare ko Peter yitoza nayo ahandi le pire est inevitable.

  • Nibisanzw Guhindurirwa Amabanga.Ntibisanzw Guhorwa Iciyumviro.

  • Guhagarika Onesime Siwo Muta Ikiza Amatati Ari Cank Ashobora Kuzob Muri Cndd_fdd Ahubwo Muta Nkurunziza, Hagushaka Kuzivya Abo Butavuga rumwe Wokunva Impanuro Zabo. Nizere Ko Mwe Numugore Wawe Musenga Imana Atarinywamaraso? Nkuko Mwabivuze "Uwuzotanguza Intambara Izihere Iwe Ihere Iwe" Iryo Jambo Ntize Ricagure

  • Onesime Kuvuga Ukuri Nivyiza.Mukuru Wumugambwe Uremeje Ko Mumugambwe Twogendera Kubwoba Kandi Twiyita Abagabo?Twize Dushaka Kuragirwa Nkintama?Mukubaka Igihugu Nagira Nukuja Inama Nyakubahwa Mukuru Wigihugu Iteka Ryawe Sugutwara Igihe Kirekire!!Niragi Uzoha Abarundi Namakungu.Tekana Mutware Mubisanzw Je Mbona Warakoze Ivyo Washoboye.Agathon Na Na Nditije Na Ngayimpenda Sincuti Muri 1998 Wovyicjije?Ingorane Zigihugu Ntiwozimarira Rimwe Nibagukorere Mungata Ujane Iteka Imana Yaguteye.

  • ariko jewe ndatangaye cane kubona bakura umuvugizi wincabwenge nkurya bagashiraho uwuvuga ivyatoye nka NDABIRABIBE.nibamusubizeho vyihuta ataruko bararuguyemwo.

  • Ivyabaye muri Burkina Faso vyari bikwiye kubera isomo Abagumyabanga bamwebamwe. Abo bose bariko bagenwa ngo basubire mu bibanza vyabiyamirije manda ya 3 ya nyenicubahiro Peter,buca baja mwibarabara( abashomeri) aho buca zihindura imirisho, Abanyagihugu bamaze kwiha amabarabara. Peter ashobora guhunga nka Blaise Compaoré,abo bose bashigikiye manda yiwe ya 3, azoronka indege ibakwiye igihe azoba ariko arayanyaga? Wait and see.

  • MUTAMA ONESIME WIHANGANE IMVUGA KURI NUKO ZAMA ZIGIRIRWA ARIKO NYABENDA WE NDA BONA AGIYE KUGIRA IHEREZO RIBI

  • Onesime ni igihemu kanatsinda ntgazi insoro twariye yabonye bihiye acaraza kurya.Turazi sha ayo ntwabonye ntantambara tugishaka murayitangura mwemere murye ayo mahera babahaye ngo mushaka transition ariko cire birarura

  • Nagira Mbaz Willy Nyamitwe Niyo Ubutegetsi Bwahinduka Atakir Kwico Giti Murambariza Aho Yiteguriye Kuja

  • Nagira Mbaz Willy Nyamitwe Niyo Ubutegetsi Bwahinduka Atakir Kwico Giti Murambariza Aho Yiteguriye Kuja

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.